Aleluya.
Kristu yarazutse,
umuco wiwe waratuboneshereje,
twebwe yacunguje amaraso yiwe.
Aleluya.Â
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (3, 1-8)
Mu Bafarizayo hari umuntu yitwa Nikodemu, umushingantahe mukuru mu Bayuda. Agendera Yezu mw’ijoro, araheza amubwira ati: «Rabbi, turazi yuko wewe uri Umwigisha yatumwe n’Imana, kuko na none atawushobora kugira ibimenyetso ukora atari kumwe n’Imana.»
Yezu amwishura ati: «Ni ukuri ni ukuri ndabikubwiye: uwudasubiriye kuvuka
ntiyoshobora kubona Ubwami bw’lmana.» Nikodemu aramusubiza ati: «Umuntu yoshobora
ate kuvuka kandi asbaje? None arasubira mu nda ya nyina ngo yongere kuvuka?»
Yezu aramwishura ati: «Ni ukuri ni ukuri ndabikubwiye uwudasubiye kuvuka ku
bw’amazi na Mutima ntashobora kwinjira mu Bwami bw’Imana. Ikivyawe n’umubiri ni
umubiri; na co ikivyawe na Mutima ni umutima. Ntutangazwe n’uko ndakubwiye nti:
mubwirizwa gusubira kuvuka. Umuyaga uhuhuta aho ushaka kandi wumva ijwi ryawo,
ariko ntumenya iyo uturutse n’iyo urora; n’uwuvyawe wese na Mutima n’uko ameze.»