Ni mu rugendo bagize kuri uyu wa gatandatu igenekerezo 15 Rusama 2021, aho bari baramutse baja mu Gatumba kugarukira ku banyagihugu bateshejwe izabo n'imyuzurira y'amazi yateye mu mihana iwabo, imyuzure yazanywe n'uruzi Rusizi, be n'ikiyaga Tanganyika, ikabashwaramwo igice kinini c'aho baba.

Abo bamenyeshamakuru bari bakozweko n'ijambo rya Nyenubweranda Papa Fransisko yashikirije abamenyeshamakuru ku musi w'ukwibuka umuvunyi w'abanditsi n'abamenyeshamakuru, Fransisko w'i Sales.
Muri ubwo butumwa, Papa Fransisko, yisunze ijambo ry'Imana riri mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu yanditswe na Yohani (Yoh.1,46), akaba yari yahaye uwo musi mpuzamakungu wahariwe ibimenyeshamakuru icivugo kigira kiti: «Ingo wirabire! - Ukumenyesha amakuru mu gusanga abantu aho bari no mu vyo babayemwo!»

Ikigo CEDICOM ca Diyoseze Nkuru ya Bujumbura c'ukumenyesha amakuru kigizwe n'abantu umunani gusa, ariko w'umutima ubabara abandi: abasaserdoti babiri (Umuyibozi n'icegera ciwe), abakayike batanu, n'umufashabutumwa w'ubwenegihugu bw'Ubudagi, yaje mu butumwa bw'ukwunganura ico kigo, aserukiye ishurahamwe mpuzamajungu ryitwa «Agiamondo», muri iki gihe rifashe mu mugongo ico kigo mu gisata c'amakuru y'ukuremesha amahoro n'ugusubiza hamwe hagati y'abatase.
Nta buryo bwinshi abo basuku b'Umukama bafise, ariko ico bafise baragitanga, nka kumwe kw'abatumwa ba mbere: isangiramutima, ukumenyesha Inkuru Nziza y'urukiza rwa Yezu Kristu biciye mu binyamakuru batunganya, be n'ibikorwa vy'urukundo n'ukubabarana, aho ubushobozi bwabo bugera.

Ni aho rero kuri uyu wa gatandatu, mu kuja kugarukira kuri abo banyagihugu bo mu Gatumba, bagiye bibangikanije akajambo k'indemesho, be n'agakemanyi babategekanirije k'ukuribarengereza, agakemanyi k'ubushobozi bukwiranye n'abantu bashika mirongo ine, kagizwe n'ubifungurwa vy'umuceri n'ibiharage.
Bari baherekejwe n'abamenyeshamakuru bagenzi babo baje kwirabira ukuntu bashira akamo batewe na Papa Fransisko. Abo bagenzi babo na bo bakaba ari: umumenyeshamakuru w'ibsamirizi Radio Maria Burundi, uw'insamirizi Radio Colombe FM, n'uw'ikinyamakuru Katolika Ndongozi.

Uyu musi rero, ubutumwa babutanguriye ku cicaro ca Paruwase Gatumba, aho bamaze kwakirwa na Patiri mukuru, Patiri Martin Nibitanga, yabanje kubatembereza mu kigo ca Paruwase, bakibonera na yo ukuntu yasinzikaye, yaciye abonana n'abanyagihugu, bakabajojera ayo bagowe, na bo bagaheza bakabashikiriza ico bari babagemuriye: igisabisho, indemesho, n'agakemanyi rero.
Mw'ijambo ryashikirijwe na Patiri mukuru wa Paruwase Gatumba, yasavye abo banyagihugu kwiyumvira kuri bagenzi babo batashoboye kuronka kuri ako gafashanyo, mu rukundo ngo basangire, nk'uko ngo bama. Bano na bo baraheza barashimira abo bamenyeshamakuru. Mu gushimira Imana na ho, batera ururirimbo rw'ukuyininahaza.

Abo banyagihugu nyene baciye baja gutembereza abo bamenyeshamakuru mu karere, baraheza baribonera ukuntu amazi yarengeye ibintu vyose: amazu, be n'indimo. Akarere batemberejwemwo kakaba ari akari hagati y'ikiraro co ku ruzi Rusizi no ku cicaro ca paruwase Gatumba, aho biboneye mbere ko n'ibarabara ry'ikaburimbo ryari ritanguye kurengerwa.
Icipfuzo c'abo banyagihugu? Kubasabira ku mukama ngo acureshe ingunza z'ikiyaga Tangantika, ariko kandi n'uko abo bamenyeshamakuru boshikana kure ijwi rivugira muri ako karere gasigaye ari nk'agahinga ko hagati mu kidengeri, ngo nk'abagiraneza bovyumva bazoze babatunganyirize neza inkombe z'urwo ruzi Rusizi, rusubire rukwirwe mu ndiri yarwo. Ariko hagati aho, iryo jwi nyene rishike no ku bandi bagiraneza boshobora kubafashisha ivya nkenerwa vyo mu buzima, mu kurindira ico Imana yokora kuri ayo mazi, kuko bobo ngo barengewe n'ibibazo, batakironka ayo bacira n'ayo bamira.
Abagiye barakurikirana kahise k'ico kibazo c'uwo mwuzurira w'ayo mazi bamenyesha ko atari ubwa mbere gishitse, kuko ngo no mu myaka ya za 1960 cigeze gutera muri ako gace, ikigabanya umwizero abo banyagihugu bogize wo kuzosubira mu matongo yabo.

Tubamenyeshe ko muri Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, ihimbazwa nyezina ry'uwo musi mpuzamakungu ugira uwa 55 wahariwe ibimenyeshamakuru, bitegekanijwe ko rigirwa mu guhereza Inkuka y'imisa yo ku musi w'Imana wahariwe uwo musi, Inkuka y'imisa izoba irongowe n'umuyobozi w'ico kigo, Patiri Dieudonné Niyibizi. Akaba yasezeranye ko mu nsiguro yiwe, azoshimikira kuri bwa butumwa bwa Nyenubweranda Papa Fransisko ashikiriza abamenyeshamakuru.
Abamenyeshamakuru batumiriwe gusidukana n'iyonka kuza guhimbaza uwo musi wabahariwe, mu misa yo ku gihe c'isaha zine zo ku musase (10h00), mw'isengero-mvyeyi ya Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, iri muri Paruwase Katedrale Regina Mundi.
Michel Nibitanga, CEDICOM