Ni nde muvyeyi atosimbwa umutima n'uko umwana wiwe arwaye canke yatakaye? No ku Mana, nk'Umuvyeyi wa twese, ni ko bimeze: mu buzima bwacu, Imana irababarana natwe, iratuntuzwa n'amagorwa yacu n'ibicumuro vyacu. Mu buryo bwinshi, iratwereka ko itwama hafi, kuko idukunda; iratwereka ikigongwe cayo, iratwengenga mu magara make yacu no mu ntege nke zacu, mbere ikanaturekurira ibicumuro vyacu. Ni ngombwa rero ko tuzirikana aho ikigongwe tugirirwa cazananye.
(Amamuko 1,27). Imana yaremye umuntu ngo agabe ibiri kw'isi vyose, maze kubera urukundo imufitiye ica imwishushanyako. Mbere imuha kuganza, imuha n'ubwenge bwo gutandukanya ikibi n'iciza.
Ariko abavyeyi ba mbere, Adamu na Eva, barahenzwe na shetani yaje mw'ishusho y'inzoka, maze barya icamwa Imana yari yababujije, icaha ca mbere kiba kirinjiye, mbere kibakwegera n'urupfu.
Ku bw'ikigongwe Imana yari ibafitiye, ntiyaciye ibica, ariko kuko yuzuye imbabazi n'ikigongwe, yaciye itegeka ko umugore, mu gihe azoba yibugenze, azobabara; umugabo na we ko azokwama arya abanje kubira icuya. Ariko kandi ku bw'impuwe yari ibafitiye, yaciye yambika Adamu na Eva impuzu z'insato. Ngiryo rero itanguriro ry'ikigongwe c'Imana ku bantu.
Yezu yaraje mu bantu kurangura ikigongwe c'Imana
Imana ntiyaretse ivyo gusa, kubera ko igicumuro cari camaze kwigaza mu bantu, yaciye iturugikira Yezu-Kristu, we kigongwe cuzuye kandi nyaco, we akura ibicumuro vy'abantu, arapfa, arahambwa ku bw'urukundo n'ikigongwe adufitiye. Ivyo akaba yabiranguriye ku Musalaba, aho yitangako inkuka ku bw'ibicumuro vyacu.
Mu nkuru nziza turabona kandi n'utundi turorero tw'ingene Yezu-Kristu yari Umunyakigongwe. Yaragiriye imbabazi umugore yigenza nabi, yigaye (Luk 7,36-50). Turabona kandi ingene yagiriye ikigongwe Sauli, ari we Paulo mweranda, umwe imbere yo guhiduka yamye ahama abakurikira Inzira ya Yezu, abagabo n'abagore bose yabata mw'ibohero (Ibik 22,4). Yezu yaramuhinduye, yongera amurungika kumenyesha inkuru nziza y'urukiza. Turabona kandi ingene yababariye wa mwana w'icangazi, maze akamwakirana igishika (Luk 15,11-32).
N'aho yari ku Musalaba, yarababariye umwe muri ba babisha babiri bari babambanywe na we (Luk 23,39-43). Turabona n'ikigongwe yagiriye umutumwa Petero, amaze kumwihakana gatatu (Yoh. 18,1-25). None rero, turabona ko Yezu ari umunyakigongwe, kandi ko uwo agiriye ikigongwe aronka ubuhirwe budahera.
Uko uguhimbaza ikigongwe c'Imana vyaje muri Ekleziya
Kw'igenekerezo rya 30 Ndamukiza 1860, ni ho Papa Piyo IX yataguza umusi mukuru w'ikigongwe c'Imana, aca asaba ko uwo musi uzohora uhimbazwa mu ma Ekleziya yose ku musi w'Imana ugira kabiri wa Pasika.
Mu guhimbaza rero umusi mukuru w'ikigongwe c'Imana, tuba turiko turibuka ikigongwe abacumuzi bagirirwa, ariko kandi tugahamagarirwa no kuba abatumwa b'ico kigongwe, mu kukigendera, mu kugitanga, no mu kucigisha abandi.
Ukumenyesha ikigongwe c'Imana
"Hahiriwe abanyakigongwe kuko na bo bazokigirirwa" (Matayo 5,7). Ukumenyesha ikigongwe c'Imana ni ukwizigira umukama maze tukamenyesha hose ko Yezu-Kristu yapfuye akazuka ku bw'ibicumuro vyacu, kandi tukama tuzirikana, mbere twibuka ububabare yagize aho yasogotwa icumu mu rubavu hakisuka amaraso n'amazi ku bwacu. Tugatumirira abantu ko bokwama bubaha, ndetse bakunda isanamu ya Yezu Munyakigongwe, mbere tukanayimanika no mu mazu tubamwo, ikama itwibutsa ikigongwe c'Imana.
Mama Faustina mweranda ni we atwibutsa igituma ari nkenerwa ko dukunda kandi tukamenyesha ikigongwe c'Imana, aho agira ati: «Uwuzokunda kandi agakundisha ikigongwe canje kitagira ingero, nzomurwanira, jewe nyene, mu buzima bwiwe, cane cane igihe c'urupfu, nk'akaranga k'ubuninahazwa bwanje». Ngiyo impera yemerewe abazomenyesha ikigongwe c'Imana.
Bavukanyi, dutumiriwe rero kuba abanyakigongwe nk'uko Data wo mw'ijuru ari umunyakigongwe, maze tukarekuriranira, na cane cane duhereye aho tubaye, mu miryango yacu, aho dukorera. Dutange ikigongwe, mbere twame dusaba ikigongwe kenshi gashoboka kuri bene wacu no ku Mana, kuko uwutaze ikigongwe na we azokingirirwa, kandi uwusavye ikigongwe aronka amahoro.
Nimuze rero dukunde kandi twigishe ikigongwe c'Imana, kuko n'ubu tubayeho kubera ubuntu Umukama atugirira ku musi ku musi.
Fidès Irambona, Novise wo mu muryango w'ababikira bene Paulo