Ubwo nta soni kubona muborerwa mw'Ikarema?
Itariki: 26/2/2021Ababisomye 2978 Vyamenyekanishijwe na : NIBITANGA Michel
Ni inkuru y'umugabo umwe yemera Imana, kandi yari yaranaronse n'ibatisimu, ariko akaba yakunda cane utwo kunywa; aya ni ayo yabonye aborewe mu gihe c'Ikarema...!
Hari umugabo umwe yemera Imana, kandi yari yaranaronse n'ibatisimu. Yakunda gufungura ibintu vyinshi, kandi agakunda n'ibinyobwa cane (ubona ko ku bakristu, igihe c'Ikarema kirangwa cane cane n'ukugira utwigoro mu kwisonzesha, mu gusenga no gusabikanya n'abatagira ico biha.
Agasangwa uwo mugabo na we yari yarigiriye inama y'ukugira utwo twigoro. Ni ho rero yaca avuga ko agiye kuja aranywa inzoga rimwe mu ndwi, akagabanya n'ivyo yahora afungura, kugira ngo ivyo agabanije abihe abatagira na kimwe.
Umunsi umwe rero haza umugabo bahora basangira inzoga mu kabare. Uno mugabo yari aje kumuhitana, amubwira ati: «Naronse irengwe, ingo tuje kurisangira!» Uwuri uwundi ati: «Oya, ntibikunda, turipfunze.» Arasubira ati: «None muzopfungura ryari?» Yishura ati: «Kuri Pasika.»
Yongera ati: «Ico gihe rero muzonywa, kandi mufungure vyinshi, ko muzoba mumaze igihe kinini mutanywa kandi mutarya vyinshi?» Na we ati: «Tuzogira umunsi mukuru gusa, kandi na wewe uratumiwe.»
Hanyuma ariko aritembereza abona wa mugenzi aho yicaye, mu kabare. Hari ku wa gatanu. Biramwanka mu nda...! Mwumvise ko yakunda utwo anywa. Ku ruhande rumwe, akibuka ko ari umukristu...! Agatima kakamwankira. Ariko yabona ukuntu mugenzi wiwe aguma asoma, akutsa, asubira agasoma, hoho biranka gose...!
Vyakabaye kera, arakira na we, arasoma...! Aho hose yibwira ngo ni ukwimara inambu gusa, ace areka. Ariko vyaranse, no kwicara arahava aricara. Baranywaaa, barasubiraaa...!
Bugingo babona ko baborewe, barahava barataha. Ariko, mu nzira bagenda barakumbagara hasi. Ni ho bariko baragenda hari uwundi mukristu yababonye, harimwo na wa wundi yahora yubaha Imana.
Uyu ababonye aca ababwira ati: «Ubwo nta soni, kubona muborerwa mw'Ikarema?» Umwe muri bo aca yishura ati: «Oya, ntituborewe! Aha ubona, ahubwo riho turiko turikumbagaza nk'ikimenyetso c'ukwicisha bugufi, kubera ko iyo Karema idusaba kwibabaza.»
Marie Rose Ngendakumana, CEDICOM
Ivyiyumviro