OPM >
Imikangara y'Imana y'i Bujumbura yahimbarije umusi mukuru wa Epifaniya ku kirimba c'Umuvyayi Bikira Mariya kiri ku musozi Siyoni mu Gikungu
Itariki: 5/1/2021Ababisomye 1533 Vyamenyekanishijwe na : NIBITANGA Michel
Abana bahuriye kuri ico kirimba ca Bikira Mariya ni abo muri paruwase zigize intara z'ubutumwa za Gihosha na Mikaheli Mweranda, bakaba baciye bashikana amashikanwa begeranije ku bw'abana bagenzi babo babayeho mu buzima bugoye kandi bataramenya Yezu Kristu
Ku musi w'Imana igenekerezo rya 03 Nzero 2021, aho muri Ekleziya hahimbazwa umusi mukuru wa Epifaniya, ukumenyekana kw'Umukama Yezu Kristu, no muri Diyoseze Nkuru ya Bujumbura uwo musi mukuru warahimbajwe, mu bawuhimbaje hakaba harimwo n'abana bari mu mugwi w'imikangara y'Imana bari mu ntara z'ubutumwa zo mu gisagara ca Bujumbura, ari zo intara y'ubutumwa ya Gihosha, be n'iyitiriwe Mikaheli Mweranda. Abo bose bakaba bahuriye ku kirimba c'Umuvyayi Bikira Mariya kiri ku musozi Siyoni mu Gikungu, kugira ngo bigine uwo musi mukuru.

Mu kwigina uwo musi mukuru wa Epifaniya, ari wo w'ukumenyekana kw'Umukama Yezu Kristu, abo bana bari mu mugwi w'imikangara y'Imana yo mu gisagara ca Bujumbura bahereye ku nkuka y'imisa yatangujwe n'urugendo rweranda, aho paruwase imwe imwe yose mu zigize izo ntara z'ubutumwa za Gihosha na Mikaheli Mweranda na zo nyene zari zaserukiwe muri urwo rugendo.

Muri urwo rugendo nyene, abana b'imikangara y'Imana bakaba bagira imbere, hanyuma abasaseredoti bagakurikira, inyuma hakaba hari Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa, ari na we yarongoye iyo Nkuka ya misa.

Urugendo ruheza, imisa yarinjiye, maze umusaserdoti ahagarariye ico kirimba ca Bikira Mariya co ku musozi Siyoni mu Gikungu aba ari we ashikiriza ijambo ry'ikaze, araheza yakira abari aho, yongera aha n'ikaze Umwepiskopi ngo arongore ico gisabisho c'Inkuka y'imisa.

Ariko imbere y'uko abandanya n'imisa, Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa na we nyene yabanje gushikiriza ijambo, abanza kwakira imikangara y'Imana yari yahuriye aho. Ni na ho hamenyekana mu bana bari aho, abo paruwase zabarungitse nk'imikangara y'Imana.

Iyo mikangara yarahamagawe, paruwase kuri paruwase. Amaparuwase yari yaserukiwe n'iyo mikangara akaba ari aya Gihosha, Kamenge, Kivoga-Tenga, Kinama, Ngagara, Buterere, Maramvya, Gatumba, Katedrale Regina Mundi, sMikaheli Mweranda, Buyenzi, Nyakabiga, Mutima w'Ubwitonzi, Kinindo, Musaga, Kanyosha, Ruziba, n'izo mu bwibutsamana bw'abapolisi n'abasirikare.

Ahejeje kubakira, Umwepiskopi Mukuru yaciye abibutsa ko ukumenyekana kwa Yezu ari umuco uje uboneshereza amakungu yose. Yagiriyeko abibutsa ko uyu mwaka bahimbajemwo Epifaniya ari umwaka udasanzwe, kuko ngo ari umwaka wugurura imyaka itanu itegura yubile y'umwakaka y'imyaka 50 ubutumwa bw'imikangara y'Imana buzoba bumaze bushitse mu Burundi; ni ukuvuga ko iyo yubile izohimbazwa mu mwaka w'2025.

Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa yaribukije kandi n'ihangiro ry'ubwo butumwa, ko ritumirira abo abo bana ko bokwiyumva nk'abatumwa ba Yezu mu Burundi no kw'isi yose, kandi ko ari abagenzi ba Yezu. Vyongeye kandi ngo bategerezwa kumuronderera n'abandi bagenzi biwe.

