Isanamu ya Yezu Munyakigongwe, bumwe mu butumwa Mama Faustina mweranda yahawe budusaba kuyubaha, kuko yibutsa ikigongwe c'Imana
Itariki: 13/4/2021Ababisomye 8234 Vyamenyekanishijwe na : NIBITANGA Michel
Ubutumwa Mama Faustina mweranda yahawe na Yezu bwerekeye iyo sanamu bugira buti: «Nshaka ko yokwubahwa kw'isi yose», akaba yarifashisha iyo sanamu mu kwambaza ikigongwe c'Imana mu asabira isi yose, na cane cane abacumuzi, akongera akifashisha kandi n'ishapule y'ikigongwe c'Imana
Bavukanyi dusangiye ukwemera, mu gihe tucibuka aho ku w'Imana twahimbaje umusi mukuru mpuzamakungu w'Ikigongwe c'Imana mu kuzirikana kandi ko ico kigongwe caniseruriye vy'umwihariko muri «Yezu Munyakigongwe», ni muri ukwo kuzirikana ico kigongwe c'Imana n'ubu dushimye kuzirikana no ku butumwa Mama Faustina mweranda yahawe na Yezu bwerekeye Isanamu ya Yezu Munyakigongwe, aho adusaba kwubaha isanamu ya Yezu Munyakigongwe.

Ubutumwa Mama Faustina mweranda yahawe na Yezu bwerekeye Isanamu ya Yezu Munyakigongwe bugira buti: Â«Nshaka ko yokwubahwa kw'isi yose», ivyo ni ivyo Yezu Kristu yahishuriye ubwiwe umubikira Mama Faustina mweranda, avuga kw'isanamu yiwe. Umukama araheza abihishurira uwo Fausitina Kowalusika, aho yamuha ubutumwa bw'ikigongwe c'Imana ngo abugeze ku batuye isi bose, mbere anababere akarorero k'uguhinduka nyakwo ngo bemere Imana, bongere bahayagize ikigongwe cayo, banakigirire n'abandi, mbere banakibigishe.

Fausitina Kowalusika yavutse ku wa 25 Myandagaro 1905, avuka ari umwana agira uwa gatatu mu muryango wa Sitanisilasi na Marianna, abarimyi-borozi b'i Glogowiec. Igihe Fausitina bamubatiza, bamwise Helene; izina rya Mama Faustina akaba yarironse aho yihebera Imana.

Kuva mu bwana bwiwe, Mama Faustina yaranzwe no gukunda gusenga, kwihangana, kwubaha no kugirira ikigongwe abababaye bose. Ku myaka icenda ni ho yahawe isakaramentu ry'Ukarisiya, ariko akaba yariyumvisemwo cane ko yakiriye Umukama mu buzima bwiwe.

Mu mashure yize, ntiyarengeje imyaka itatu, kuko yaciye ava mu muryango wiwe, aja kurondera akazi ngo awufashe kubaho. Hagati aho yahavuye yiyumvamo umuhamagaro w?ukwihebera Imana, n'ubwo abavyeyi biwe batabimwororerejemwo. Ariko kubera ko yazirikana cane ku bubabare Yezu Kristu yagize, yarafashe ingingo y'ukuja i Varisoviya, maze ku wa 01 Myandagaro 1925, araheza yinjira mu muryango w'ababikira bisunze Umugabekazi w'ikigongwe (Congrégation des Soeurs de Notre Dame de la Miséricorde). Ni na ho amaze kuba umubikira yaciye yitwa Mama Fausitina.

Mu butumwa bwiwe, Mama Fausitina yakirana umutima w'ubugwaneza n'urukundo abamugana bose, harimwo n'ababa batamwishimiye. Kukaba nka ko, ubuzima bwiwe rukristu bwari bushingiye ku kigongwe c'Imana. Ukwo kwitwararika n'ugutabaza ikigongwe c'Imana ni vyo mbere vyamufashije kurushirizaho kwumva ko ari umwana akunzwe w'Imana, maze bimukaburira kwiyemeza kugirira abandi ikigongwe no kuba umutumwa w'ikigongwe, kugira ngo agarukane ku Mukama imitima yazimiye.

Mama Fausitina yari afise ubutumwa twoshira mu ngingo zitatu: ubutumwa bwa mbere bwari ubw'ukumenyesha abantu ukuri ku vyanditswe vyeranda ku rukundo n'ikigongwe Imana ifitiye buri muntu.

Ubutumwa bwa kabiri bwari ubw'ukwambaza ikigongwe c'Imana mu gusabira isi yose, na cane cane abacumuzi, yifashishije uburyo bworoshe. Uburyo yifashisha mu gusenga bwari isanamu ya Yezu Munyakigongwe yanditseko «Yezu ndakwizigiye», umusi mukuru w'ikigongwe c'Imana (uba kw'idominika ya mbere ya Pasika), be n'ishapule y'ikigongwe c'Imana, akagira rero n'igisabisho co kw'isaha y'ikigongwe, kivugwa buri musi kw'isaha y'icenda y'umuhingamo.

Ubutumwa bugira ubwa gatatu na bwo bukaba bwari ubw'ugushinga umuryango wambaza ikigongwe c'Imana wabwirizwa gukwira hirya no hino kw'isi ngo umenyereze abantu kwambaza no kwizigira ikigongwe c'Imana.

Mu kurangiza ubuzima bwiwe, Mama Faustina akaba yahitanywe n'indwara ahanini yamusonze kubera ububabare yagira mu kwitanga kwa cane. Yitavye Imana ku wa 05 Gitugutu1938, ku myaka 33. Ubuninahazwa bw'ubweranda yaharaniye bukaba butuma mbere n'abamwihekako mu bisabisho ngo abasabire, babona ivyo basaba.

Umukama Yezu rero, mu vyo yabwiye Mama Faustina mweranda akiriho, hejuru y'uko ashaka ko isanamu ya «Yezu Munyakigongwe», yokwubahwa kw'isi yose, yarongeyeko ko abantu batazoronka amahoro nibatirukira ikigongwe ciwe ngo bateko banacizigire. Araheza amutuma kubwira abantu bose basinzikajwe n'ububabare ko nibiyegeka ku Mushaha wiwe wuzuye ikigongwe, azoheza akabuzuzamwo amahoro.

Ikindi Umukiza yamenyesheje Mama Faustina mweranda ni ishapule y'ikigongwe c'Imana, be n'ivyo abazovuga iyo shapule y'ikigongwe c'Imana bazoronka: Â«Imitima yose izovuga iyi shapule izoshwarwa n'ikigongwe canje ikiri kw'isi, cane cane mu gihe c'ugucikana». Mu gihe iyo shapule ivugiwe iruhande y'uwuriko aracikana na ho, ishavu ry'Imana rizocureha, maze ikigongwe c'agatangaza kishikire umutima wiwe ku bw'ukubabara kwa Yezu Kristu Umwana w'Imana.

Igihe cose rero umuntu avyipfuje, arashobora kuvuga iyo shapule, ariko ibihe iba intibagirwa hakaba ari ku gihe c'isaha icenda (ku bakunda guhimbaza iyo saha y'ikigongwe c'Imana), be no mu gihe c'imisi icenda (Neuvaine) y'ukwambaza ikigongwe c'Imana, gitangura kuva ku musi wa gatanu mweranda, be kandi no ku musi mukuru w'ikigongwe c'Imana. 

Tubamenyeshe ko mu bigize isanamu ya «Yezu Munyakigongwe» hariko ishusho yiwe, be n'imishwarara y'umuco uzanana mu Mushaha wiwe, be kandi n'ivyandiko bigira biti: Â«Yezu ndakwizigiye». Imishwarara yera ikaba yibutsa amazi ava mu rubavu rwa Yezu atyorora imitima mu kuyikiza akabi k'ibicumuro, Imishwarara itukura na yo ikibutsa amaraso ava mu rubavu rwa Yezu, ari yo buzima bw'umutima.

Dawe wamaho, ndaguhereje Umubiri n'amaraso, umutima n'ubumana vy'umwana wawe ukunda cane, Umukama wacu Yezu Kristu, kugira ngo twishure ibicumuro vyacu, n'ivy'isi yose. Kubw'ukubabara kwiwe, tugirire ikigongwe, kandi ukigirire n'isi yose! Namwe Maraso n'Amazi biva mu mushaha wa Yezu nk'isoko ry'ikigongwe atugirira, ndabizigiye!

