Habanje kubaho ukurabira hamwe uko ubutumwa busanzwe bugenda muri paruwase imwe imwe, patiri Antoine Sabushatse yaciye aja mw'ido n'ido ry'ivyihwezwa muri iyo nama
Mu ntara z'ubutumwa zo mu gisagara ca Bujumbura harabaye inama y'indemesha z'Imikangara y'Imana zo mu ntara z'ubutumwa zitiriwe Mikaheli Mweranda na Gihosha. Iyo nama yabaye ku wa gatandatu igenekerezo rya 5 Kigarama 2020, mu ntumbero y'ukwitegurira umusi mukuru wa Epifaniya, ikaba yaremeshejwe n'umusaseredoti w'Umukama, patiri Antoine Sabushatse, ajejwe ubutumwa bw'ibikorwa vya Papa vy'ugukwiza hose Inkuru Nziza ya Yezu Kristu muri Diyoseze Nkuru ya Bujumbura (OPM-Bujumbura).
Iyo nama yahuje batatu batatu muri bari mu migwi y'indemesha z'Imikangara y'Imana zo mu ntara z'ubutumwa zitiriwe Mikaheli Mweranda na Gihosha, baje bava mu maparuwase atandukanye agize izo ntara z'ubutumwa zibiri. Yatangujwe n'igisabisho be n'ukuzirikana kw'ijambo ry'Imana ryavuye mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu yanditswe na Matayo (Mat.2:1-12), aho umusaseredoti w'Umukama yasiguye ico ari co Epifaniya.
Inyuma y'ukwo kuzirikana iryo jambo ry'Imana, patiri Antoine Sabushatse yaciye akurikiza kandi kwibutsa ico ari co "Imikangara y'Imana" n'ubutumwa bw'imikangara y'Imana, yongera aributsa kahise k'ubwo butumwa, ko bwatanguriye mu gihugu c'Ubufaransa, butangujwe n'umwepiskopi Karoli Firbin Janson. Aho mu ntango, uwo mugwi ngo ryari nk'ishirahamwe yise "Igikorwa ceranda c'abana".
Na ho mu Burundi, ubwo butumwa ngo bwahashitse buzanywe na Nyenicubahiro Musenyeri Mikaheli Ntuyahaga, ari na we ngo yahinduye izina ry'uwo mugwi, arikura mu gifaransa, arishira mu Kirundi, agaca atora izina "Imikangara y'Imana".
Ngo mu kuvuga "Umukangara", uwo mwepiskopi ngo yafatiye ku mvugo y'aho ha mbere, aho ngo "abakangara" baba ari abasore bategurirwa ku kirimba c'umwami, kugira ngo arwanye n'umwansi w'igihugu bazomurwanirire. Ngo ni aho rero uwo Mwepiskopi na we ngo yaciye afatira aho nyene, maze abona ko urwo rwaruka rwoba urwo kurwanira Kristu, rurwanya umwansi shetani.
Nk'uko intumbero nyamukuru y'iyo nama yari iy'ukwitegurira umusi mukuru wa Epifaniya, patiri Antoine Sabushatse yaciye aja mw'ido n'ido ry'ivyihwezwa muri iyo nama. Ariko habanje kubaho ukurabira hamwe uko ubutumwa busanzwe bugenda muri paruwase imwe imwe, nimba imikangara y'Imana yose yoba ironka inyigisho nk'uko bikwiye, canke ironka imisa n'ibiburiburi rimwe mu kwezi, canke kandi nimba abaririmvyi b'Inyenyeri batwara akanyamuneza k'Umukiza yatuvukiye.
Aho na ho amaparuwase nka yose ku yari yitavye iyo nama yaravuze ko ibikorwa vyagenze neza. Mu kuvyemeza, abafashe amajambo bagiye baravuga mbere ko hari n'aho ubutumwa bwabo butaherera mu nyigisho z'ukwemera gusa, ahubwo ko ngo iyo haba hageze mu ci, wasanga baca babafasha iyo mikangara y'Imana mu kuyigisha inyifato runtu na rukiristu.
Ariko kandi ngo vyose ntivyaba vyera ngo de, kuko ngo hariho n'ahandi wasanga hibonekeza abavyeyi baba batarategera neza ico gikorwa c'imikangara y'Imana. Ivyo ngo bikaba vyaca bibera intambamyi indemesha z'Imikangara y'Imana zaba zirangurira ubutumwa muri iyo paruwase vyaba bishikiye.
Ngaha uturorero twatanzwe ni utwo muri paruwase yo mu Ruziba kumwe, be no mu bwibutsamana bw'igipolisi, muri paruwase yabwo yitiriwe Kristu Umwami yo mu Ngagara. Mbere nko muri paruwase Gihosha hoho, izo ndemesha z'Imikangara y'Imana zaramenyesheje ko ziri mu nteguro y'ukuhashinga uwo mugwi, kuko ngo utahahora.
Bonté Divine Mugisha, OPM-Bujumbura