Ahejeje kwakira abo bana, uwo Mwepiskopi Mukuru yaciye ayobora inkuka yimisa. Mu nsiguro yatanze, yagarutse ku nsiguro y'umusi mukuru wa Epifaniya, ko ari umusi mukuru w'imikangara y'Imana, umusi kandi uza umenyesha Yezu neza na neza ko ari umwe yari yavukiye mu bukene, akavukira ahantu hadasa neza, ariko uyu musi abami batunze, bafise vyose, bakaba baje kumuraba.

Musenyeri Gerevazi banshimiyubusa yasavye abari aho ko mu vyo babayemwo vyose, abo bamajusi bobabera akarorero. Ngo abo bamajusi bobabera akarorero mu kubona ko n'aho bari batunze, babona ko bafise vyose, batagumije amaso mu vy'isi, ahubwo ko baravye n'ivyo hejuru, ari na ho baciye babona Inyenyeri ibamenyesha Inkuru Nziza.

N'abari ngaho mu Gikungu rero, nk'abakritsu, ngo barakwiye kubafatirako akarorero mu kutagumiza amaso ku vy'isi, ariko n'ivyijuru bakavyitwararika, kugira ngo baharanire ubuhirwe budahera. Ngo barabaye kandi akarorero mu gushikanira babihimbariwe uwo Mwami w'abami yari yavukiye mu bukene, kandi bakamushikanira ivyo bazanye babikuye ku mutima, batiteze ivyo abasubiriza mu nkoko, kuko na we nyene yari yavukiye mu bukene.

Ngo barababereye kandi akarorero ko kuja baramenya guhinduka iyo bavuye gusenga. Kuko ngo abo bamajusi bamaze kuronka umuco, ngo baciye bahindukira, baheba guca mu nziza mbi yo kwa Herodi bari bazananyemwo mu ntango.

Kuba urugendo bagize rwari urugendo rwamurikiwe n'Inyenyeri iri kw'ijuru na ho, ariko iyo Nyenyeri ngo ikaba yaramurika ikibanza kiri kw'isi, maze ikabereka ko Imana iri kw'isi, ngo ni ikimenyetso c'uko Imana iguma ikeneye ko abantu bayibona aha nyene kw'isi. Ngo boheza bakayibona muri barya bantu bato bato, barya barenganywa, barya bafunzwe.

Uwo mwepiskopi akaba yasozereye agaruka ku butumwa bw'imikangara y'Imana, ko ari ubwo gufasha bana bagowe, bataramenya Kristu. Abo na bo ngo ngo bakaba babafasha mu buryo butatu: kugaburira abandi bana bagowe, batagira ikibagaburira; kubasabira ku bavyeyi babo ngo bagire ico babahaye bashira abo bana bagowe; no guca mu mihana ngo babegeranirize agafashanyo ko gufasha abo bana bagowe. Araheza atera akamo iyo mikangara ko yoja iragirira agasabisho abo bandi bana bagowe, bataramenya Yezu Kristu.

Mwomenya ko mu gihe c'ihereza, abana batatu baserukiye abandi, ikimenyetso cibutsa babamajusi batatu, Gasupari, Barutazaro na Melchior bashikanira akana Yezu. Inyuma y'aho, n'abandi bana bakaba baciye bashikana amashikanwa begeranije, aho buri paruwase yose yaserukirwa n'abana batutu bikoreye ibiseke. Inkuka y'imisa iheze, bakaba baciye baja kwishikana ku Muvyeyi Bikira Mariya, aho bagize urugendo bagana agasengero ka Bikira Mariya.

BontĂ© Divine Mugisha, ku bw'ibiro ndemeshabutumwa bw'ibikorwa vya Papa muri Dioseze Nkuru ya Bujumbura 
Ivyiyumviro

Aleluya, aleluya.

Umukama yavuze ati: «Ewe Toma, wemeye kuko umbonye.

Hahiriwe abazokwemera ata co barinze kubona.»

Aleluya.

 

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (20, 19-31)

Imisi umunani iheze, Yezu araza

Ku mugoroba w’uyo musi ari wo mubarwa wa mbere w’indwi, mu nzu yarimwo abigishwa, bari bakinze inzugi ku gutinya Abayuda. Niho rero Yezu yaza, ahagarara hagati muri bo, ababwira ati: «Nimugire amahoro!» Avuze atyo, abereka ibiganza vyiwe n’urubavu rwiwe. Abatumwa ngo babone Umukama, barahimbarwa.

Yongera ababwira ati: «Nimugire amahoro! Kumwe Data yantuma, nanje ni ko ndabatumye.» Ababwiye ivyo, arabahuha ati : « Nimuronke Mutima Mweranda. Abo muzorekurira ibicumuro, bazoba babirekuriwe, abo muzobigumizako na bo, bizobagumako.»

