Kuva ku wa mbere igenekerezo rya 21 Ruheshi 2021 gushika ku wa gatanu igenekerezo rya 25 ukwo kwezi nyene, igisata ca Diyoseze Nkuru ya Bujumbura kijejwe mu butumwa bwaco ubutungane n'amahoro, CDJP, kibicishije mu mugambi waco «Dukire Tubane», kiriko gitanga inyigisho z'ukubandanya cubaka ikibano ciza. Izo nyigisho zatunganijwe mu ruganda rw'imisi itanu, zikaba ziriko zihabwa abakristu b'abalayike bahurikiye mu mihari n'imigwi y'ubutumwa bw'Ekleziya.

Abatumiwe muri urwo ruganda ni batatu batatu mu baserukira abakristu b'abalayike bo mu maparuwase atandukanye uwo mugambi «Dukire tubane» usanzwe uriko urangurirwamwo, ari yo Buterere, Kinama, Kamenge, Ngagara, Nyakabiga, Buyenzi, Musaga na Kanyosha.
Uwusanzwe akurikiranira hafi ibijanye no kumenya no kuvura ihahamuka, hamwe n'ibijanye n'ukwubaka ikibano ciza mu mugambi «Dukire tubane» ku rwego rw'igisata c'ubutumwa bw'ubutungane n'amahoro muri Diyoseze Nkuru ya Bujumbura (CDJP), Umushingantahe Yves Karihanze, yatanguye asigura intumbero uwo mugambi wari ufise ugitangura. Yavuze ko iyo ntumbero yari iy'ugufasha cane urwaruka kwubaka ikibano ciza, kuvura ihahamuka, be no kwiyungunganya biciye mu mashirahamwe y'ukuziganya n'ukuguranana, benshi bazi kwizina rya «SILC».

Mu gihe ubu uwo mugambi uriko urasozerwa, uwo mushingantahe yagiriyeko amenyesha ko mu gisata ca Diyoseze Nkuru ya Bujumbura kijejwe ubutumwa bw'ubutungane n'amahoro (CDJP) bavyihweje, bagasanga ibikorwa vy'uwo mugambi bitoherera ngaho, ahubwo ko vyokwinjira riho mu butumwa bw'amaparuwase, ari na co catumye batumira abasanzwe bari mu mihari canke imigwi y'ubutumwa bw'Ekleziya, mu maparuwase atandukanye.
Ku co muri CDJP biteze na co, uwo mushingantahe Yves Karihanze yamenyesheje ko bipfuza ko abo bariko baronswa izo nyigisho boca baja kwigisha abandi, bari kumwe mu mihari n'imigwi ivyo bigiye muri urwo ruganda, gutyo ngo bagashobora kwubakira hamwe ikibano ciza, haba aho baba, canke aho barangurira ubutumwa.
Umushingantahe Yves yabandanije amenyesha kandi ko no mu mihari canke canke migwi y'ubutumwa bw'Ekleziya usanga hariho ubutandukane, ku buryo ari ibishika ko ubwo butandukane bwoshobora kuba inyanduruko y'ukutumvikana hagati y'aba na bariya.

Ku bw'umupfasoni Yvette Gahangarugi, ngo n'abahurikiye mu mihari n'imigwi y'Ekleziya barakeneye kwiga ivyo kwubaka ikibano ciza, kuko ngo bafise ibibatandukanya vyinshi. Akarorero yatanze ni nk'ak'abashobora kudahuza mu kiyago, bivuye ku karangamutima n'akarangabutumwa k'imigwi canke imihari bahurikiyemwo, bigashobora gutuma haba ukutumvikana, ari na co gituma izo nyigisho ngo bari bazikeneye cane.
Twobamenyeshako izo nyigisho zihagaze ahanini ku kwubaka ikibano ciza, mu kwirinda ibishobora gutera amatati no mu gutorera umuti amatati bidaciye mu gukoresha inguvu n'ingimba.
Rénovat Niyonsenga, CDJP-Bujumbura