Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa yarashimiye abo basaserdoti bashasha ko bemeye gutanga intererano yabo ngo Imana ishobore gukorera abantu ibitangaza yama igabirije kubakorera
Mu muryango w'abamisiyonari b'abagendanyi ba Yezu (aba Jésuites), mu gihe bari baramutse bahimbaza isabukuru y'imyaka 500 iheze uwatanguje uwo muryango, umweranda Ignace w'i Loyaula, ahindukiriye Umukama, kari akanyamuneza ku muryango bo mu ntara y'ubutumwa y'Uburundi n'Urwanda, ku w'Imana igenekerezo rya 25 Mukakaro 2021, aho bari baramutse banahimbaza n'ibirori vy'iyatirwa mu busaserdoti ry'abagendanyi ba Yezu babiri, Jean de Dieu Habarugira na Charles Niyigena.
Ivyo birori vyabereye mw'isengero yitiriwe
«Umushaha Mweranda wa Yezu» iri mu kigo c'ishure ryisumbuye ryitiriwe
«Mutima Mweranda» ryo mu Gihosha i Bujumbura (Lycée du Saint Esprit), ishure risanzwe rikukira uwo muryango, bikaba vyari bihagarariwe na Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa, Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, ari kumwe n'Umwepiskopi w'inararibonye w'iyo Diyoseze, Nyenicubahiro Musenyeri Evariste Ngoyagoye, n'icegera gikuru c'Umwepiskopi, Musenyeri Anatole Ruberinyange, n'umusaserdoti ahagarariye abasaserdoti b'abagendanyi ba Yezu mu karere k'Uburundi n'Urwanda.

Ubusaserdoti, akaryo ku muntu k'ugutanga intererano yiwe ngo Imana ikorere abandi ibitangaro
Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi yatanguye avuga ko hari umutima n'inyifato bibwirizwa kuranga umutumwa w'Imana: ukugira umutima w'urukundo rutuma umutumwa yitwararika gutorera inyishu ibibazo vy'abantu. Uwo mutima w'ukwitwararika abandi ni na wo yashimikiyeko mu nyigisho yatanze, yisunze insiguro y'ibisomwa vyeranda vy'Ijambo ry'Imanavyo ryo kuri iyo Dominika ya 17 yo mu mwaka-B (Abami 4,42-44; Efezi 4,1-6; Yoh.6,1-15).
Uwo Mwepiskopi Mukuru mbere yafatiye ku Nkuru Nziza ya Yezu Kristu y'uwo musi mu gusigura uwo mutima n'iyo nyifato. Yavuze ko uwo mutima w'ukwitwararika abandi ari na wo Yezu yigishije abo yari yatoreye ibanga ry'abatumwa, afatiye ku gitangaro c'igwizwa ry'Imikate n'ifi. Ico gitangaro, nk'uko uwo Mwepiskopi yabivuze, co kimwe n'icavuzwe mu gisomwa ca mbere, carasigura ko Imana ikenera intererano ya vuri muntu, uko yoba ingana kwose ngo ishobore gukorera abantu ibitangaza yama igabirije kubakorera.

Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi yagize ati:
«Ico tubwirijwe kubona kandi gihambaye muri iki gitangaro ni uko ico gitangaro kidahagaze gusa ku gikorwa c'Imana; Yezu abonye abantu badafise ico barya, ntiyaciye amanura imikate ivuye mw'ijuru nka kumwe kwo mu Bwuzure bwa kera, [...] si ko yashimye kubigenza, yabanje nyabuna gusaba abantu - ahereye ku bari bamukurikiye - ko botanga intererano yabo!»
Ni na ho yaciye asigura uko iyo ntererano Yezu yayisavye mu kurangura igitangaro c'ukugwiza imikate n'amafikarorero. Ngo Yezu, n'ubwo yari azi neza ico aza gukora, nticabujije ko abaza umwigishwa wiwe Filipo ati:
«Mbe, ubona twogurira hehe imikate y'ukugaburira [abantu]?». 
Ngo yavuze atyo ngo amugeze gusa, ahandi ho igitangaro yarakiranguye, aciye ku ruhara rw'umuhungu yari aho, yari afise imikate itanu n'ifi zibiri, uwo muhungu na we akaba yararanzwe n'uwundi mwigishwa, Andreya, n'ubwo na we nyene ngo yakekeranya ko utwo dufungurwa twari duke cane, ataco twari kumarira ishengero ryari ryinshi ukur'aho!
Araheza uwo Mwepiskopi Mukuru abwira abo basaserdoti ko ukwo ari kwo na Yezu azoja arabakenerako intererano yabo. Eka mbere yavuze ko iyo nyigisho yofasha n'abantu bose, na cane cane Abakristu. Yagize ati:
«Imana, n'aho ishoboye vyose, irakeneye intererano ya twebwe abantu, uko ingana kwose; n'aho yoba umenga ntaco ivuze; [iyikeneye] kugira ngo ibe ari yo ikoresha mu kutugirira ibitangaza vy'urukundo rwayo!»

Yaboneyeho gukengurukira abo basaserdoti bashasha yagira yatire, be n'abavyeyi babo, ku kuntu bemeye gutanga intererano ku bwa bene wabo. Abavyeyi ngo bamenyereje abo bana babo inzira y'ugutanga intererano zabo kuri iyi si.
Na bo abo bagira batirwe, ngo mu guhitamwo kuba abagendanyi ba Yezu mu muryango w'aba Jésuites, ngo nta kindi bashatse atari ukurondera gutanga intererano yabo, baciye mu makanda beretswe n'Umweranda Ignace w'i Loyaula, yabatanguje, kugira ngo Imana ikoresheje iyo ntererano yabo, iyi si ibemwo abantu bazi ko bavukana, kandi bazi gusangira ivyo Imana yabasangije.
Akanyamuneza abasaserdoti bashasha bagize batiweAbasaserdoti bashasha, Patiri Jean de Dieu Habarugira na Patiri Charles Niyigena, imbere ya bagenzi babo basangiye umuryango w'aba Jésuites mu karere k'Uburundi n'urwanda bari baje kubashigikira, n'imbere y'imiryango y'amaraso yabo, barerekanye akanyamuneza kadasanzwe bagize, bahejeje kwatirwa na nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi banshimiyubusa.
Inkuka y'imisa iheze, twarabegereye, baratuyagira ako kanyamuneza berekanye. Baranatubwiye n'ukuntu binjiye mu muhamagaro wabo mu ba Jésuites. Patiri Jean de Dieu Habarugira, umurundi, yavuze ko amaze kwiyumvamwo umuhamagaro w'ubusaserdoti, yegereye abagenzi, na cane cane abasaserdoti, baramudondagurira imiryango itandukanye yabo, maze yumvise uwitwa uw'abagendanyi ba Yezu, aca yumva ata wundi yokwinjiramwo atari uwo nyene, kuko ngo Yezu ari we nyene yamuhamagaye.
Na we Patiri Charles Niyigena, umunyarwanda, yavuze ko umuhamagaro wiwe ahanini ushingiye ku rukundo yeretswe n'ababanyi b'abavyeyi biwe bamweretse mu kumurera ari impfuvyi kuva akiri muto - kuko ngo yabuze se akimaze indwi zitarenga zibiri abayeho.
Ivyo ngo vyaramukoze ku mutima, maze ngo abona ko ata kundi yoronka ashimira Imana atari ukuyihebera ubuzima bwiwe. Araheza ngo adodora ku rugi rwo mu muryango w'aba Jésuites, maze na bo baramwakira, mu mwaka w'2006.
Tubamenyeshe ko abafashe amajambo, ahanini bashimikiye ku gukeza abo basaserdoti bashasha, bongera babahamagarira kwama na ntaryo banezerererwa umuhamagaro wabo, kuko ngo bahisemwo neza mu guhitamwo kuba abagendanyi ba Yezu.
Michel Nibitanga, CEDICOM