Aho Yezu yaza, Toma, umwe wo muri bamwe Cumi na babiri, ari we bita Didimo, ntiyari muri bo. Abandi bigishwa bamubwiye bati: «Twabonye Umukama», abishura ati: «Ntiboneye mu biganza vyiwe intoboro za ya misumari, ngo nshire urutoke mu ntoboro zayo, n’urushi mu rubavu rwiwe, sinzokwemera.»

Imisi umunani iheze, abigishwa basubira guteranira muri ya nzu, na Toma bari kumwe. Yezu araza, inzugi zugaye, ahagarara hagati muri bo ati: «Nimugire amahoro!» Hanyuma abwira Toma ati: «Shira urutoke ngaha: ng’ibi ibiganza vyanje; zana urushi rwawe kandi urushire mu rubavu rwanje: ureke rero kuba ikigaba, ariko wemere.»

Toma amwishura ati: «Mukama wanje, Mana yanje!» Yezu na We amwishura ati: «Ewe Toma, wemeye kuko umbonye: hahiriwe abazokwemera ata co barinze kubona.»

Hari n’ibindi bimenyetso vyinshi bitanditswe muri iki gitabu Yezu yagiriye imbere y’abigishwa biwe. Ivyo rero vyanditswe ngo mwemere ko Yezu ari Kristu Umwana w’Imana, kugira kandi ngo muvyemeye, muronke ubuzima kw’izina ryiwe.

Rondera
Urutonde rw'Imisa
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi),  7h00 (en Kirundi),  8h15 (en Français),  10h00 (en Kirundi),  12h00 (parfois, possibilitĂ© d'une messe circonstancielle, en Kirundi), 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 Ă  8h00
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi : 17h30
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
B. Adoration
Jeudi : 18h00
Dimanche : 13h00 Ă  16h00
Premier vendredi du mois : toute la journée
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 Ă  16h00
Jeudi : 15h00 Ă  16h00
Vendredi : 12h00 Ă  14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi Ă  vendredi : 7h00 Ă  16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 16h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE GIHOSHA
Messes de la semaine
Lundi - Samedi : 06h30
Dimanche : 6h00, 10h30, 16h00 ( en Kirundi) 08h15 en Français
Lundi à 18h00, messe en Français, suivie de l'adoration, jusqu'à 19h00.
Vendredi : Adoration à 17h30, suivie de l'Eucharistie en Français, à 18h30
2. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 Ă  17h15
Samedi : 5h30 Ă  6h20
3. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 Ă  8h00
Deuxième lundi du mois : 17h30 à 19h00
4. PAROISSE KAMENGE
Messes
6h, 7h30, 9h00 (swahili),10h30,16h30
Gatunguru : 9h30
Nyabagere : 9h30
Muberure : 8h00, 10h00
Nyambuye : 8h00, 10h00
Gishingano : 8h00, 10h00
Buhayira : 9h30
Mbirira : 8h00
Adoration Ă  la Paroisse
Jeudi 16h30 un jour par mois
5. PAROISSE KINAMA
A. Messes
06h00 (en Kirundi), 08h00(en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
Gahahe-Carama (en Kirundi) : 07h00 et 09h30
Gasenyi (en Kirundi) : 09h00
B. Adoration
Lundi Ă  samedi de 7h00 Ă  19h00
6. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 Ă  17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
-
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi Ă  vendredi Ă  partir de 7h00 jusqu'Ă  21h30
Dimanche de 13h00 Ă  18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h15
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  8h30
Jeudi de la troisième semaine du mois : toute la journée
2. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15
3. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 Ă  6h30
4. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 Ă  7h30
5. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 15h00
6. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 Ă  17h00
7. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 Ă  10h00
8. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi Ă  14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
9. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
10. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
11. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 Ă  19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 14h00 Ă  15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
Mercredi : 17h30 (Messe en Français)
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
 Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  18h00
Premier vendredi du mois : 7h30 Ă  12h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00, 10h15
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
Mwoba mufise ico mubaza?
Tanga
Twite za CEDICOM
Twite za Papa
Facebook ya CEDICOM
Abari kumurongo : 78
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Uburyo bwokutwakura
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Kwiyandikisha kukurontswa inkuru
Baza ikibazo
©2026. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Tanga * Karitas (abatishoboye)* Ugufasha abaseminari n'abamenyeshamana* Ukwubaka amasengero kumashure* Ugushigikira abasaserdotiUburyo bwo gufashaKoresha konte za DiyosezeMu marundi : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)Mu ma dolari : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIMu ma Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI