Patiri Laurent Nkurabanka yamenyesheje ko, we na bagenzi biwe babiri bagiye gusangira ubutumwa, ari bo Patiri Justin Nsengiyumva na Patiri Chanelle Nsengiyumva, bemeye kandi bakiriye mu bugamburutsi bwinshi amabanga bashikirijwe
Ku w'Imana igenekerezo rya 15 Munyonyo 2020, ni ho paruwase Mubimbi yari iramutse ishikirizwa icese patiri mukuru mushasha, Patiri Laurent Nkurabanka. Ni mu birori vyari vyatewe iteka n'icariho c'Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, musenyeri Anatole Ruberinyange, ari na we yari arongoye inkuka y'imisa ya kabiri yabereyemwo ivyo birori, ahagatiwe n'uwo yari aramutse ashikirizwa ayo mabanga yo kurongora iyo Paruwase, be n'abandi basaserdoti b'abashitsi.Imbere y'uko inkuka y'imisa itangura icese, Musenyeri Anatole Ruberinyange yabanje guha ikaze Nyeniteka Emmanuel Sinzohagera, arongoye inama nkenguzamateka y'igihugu c'Uburundi yari yateye iteka ivyo birori. Uwo mushitsi w'iteka, mw'ijambo yashikirije, yaramenyesheje ko leta na Ekeleziya buzuzanya muri vyinshi, ko mbere ari no muri iyo ntumbero Leta itazokwigera yirengagiza igikorwa na kimwe ca Ekeleziya, kuko izirikana ibikorwa Ekeleziya irangurira abanyagihugu mu kubaho neza.
Akaba yaraboneyeho gusaba abakristu bari aho gushishikara, nk'uko ngo basanzwe bamenyereye kubikora mu gutanga impanuro nziza no mu gufasha abakiristu mu kwubaka imitima n'imibiri yabo. Ni n'aho nyene yafatiye mu gusaba Ekleziya ko yobandanya yigisha urwaruka n'abavyeyi ku bijanye n'indero ndundi n'indero rukiristu, bakamenya ko abakiristu bahamagarirwa gukundana. Na none ngo turi abigishwa ba Yezu Kiristu. Mu bo yasabiye ko bokundwa, mbere bakanubahwa, hakaba harimwo n'indongozi z'igihugu.

Mu nsiguro y'ijambo ry'Imana yatanzwe na Musenyeri Anatole Ruberinyange, afatiye ku bisomwa vyeranda vy'uwo musi, na cane cane inkuru nziza ivuga ivy'abaronse amatarenta ngo bacururize shebuja, yamenyesheje abari aho ko Imana yabahaye amatarenta abakwiye, umwe umwe ku rugero rwiwe. Yongera amenyesha patiri mukuru mushasha, eka mbere n'abandi basaserdoti bari aho, ko baronse amatarenta, kandi ko babwirizwa kuyacuruza, bakunguka. Yongera atumirira umuryango w'abakiristu guteza imbere ingabirano Imana yabahaye, kuko ngo ivyo bafise vyose ari Imana yabibahaye, bwaba ubuzima, ubwenge, eka ivyo batunze vyose.
Yabandanyije amenyesha umuryango w'abakiristu ko patiri mukuru aje ngo basangire kwubaka umuryango w'Imana. Yagize ati: "Uyu patiri mukuru tubashikirije ni umwungere bwegu, ajejwe kwigisha, gutagatifuza no kuyobora, afadikanije n'abandi basaserdoti. Ngo azobagaburira ijambo ry'Imana, atange inyigisho nkomezakwemera; yongere akomeze n'indero rukiristu. Ikindi, ngo azokundisha umuryango w'abakiristu ijambo ry'Imana, aremeshe abari ku mpfiro, n'ibindi vyose biri mu ntumbero yo gukorera Imana n'abo yaremye.
Na we patiri Laurent Nkurabanka, mw'ijambo ryiwe, yarashimye iteka atewe ry'ukuba patiri mukuru w'iyo paruwase, yongera arakengurukira kandi na Musenyeri icegegera c'Umwepiskopi mukuru wa Diyoseze yamushikirije amabanga yo kurongora Paruwase. Araheza amenyesha ko, we na bagenzi biwe babiri bagiye gusangira ubutumwa, ari bo Patiri Justin Nsengiyumva na Patiri Chanelle Nsengiyumva, bemeye kandi bakiriye mu bugamburutsi bwinshi amabanga bashikirijwe.
Abakiristu-basangwa na bo yabasavye gushigikirana mu kwubaka Paruwase yabo, yongera abemerera ko azanye ingoga, umutima n'ugushaka, maze ivyo vyose, babishize hamwe n'ubushake bwabo, n'umutima wabo, ngo akaba yizeye ko bizokunda bagateza imbere imitima n'imibiri yabo, maze ivyamwa biheze vyiserure muri paruwase yabo. Ku bwiwe ngo amahoro, umutekano, ubumwe, n'indero runtu ngo bizoheza bishinge imizi, maze ubwami bw'Imana busasagare hose, harimwo na komine yabo, intara yabo, igihugu cabo, eka mbere n'isi yose.
Tubamenyeshe ko patiri Laurent Nkurabanka yahora ari patiri mukuru wa paruwase Rugazi, yavyawe n'iyo paruwase Mubimbi nyene. Akaba aje gusubirira nyakwigendera patiri Athanase Nsabimana aheruka kwitaba Imana.
Jean Marie Haburukundo, Paruwase Mubimbi