Ubutumwa Mama Faustina mweranda yahawe na Yezu bwerekeye iyo sanamu bugira buti: «Nshaka ko yokwubahwa kw'isi yose», akaba yarifashisha iyo sanamu mu kwambaza ikigongwe c'Imana mu asabira isi yose, na cane cane abacumuzi, akongera akifashisha kandi n'ishapule y'ikigongwe c'Imana
Bavukanyi dusangiye ukwemera, mu gihe tucibuka aho ku w'Imana twahimbaje umusi mukuru mpuzamakungu w'Ikigongwe c'Imana mu kuzirikana kandi ko ico kigongwe caniseruriye vy'umwihariko muri «Yezu Munyakigongwe», ni muri ukwo kuzirikana ico kigongwe c'Imana n'ubu dushimye kuzirikana no ku butumwa Mama Faustina mweranda yahawe na Yezu bwerekeye Isanamu ya Yezu Munyakigongwe, aho adusaba kwubaha isanamu ya Yezu Munyakigongwe.
Ubutumwa Mama Faustina mweranda yahawe na Yezu bwerekeye Isanamu ya Yezu Munyakigongwe bugira buti: «Nshaka ko yokwubahwa kw'isi yose», ivyo ni ivyo Yezu Kristu yahishuriye ubwiwe umubikira Mama Faustina mweranda, avuga kw'isanamu yiwe. Umukama araheza abihishurira uwo Fausitina Kowalusika, aho yamuha ubutumwa bw'ikigongwe c'Imana ngo abugeze ku batuye isi bose, mbere anababere akarorero k'uguhinduka nyakwo ngo bemere Imana, bongere bahayagize ikigongwe cayo, banakigirire n'abandi, mbere banakibigishe.
Fausitina Kowalusika yavutse ku wa 25 Myandagaro 1905, avuka ari umwana agira uwa gatatu mu muryango wa Sitanisilasi na Marianna, abarimyi-borozi b'i Glogowiec. Igihe Fausitina bamubatiza, bamwise Helene; izina rya Mama Faustina akaba yarironse aho yihebera Imana.
Kuva mu bwana bwiwe, Mama Faustina yaranzwe no gukunda gusenga, kwihangana, kwubaha no kugirira ikigongwe abababaye bose. Ku myaka icenda ni ho yahawe isakaramentu ry'Ukarisiya, ariko akaba yariyumvisemwo cane ko yakiriye Umukama mu buzima bwiwe.
Mu mashure yize, ntiyarengeje imyaka itatu, kuko yaciye ava mu muryango wiwe, aja kurondera akazi ngo awufashe kubaho. Hagati aho yahavuye yiyumvamo umuhamagaro w?ukwihebera Imana, n'ubwo abavyeyi biwe batabimwororerejemwo. Ariko kubera ko yazirikana cane ku bubabare Yezu Kristu yagize, yarafashe ingingo y'ukuja i Varisoviya, maze ku wa 01 Myandagaro 1925, araheza yinjira mu muryango w'ababikira bisunze Umugabekazi w'ikigongwe (Congrégation des Soeurs de Notre Dame de la Miséricorde). Ni na ho amaze kuba umubikira yaciye yitwa Mama Fausitina.
Mu butumwa bwiwe, Mama Fausitina yakirana umutima w'ubugwaneza n'urukundo abamugana bose, harimwo n'ababa batamwishimiye. Kukaba nka ko, ubuzima bwiwe rukristu bwari bushingiye ku kigongwe c'Imana. Ukwo kwitwararika n'ugutabaza ikigongwe c'Imana ni vyo mbere vyamufashije kurushirizaho kwumva ko ari umwana akunzwe w'Imana, maze bimukaburira kwiyemeza kugirira abandi ikigongwe no kuba umutumwa w'ikigongwe, kugira ngo agarukane ku Mukama imitima yazimiye.
Mama Fausitina yari afise ubutumwa twoshira mu ngingo zitatu: ubutumwa bwa mbere bwari ubw'ukumenyesha abantu ukuri ku vyanditswe vyeranda ku rukundo n'ikigongwe Imana ifitiye buri muntu.
Ubutumwa bwa kabiri bwari ubw'ukwambaza ikigongwe c'Imana mu gusabira isi yose, na cane cane abacumuzi, yifashishije uburyo bworoshe. Uburyo yifashisha mu gusenga bwari isanamu ya Yezu Munyakigongwe yanditseko «Yezu ndakwizigiye», umusi mukuru w'ikigongwe c'Imana (uba kw'idominika ya mbere ya Pasika), be n'ishapule y'ikigongwe c'Imana, akagira rero n'igisabisho co kw'isaha y'ikigongwe, kivugwa buri musi kw'isaha y'icenda y'umuhingamo.
Ubutumwa bugira ubwa gatatu na bwo bukaba bwari ubw'ugushinga umuryango wambaza ikigongwe c'Imana wabwirizwa gukwira hirya no hino kw'isi ngo umenyereze abantu kwambaza no kwizigira ikigongwe c'Imana.
Mu kurangiza ubuzima bwiwe, Mama Faustina akaba yahitanywe n'indwara ahanini yamusonze kubera ububabare yagira mu kwitanga kwa cane. Yitavye Imana ku wa 05 Gitugutu1938, ku myaka 33. Ubuninahazwa bw'ubweranda yaharaniye bukaba butuma mbere n'abamwihekako mu bisabisho ngo abasabire, babona ivyo basaba.
Umukama Yezu rero, mu vyo yabwiye Mama Faustina mweranda akiriho, hejuru y'uko ashaka ko isanamu ya «Yezu Munyakigongwe», yokwubahwa kw'isi yose, yarongeyeko ko abantu batazoronka amahoro nibatirukira ikigongwe ciwe ngo bateko banacizigire. Araheza amutuma kubwira abantu bose basinzikajwe n'ububabare ko nibiyegeka ku Mushaha wiwe wuzuye ikigongwe, azoheza akabuzuzamwo amahoro.
Ikindi Umukiza yamenyesheje Mama Faustina mweranda ni ishapule y'ikigongwe c'Imana, be n'ivyo abazovuga iyo shapule y'ikigongwe c'Imana bazoronka:
«Imitima yose izovuga iyi shapule izoshwarwa n'ikigongwe canje ikiri kw'isi, cane cane mu gihe c'ugucikana». Mu gihe iyo shapule ivugiwe iruhande y'uwuriko aracikana na ho, ishavu ry'Imana rizocureha, maze ikigongwe c'agatangaza kishikire umutima wiwe ku bw'ukubabara kwa Yezu Kristu Umwana w'Imana.
Igihe cose rero umuntu avyipfuje, arashobora kuvuga iyo shapule, ariko ibihe iba intibagirwa hakaba ari ku gihe c'isaha icenda (ku bakunda guhimbaza iyo saha y'ikigongwe c'Imana), be no mu gihe c'imisi icenda (Neuvaine) y'ukwambaza ikigongwe c'Imana, gitangura kuva ku musi wa gatanu mweranda, be kandi no ku musi mukuru w'ikigongwe c'Imana.
Tubamenyeshe ko mu bigize isanamu ya «Yezu Munyakigongwe» hariko ishusho yiwe, be n'imishwarara y'umuco uzanana mu Mushaha wiwe, be kandi n'ivyandiko bigira biti: «Yezu ndakwizigiye». Imishwarara yera ikaba yibutsa amazi ava mu rubavu rwa Yezu atyorora imitima mu kuyikiza akabi k'ibicumuro, Imishwarara itukura na yo ikibutsa amaraso ava mu rubavu rwa Yezu, ari yo buzima bw'umutima.
Dawe wamaho, ndaguhereje Umubiri n'amaraso, umutima n'ubumana vy'umwana wawe ukunda cane, Umukama wacu Yezu Kristu, kugira ngo twishure ibicumuro vyacu, n'ivy'isi yose. Kubw'ukubabara kwiwe, tugirire ikigongwe, kandi ukigirire n'isi yose! Namwe Maraso n'Amazi biva mu mushaha wa Yezu nk'isoko ry'ikigongwe atugirira, ndabizigiye!
Michel Nibitanga, CEDICOM