Michel Nibitanga, CEDICOM
Ivyiyumviro

Aleluya. Kristu yarazutse; umuco wiwe waratuboneshereje, twebwe yacunguje atnaraso yiwe. Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 52-59)

Muri irya misi,

Abayuda baja mu gaharira, bavuga bati: «Uwo ashobora ate kuduha umubiri wiwe ngo tuwufungure?» Yezu arababwira rero ati: «Ni ukuri ni ukuri ndabibabwiye: mudafunguye umubiri w’Umwana w’umuntu, ntimunywe n’amaraso yiwe, nta buzima muzogira. Uwufungura umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje, arafise ubuzima budahera. Nanje rero nzomuzura ku musi w’imperuka. Na none umubiri wanje ni imfungurwa y’ukuri, amaraso yanje na yo ni inyobwa y’ukuri. Uwufungura umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje, aba muri jewe, nanje nkaba muri we. Nk’uko Data Nyenubuzima yantumye ari we ambeshaho, ni ko n’uwumfunguye ndamuha ubuzima. Uyo rero ni wo mukate wamanutse uva mw’ijuru. Ntumeze nk’umwe basokuru banyu bafunguye, hanyuma bagapfa. Uwuzofungura uyo mukate azoramba mu myaka yose.»

Ivyo Yezu yabivuze yigishiriza mw’isinagoga i Kafaranawumi.  

Rondera
Urutonde rw'Imisa
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi),  7h00 (en Kirundi),  8h15 (en Français),  10h00 (en Kirundi),  12h00 (parfois, possibilitĂ© d'une messe circonstancielle, en Kirundi), 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 Ă  8h00
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi : 17h30
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
B. Adoration
Jeudi : 18h00
Dimanche : 13h00 Ă  16h00
Premier vendredi du mois : toute la journée
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 Ă  16h00
Jeudi : 15h00 Ă  16h00
Vendredi : 12h00 Ă  14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi Ă  vendredi : 7h00 Ă  16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 16h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE GIHOSHA
Messes de la semaine
Lundi - Samedi : 06h30
Dimanche : 6h00, 10h30, 16h00 ( en Kirundi) 08h15 en Français
Lundi à 18h00, messe en Français, suivie de l'adoration, jusqu'à 19h00.
Vendredi : Adoration à 17h30, suivie de l'Eucharistie en Français, à 18h30
2. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 Ă  17h15
Samedi : 5h30 Ă  6h20
3. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 Ă  8h00
Deuxième lundi du mois : 17h30 à 19h00
4. PAROISSE KAMENGE
Messes
6h, 7h30, 9h00 (swahili),10h30,16h30
Gatunguru : 9h30
Nyabagere : 9h30
Muberure : 8h00, 10h00
Nyambuye : 8h00, 10h00
Gishingano : 8h00, 10h00
Buhayira : 9h30
Mbirira : 8h00
Adoration Ă  la Paroisse
Jeudi 16h30 un jour par mois
5. PAROISSE KINAMA
A. Messes
06h00 (en Kirundi), 08h00(en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
Gahahe-Carama (en Kirundi) : 07h00 et 09h30
Gasenyi (en Kirundi) : 09h00
B. Adoration
Lundi Ă  samedi de 7h00 Ă  19h00
6. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 Ă  17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
-
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi Ă  vendredi Ă  partir de 7h00 jusqu'Ă  21h30
Dimanche de 13h00 Ă  18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h15
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  8h30
Jeudi de la troisième semaine du mois : toute la journée
2. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15
3. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 Ă  6h30
4. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 Ă  7h30
5. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 15h00
6. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 Ă  17h00
7. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 Ă  10h00
8. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi Ă  14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
9. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
10. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
11. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 Ă  19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 14h00 Ă  15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
Mercredi : 17h30 (Messe en Français)
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
 Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  18h00
Premier vendredi du mois : 7h30 Ă  12h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00, 10h15
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
Mwoba mufise ico mubaza?
Tanga
Twite za CEDICOM
Twite za Papa
Facebook ya CEDICOM
Abari kumurongo : 183
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Uburyo bwokutwakura
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Kwiyandikisha kukurontswa inkuru
Baza ikibazo
©2024. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Tanga * Karitas (abatishoboye)* Ugufasha abaseminari n'abamenyeshamana* Ukwubaka amasengero kumashure* Ugushigikira abasaserdotiUburyo bwo gufashaKoresha konte za DiyosezeMu marundi : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)Mu ma dolari : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIMu ma Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI