OPM >
Uko abana bari mu mikangara y'Imana yo muri paruwase Nyakabiga bamenyesheje Inkuru Nziza y'ivyo Inyeyeri nshasha yaberetse
Itariki: 5/1/2021Ababisomye 4029 Vyamenyekanishijwe na : NIBITANGA Michel
Abo bana, n'ubutumwa nk'ubwabamajusi, barajana Inkuru Nziza mu mihana y'abanyagihugu, bakavuga ivyo Inyeyeri nshasha yaberetse, bongera bahezagira ingo z'ababakiriye zose
Mu ntumbero yo gutwara akanyamuneza ka Noel mu mihana nk'abaririmvyi b'inyenyeri, abana bari mu mikangara y'Imana yo muri paruwase Mukiza Mweranda mu Nyakabiga barahuriye kuri paruwase iwabo, ku wa gatandatu igenekerezo rya 2 Nzero 2021, ngo barangure ubutumwa bw'ukumenyesha Inkuru Nziza y'Inyenyeri nshasha yababonekeye. Abo bana, n'ubutumwa nk'ubwabamajusi, kuri uwo musi bakaba barajana Inkuru Nziza mu mihana y'abanyagihugu bo mu Nyakabiga, bavuga ivyo Inyeyeri nshasha yaberetse, bongera bahezagira ingo z'ababakiriye zose.

Imbere yo kuja kumenyesha iyo Nkuru Nziza, babanje kuja kugira igisabisho, maze patiri mukuru aca arabarungika mu butumwa. Inyuma y'aho, baciye baja mu vyo kwigabura, kugira ngo bashobore kuja mu ma karitiye yose agize zone Nyakabiga: bamwe bagiye muri Nyakabiga ya mbere, iya kabiri n'iya gatatu, abandi na bo baja muri Jabe ya mbere, iya kabiri n'iya gatatu, abandi baja mu ruhande rumwe rwa Bwiza.

Kuri abo bose, ubutumwa bwari bumwe: bagenda baraririba, bashitse ku muhana bakadodora, hanyuma bakagira igisabisho, hanyuba bagahezagira urwo rugo bavuga bati: «Inyeyeri nshasha yaratweretse inzira, turi ba bami b'abamajusi, tuje tuva kure cane; mu nzira yacu ya hano kw'isi twarahuye n'abana, abana banyazwe iteka ryabo: aho gukina birirwa barasabiriza agakate, aho kwiga birirwa mw'ibarabara, aho kuririmba bajanwa mu ntambara».

Babandanya bavuga bati: «Umwana yavukiye i Betlehemu atubwira ati: "ubuhirwe ni uburenganzira bw'umuntu uwo ari we wese, ntidushobora kubaheba; Imana nihezagire runo rugo, kandi yongere yame ibaherekeza hose muri uyu mwaka mushasha w'2021 dutanguye!»

Umwe mu ndemesha yaca asigurira abari muri urwo rugo igikorwa abo bana bakora, kandi ko bashaka no kwegeranya agatererano k'abana bagowe bari mw'ibarabara. Aho na ho, umw'umwe wese yatanga ico afise. Mu nyuma abo bana baca bamanika akanyeyeri kanditseko ngo: «Amahoro nabe muri ino nzu n'abari muri yo bose!»

Baca bandika ku muryango ngo: 20*K+A+R+U+21, bisigura ngo: (*) Inyenyeri nshansha yabonekeye abamajusi, (K) Kristu (A) ahezagire (R) uru rugo muri (U) uyu mwaka (21) w'2021, kw'izina rya Data, n'irya Mwana, n'irya Mutima-Mweranda, Amen! Akamenyetso (+) na ko kagasigura urumenyesto rw'Umusalaba. Abo bana bagaca bamanika inyenyeri yanditseko iti: «Amahoro nabe muri ino nzu, kumwe no mu mitima y'abayibamwo bose!». Bakabona kuja mu wundi muhana. Gutyo, gutyo!

Mwomenya ko imihana abo bana bajamwo yose yaba ari imihana y'abaje kwiyandikisha kw'i paruwase. Ariko, nk'uko twagiye turabibona, hakaba haraboneka abataba biyandikishije, ariko kubera bababonye abo bana barenganye, bagaca babahamagara na bo ngo babamenyeshe iyo Nkuru Nziza.

Twobamenyesha kandi ko umugirwa nk'uwo wabaye no muri paruwase Kamenge. Na ho nyene abana babigenza nk'uko, ariko bobo bakaba bagenda inzu ku nzu, babanje kwigabura mu migwi, kubera ko zone Kamenge ari nini, kugira ngo bikunde baje heshi hashoboka.

BontĂ© Divine Mugisha, ku bw'ibiro vy'ibikorwa vya Papa muri Dioseze Nkuru ya Bujumbura 
Ivyiyumviro

Aleluya, aleluya.

Umukama yavuze ati: «Ewe Toma, wemeye kuko umbonye.

Hahiriwe abazokwemera ata co barinze kubona.»

Aleluya.

 

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (20, 19-31)

Imisi umunani iheze, Yezu araza

Ku mugoroba w’uyo musi ari wo mubarwa wa mbere w’indwi, mu nzu yarimwo abigishwa, bari bakinze inzugi ku gutinya Abayuda. Niho rero Yezu yaza, ahagarara hagati muri bo, ababwira ati: «Nimugire amahoro!» Avuze atyo, abereka ibiganza vyiwe n’urubavu rwiwe. Abatumwa ngo babone Umukama, barahimbarwa.

Yongera ababwira ati: «Nimugire amahoro! Kumwe Data yantuma, nanje ni ko ndabatumye.» Ababwiye ivyo, arabahuha ati : « Nimuronke Mutima Mweranda. Abo muzorekurira ibicumuro, bazoba babirekuriwe, abo muzobigumizako na bo, bizobagumako.»

Aho Yezu yaza, Toma, umwe wo muri bamwe Cumi na babiri, ari we bita Didimo, ntiyari muri bo. Abandi bigishwa bamubwiye bati: «Twabonye Umukama», abishura ati: «Ntiboneye mu biganza vyiwe intoboro za ya misumari, ngo nshire urutoke mu ntoboro zayo, n’urushi mu rubavu rwiwe, sinzokwemera.»

Imisi umunani iheze, abigishwa basubira guteranira muri ya nzu, na Toma bari kumwe. Yezu araza, inzugi zugaye, ahagarara hagati muri bo ati: «Nimugire amahoro!» Hanyuma abwira Toma ati: «Shira urutoke ngaha: ng’ibi ibiganza vyanje; zana urushi rwawe kandi urushire mu rubavu rwanje: ureke rero kuba ikigaba, ariko wemere.»

Toma amwishura ati: «Mukama wanje, Mana yanje!» Yezu na We amwishura ati: «Ewe Toma, wemeye kuko umbonye: hahiriwe abazokwemera ata co barinze kubona.»

Hari n’ibindi bimenyetso vyinshi bitanditswe muri iki gitabu Yezu yagiriye imbere y’abigishwa biwe. Ivyo rero vyanditswe ngo mwemere ko Yezu ari Kristu Umwana w’Imana, kugira kandi ngo muvyemeye, muronke ubuzima kw’izina ryiwe.

Rondera
Urutonde rw'Imisa
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi),  7h00 (en Kirundi),  8h15 (en Français),  10h00 (en Kirundi),  12h00 (parfois, possibilitĂ© d'une messe circonstancielle, en Kirundi), 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 Ă  8h00
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi : 17h30
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
B. Adoration
Jeudi : 18h00
Dimanche : 13h00 Ă  16h00
Premier vendredi du mois : toute la journée
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 Ă  16h00
Jeudi : 15h00 Ă  16h00
Vendredi : 12h00 Ă  14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi Ă  vendredi : 7h00 Ă  16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 16h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE GIHOSHA
Messes de la semaine
Lundi - Samedi : 06h30
Dimanche : 6h00, 10h30, 16h00 ( en Kirundi) 08h15 en Français
Lundi à 18h00, messe en Français, suivie de l'adoration, jusqu'à 19h00.
Vendredi : Adoration à 17h30, suivie de l'Eucharistie en Français, à 18h30
2. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 Ă  17h15
Samedi : 5h30 Ă  6h20
3. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 Ă  8h00
Deuxième lundi du mois : 17h30 à 19h00
4. PAROISSE KAMENGE
Messes
6h, 7h30, 9h00 (swahili),10h30,16h30
Gatunguru : 9h30
Nyabagere : 9h30
Muberure : 8h00, 10h00
Nyambuye : 8h00, 10h00
Gishingano : 8h00, 10h00
Buhayira : 9h30
Mbirira : 8h00
Adoration Ă  la Paroisse
Jeudi 16h30 un jour par mois
5. PAROISSE KINAMA
A. Messes
06h00 (en Kirundi), 08h00(en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
Gahahe-Carama (en Kirundi) : 07h00 et 09h30
Gasenyi (en Kirundi) : 09h00
B. Adoration
Lundi Ă  samedi de 7h00 Ă  19h00
6. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 Ă  17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
-
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi Ă  vendredi Ă  partir de 7h00 jusqu'Ă  21h30
Dimanche de 13h00 Ă  18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h15
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  8h30
Jeudi de la troisième semaine du mois : toute la journée
2. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15
3. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 Ă  6h30
4. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 Ă  7h30
5. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 15h00
6. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 Ă  17h00
7. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 Ă  10h00
8. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi Ă  14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
9. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
10. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
11. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 Ă  19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 14h00 Ă  15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
Mercredi : 17h30 (Messe en Français)
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
 Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  18h00
Premier vendredi du mois : 7h30 Ă  12h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00, 10h15
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
Mwoba mufise ico mubaza?
Tanga
Twite za CEDICOM
Twite za Papa
Facebook ya CEDICOM
Abari kumurongo : 1269
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Uburyo bwokutwakura
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Kwiyandikisha kukurontswa inkuru
Baza ikibazo
©2026. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Tanga * Karitas (abatishoboye)* Ugufasha abaseminari n'abamenyeshamana* Ukwubaka amasengero kumashure* Ugushigikira abasaserdotiUburyo bwo gufashaKoresha konte za DiyosezeMu marundi : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)Mu ma dolari : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIMu ma Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI