Mu vyo dukora vyose, nitube abatumwa b'ikigongwe c'Imana
Itariki: 14/4/2021Ababisomye 5096 Vyamenyekanishijwe na : NIBITANGA Michel
Yezu, aho yiyereka Mama Faustina mweranda, yamubwiye ati: «Uwuzokunda kandi agakundisha ikigongwe canje kitagira ingero, nzomurwanira jewe nyene!»
Bavukanyi, ku musi w'Imana igenekerezo rya 11 Ndamukiza 2021, ni ho muri Ekleziya hahimbazwa umusi mukuru w'Ikigongwe c'Imana, umusi wama uhurirana n'umusi w'Imana ugira kabiri wa Pasika. Kuri uwo musi, karaheza kakaba akaryo k'ukwibuka ko mu vyo dukora vyose, natwe tubwirizwa kuba abatumwa b'ico kigongwe muri bene wacu. None twotahura gute ico kigongwe c'Imama? Uguhimbaza ico kigongwe c'Imana muri Ekleziya vyavuye he? Ni kubera iki ari nkenerwa ko natwe tumenyesha ikigongwe c'Imana?

Muri Bibiliya, ijambo «ikigongwe» risigura «umutima uhugumbwa imbere y'Uwubabara.» Ni nde muvyeyi atosimbwa umutima n'uko umwana wiwe arwaye canke yatakaye? No ku Mana, nk'Umuvyeyi wa twese, ni ko bimeze: mu buzima bwacu, Imana irababarana natwe, iratuntuzwa n'amagorwa yacu n'ibicumuro vyacu. Mu buryo bwinshi, iratwereka ko itwama hafi, kuko idukunda; iratwereka ikigongwe cayo, iratwengenga mu magara make yacu no mu ntege nke zacu, mbere ikanaturekurira ibicumuro vyacu. Ni ngombwa rero ko tuzirikana aho ikigongwe tugirirwa cazananye.

None Ikigongwe c'Imana cavuye he?

"Imana irema umuntu iramwishushanya, irema uwufise agashusho kayo, ibarema ari umugabo n'umugore" (Amamuko 1,27). Imana yaremye umuntu ngo agabe ibiri kw'isi vyose, maze kubera urukundo imufitiye ica imwishushanyako. Mbere imuha kuganza, imuha n'ubwenge bwo gutandukanya ikibi n'iciza.

Ariko abavyeyi ba mbere,  Adamu na Eva, barahenzwe na shetani yaje mw'ishusho y'inzoka, maze barya icamwa Imana yari yababujije, icaha ca mbere kiba kirinjiye, mbere kibakwegera n'urupfu.

Ku bw'ikigongwe Imana yari ibafitiye, ntiyaciye ibica, ariko kuko yuzuye imbabazi n'ikigongwe, yaciye itegeka ko umugore, mu gihe azoba yibugenze, azobabara; umugabo na we ko azokwama arya abanje kubira icuya. Ariko kandi ku bw'impuwe yari ibafitiye, yaciye yambika Adamu na Eva impuzu z'insato. Ngiryo rero itanguriro ry'ikigongwe c'Imana ku bantu.

Yezu yaraje mu bantu kurangura ikigongwe c'Imana

Imana ntiyaretse ivyo gusa, kubera ko igicumuro cari camaze kwigaza mu bantu, yaciye iturugikira Yezu-Kristu, we kigongwe cuzuye kandi nyaco, we akura ibicumuro vy'abantu, arapfa, arahambwa ku bw'urukundo n'ikigongwe adufitiye. Ivyo akaba yabiranguriye ku Musalaba, aho yitangako inkuka ku bw'ibicumuro vyacu.

Mu nkuru nziza turabona kandi n'utundi turorero tw'ingene Yezu-Kristu yari Umunyakigongwe. Yaragiriye imbabazi umugore yigenza nabi, yigaye (Luk 7,36-50). Turabona kandi ingene yagiriye ikigongwe Sauli, ari we Paulo mweranda, umwe imbere yo guhiduka yamye ahama abakurikira Inzira ya Yezu,  abagabo n'abagore bose yabata mw'ibohero (Ibik 22,4). Yezu yaramuhinduye, yongera amurungika kumenyesha inkuru nziza y'urukiza. Turabona kandi ingene yababariye wa mwana w'icangazi, maze akamwakirana igishika (Luk 15,11-32).

N'aho yari ku Musalaba, yarababariye umwe muri ba babisha babiri bari babambanywe na we (Luk 23,39-43). Turabona n'ikigongwe yagiriye umutumwa Petero, amaze kumwihakana gatatu (Yoh. 18,1-25). None rero, turabona ko Yezu ari umunyakigongwe, kandi ko uwo agiriye ikigongwe aronka ubuhirwe budahera.

Uko uguhimbaza ikigongwe c'Imana vyaje muri Ekleziya

Kw'igenekerezo rya 30 Ndamukiza 1860, ni ho Papa Piyo IX yataguza umusi mukuru w'ikigongwe c'Imana, aca asaba ko uwo musi uzohora uhimbazwa mu ma Ekleziya yose ku musi w'Imana ugira kabiri wa Pasika.

Mu guhimbaza rero umusi mukuru w'ikigongwe c'Imana, tuba turiko turibuka ikigongwe abacumuzi bagirirwa, ariko kandi tugahamagarirwa no kuba abatumwa b'ico kigongwe, mu kukigendera, mu kugitanga, no mu kucigisha abandi.

Ukumenyesha ikigongwe c'Imana

"Hahiriwe abanyakigongwe kuko na bo bazokigirirwa" (Matayo 5,7). Ukumenyesha ikigongwe c'Imana ni ukwizigira umukama maze tukamenyesha hose ko Yezu-Kristu yapfuye akazuka ku bw'ibicumuro vyacu, kandi tukama tuzirikana, mbere twibuka ububabare yagize aho yasogotwa icumu mu rubavu hakisuka amaraso n'amazi ku bwacu. Tugatumirira abantu ko bokwama bubaha, ndetse bakunda isanamu ya Yezu Munyakigongwe, mbere tukanayimanika no mu mazu tubamwo, ikama itwibutsa ikigongwe c'Imana.

Mama Faustina mweranda ni we atwibutsa igituma ari nkenerwa ko dukunda kandi tukamenyesha ikigongwe c'Imana, aho agira ati: «Uwuzokunda kandi agakundisha ikigongwe canje kitagira ingero, nzomurwanira, jewe nyene, mu buzima bwiwe, cane cane igihe c'urupfu, nk'akaranga k'ubuninahazwa bwanje». Ngiyo impera yemerewe abazomenyesha ikigongwe c'Imana.

Bavukanyi, dutumiriwe rero kuba abanyakigongwe nk'uko Data wo mw'ijuru ari umunyakigongwe, maze tukarekuriranira, na cane cane duhereye aho tubaye, mu miryango yacu, aho dukorera. Dutange ikigongwe, mbere twame dusaba ikigongwe kenshi gashoboka kuri bene wacu no ku Mana, kuko uwutaze ikigongwe na we azokingirirwa, kandi uwusavye ikigongwe aronka amahoro.

Nimuze rero dukunde kandi twigishe ikigongwe c'Imana, kuko n'ubu tubayeho kubera ubuntu Umukama atugirira ku musi ku musi.

Fidès Irambona, Novise wo mu muryango w'ababikira bene Paulo
Ivyiyumviro

Aleluya. Kristu yarazutse; umuco wiwe waratuboneshereje, twebwe yacunguje atnaraso yiwe. Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 52-59)

Muri irya misi,

Abayuda baja mu gaharira, bavuga bati: «Uwo ashobora ate kuduha umubiri wiwe ngo tuwufungure?» Yezu arababwira rero ati: «Ni ukuri ni ukuri ndabibabwiye: mudafunguye umubiri w’Umwana w’umuntu, ntimunywe n’amaraso yiwe, nta buzima muzogira. Uwufungura umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje, arafise ubuzima budahera. Nanje rero nzomuzura ku musi w’imperuka. Na none umubiri wanje ni imfungurwa y’ukuri, amaraso yanje na yo ni inyobwa y’ukuri. Uwufungura umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje, aba muri jewe, nanje nkaba muri we. Nk’uko Data Nyenubuzima yantumye ari we ambeshaho, ni ko n’uwumfunguye ndamuha ubuzima. Uyo rero ni wo mukate wamanutse uva mw’ijuru. Ntumeze nk’umwe basokuru banyu bafunguye, hanyuma bagapfa. Uwuzofungura uyo mukate azoramba mu myaka yose.»

Ivyo Yezu yabivuze yigishiriza mw’isinagoga i Kafaranawumi.  

Rondera
Urutonde rw'Imisa
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi),  7h00 (en Kirundi),  8h15 (en Français),  10h00 (en Kirundi),  12h00 (parfois, possibilitĂ© d'une messe circonstancielle, en Kirundi), 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 Ă  8h00
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi : 17h30
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
B. Adoration
Jeudi : 18h00
Dimanche : 13h00 Ă  16h00
Premier vendredi du mois : toute la journée
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 Ă  16h00
Jeudi : 15h00 Ă  16h00
Vendredi : 12h00 Ă  14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi Ă  vendredi : 7h00 Ă  16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 16h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE GIHOSHA
Messes de la semaine
Lundi - Samedi : 06h30
Dimanche : 6h00, 10h30, 16h00 ( en Kirundi) 08h15 en Français
Lundi à 18h00, messe en Français, suivie de l'adoration, jusqu'à 19h00.
Vendredi : Adoration à 17h30, suivie de l'Eucharistie en Français, à 18h30
2. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 Ă  17h15
Samedi : 5h30 Ă  6h20
3. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 Ă  8h00
Deuxième lundi du mois : 17h30 à 19h00
4. PAROISSE KAMENGE
Messes
6h, 7h30, 9h00 (swahili),10h30,16h30
Gatunguru : 9h30
Nyabagere : 9h30
Muberure : 8h00, 10h00
Nyambuye : 8h00, 10h00
Gishingano : 8h00, 10h00
Buhayira : 9h30
Mbirira : 8h00
Adoration Ă  la Paroisse
Jeudi 16h30 un jour par mois
5. PAROISSE KINAMA
A. Messes
06h00 (en Kirundi), 08h00(en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
Gahahe-Carama (en Kirundi) : 07h00 et 09h30
Gasenyi (en Kirundi) : 09h00
B. Adoration
Lundi Ă  samedi de 7h00 Ă  19h00
6. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 Ă  17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
-
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi Ă  vendredi Ă  partir de 7h00 jusqu'Ă  21h30
Dimanche de 13h00 Ă  18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h15
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  8h30
Jeudi de la troisième semaine du mois : toute la journée
2. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15
3. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 Ă  6h30
4. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 Ă  7h30
5. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 15h00
6. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 Ă  17h00
7. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 Ă  10h00
8. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi Ă  14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
9. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
10. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
11. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 Ă  19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 14h00 Ă  15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
Mercredi : 17h30 (Messe en Français)
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
 Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  18h00
Premier vendredi du mois : 7h30 Ă  12h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00, 10h15
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
Mwoba mufise ico mubaza?
Tanga
Twite za CEDICOM
Twite za Papa
Facebook ya CEDICOM
Abari kumurongo : 209
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Uburyo bwokutwakura
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Kwiyandikisha kukurontswa inkuru
Baza ikibazo
©2024. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Tanga * Karitas (abatishoboye)* Ugufasha abaseminari n'abamenyeshamana* Ukwubaka amasengero kumashure* Ugushigikira abasaserdotiUburyo bwo gufashaKoresha konte za DiyosezeMu marundi : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)Mu ma dolari : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIMu ma Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI