Uwuyoboye umuryango w'Abasaleziyano bo mu ntara y'ubutumwa ya Afrika yo mu karere k'ibiyaga binini igizwe n'ibihugu vy'Uburundi, Urwanda n'Ubuganda yamenyesheje ko uwo musaserdoti azoca aja kurangurira ubutumwa mu gihugu c'Ubuganda
Mu muryango w'Abasaleziyano, umubano w'abamisiyonari bo mu kigo c'urwaruka citiriwe Don Bosco co mu Buterere, i Bujumbura, ku wa gatandatu igenekerezo rya 07 Myandagaro 2021 bari baramukanye akanyamuneza k'ukwigina isakramentu ry'ubusaserdoti rya Diyakoni Joseph Ngezahayo wo muri uwo muryango, mu birori vyari bihagarariwe na Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa, Umwepiskopi wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, ari na we yamwatiye.
Inkuka y'imisa yabereye mw'isengero yitiriwe Bikira Mariya umutabazi w'Abakristu (Marie Auxiliatrice) co mu Buterere, ikurikirwa n'ibindi birori bitandukanye vy'ukumwigina.
Patiri Joseph Ngezahayo yaratekerewe amajambo y'inkoramutima atandukanye, yaba ayerekeye inyigisho ijambo ry'Imana ry'uwo musi ryamutegereza mw'ibanga yatiwemwo, canke ayerekeye ubutumwa arungitswemwo n'umuryango w'Abasaleziyano akukira.
Rimwe mu majambo y'uwo musi ni iryo yatekerewe n'Umwepiskopi yamwatiye. Yisunze ibisomwa vyeranda vy'uwo musi, Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa yabanje kwibutsa imigwi itandukanye Yezu yaje kwerekezako Inkuru Nziza y'urukiza, ariko ngo igategerwa mu buryo bw'Umutima: aboro b'umutima bakeneye kumenyeshwa Inkuru nziza, ababoshwe bakeneye kubohorwa, abahumye bakeneye guhumuka, be n'abacinyijwe bakeneye kwidegemvya.
Amaze kumumenyesha ko iyo migwi n'ubu igihari, yamubwiye ati: «Imana ntigutumye ngo uje kuyirondera mu bitabu; ni imigwi ubwirijwe kuja urabona aho ubaye n'aho ugendera, n'aho uzotumwa hose; ni imigwi ushobora gusanga mu bana no mu rwaruka, nk'uko uyisanga mu bakuze no mu basaza; ni imigwi uzobona mu batwarwa nk'uko uzonayibona no mu batware!»
Araheza amumenyesha ko iyo migwi imukeneye yose, mbere yaya maboko kuko yiteze ko uwo Imana iyirungitseko ari we nyishu ku bukene no mu gacinyizo barimwo. Kukaba nka ko, ngo uwamutoye arazi ko azobishobora, ari kumwe na We, ku rugero yamugeneye, apfa gusa kwama yitwarararika kuraba Yezu ingene yabigenjeje, n'inzira yaciyemwo.
Yezu rero ngo yabishoboye kubera ko Mutima w'Imana yari kuri We igihe cose, kuko yari yarasizwe amavuta. Uwo Mwepiskopi rero akaba yaramuragije Bikira Mariya, Diyakoni Joseph Ngezahayo, imbere yo kumwatira ngo abe Umusaserdoti abushitse.
Irindi jambo y'uwo musi, Joseph Ngezahayo, amaze guhabwa isakramentu ry'ubusaserdoti, yaritekerewe n'Uwuyoboye umuryango w'Abasaleziyano bo mu ntara y'ubutumwa ya Afrika yo mu karere k'ibiyaga binini (igizwe n'ibihugu vy'Uburundi, Urwanda n'Ubuganda), Patiri Pierre-Célestin Ngoboka. Yabanje kuvuga ko ari akanyamuneza kamuje mu muryango w'Abasaleziyano, kuko mu mwaka umwe gusa w'2021 umuryango wungutse abasaserdoti batatu bose, ivyo we yafashe nk'ibidasanzwe.
Agasangwa abo basaserdoti bose uko ari bashasha bari baje muri ivyo birori ngo bashigikire mugenzi wabo, Patiri Pierre-Célestin Ngoboka yaciye agirako aberekana. Uhereye kuri uwo Patiri Joseph Ngezahayo w'Umurundi yari ahejeje kwatirwa ubwo nyene aho mu Buterere, abo bandi babiri ni Patiri Jean Claude Asifiwe wo mu gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo (RDC) yatiwe ku wa 29 Ruheshi 2021, i Goma (muri RDC), na Patiri Philippe Bimenyimana w'Umunyarwanda, yatiwe ku wa Mungu igenekerezo rya 25 Mukakaro 2021, muri Paruwase Save (mu Rwanda).
Uwo ayoboye umuryango w'Abasaleziyano bo mu ntara y'ubutumwa ya Afrique yo mu karere k'ibiyaga binini yarabwiye abo basaserdoti bashasha ko ubutumwa baronse ari ubwa misi yose, mu mwanya wose. Yagize ati: «Kuba umusaserdoti w'Umusaleziyano si ukwicara mu biro; ni ugusohoka, ukaja gusanga bwa busho, rwa rwaruka Umukama na Don Bosco bakurungitsemwo!»
Yagiriyeko abibutsa ko ubutumwa barungitswemwo atari ubwabo bonyene, ahubwo ko bari kumwe n'abavukanyi mu mubano, bazofashanya. Akaba yabasavye kuba abasaserdoti b'ibanga, kandi bakunda Yezu n'Umuvyeyi Bikira Mariya. Akanyamuneza ngo ni ko rero kokwama kabaranga, gushika basozere igihe cabo c'ukuba kuri iyi si, ngo bazoshobore kurengukana icegeranyo gishimisha Umukama.
Abasaleziyano rero ni umuryango wagutse w'abamisiyonari washinzwe n'umweranda Don Bosco, ku wa 18 Kigarama 1859, mu gisagara ca Turin (mu Butaliyano). Uwo muryango, umweranda Don Bosco yawise uw'Abasaleziyano afatiye kw'iragi ryiza umweranda Fransisko w'i Sales yari yarasigiye abakristu bo mu gisagara ca Turin, n'abo mu ntara yose ya Piémont, kuko ngo babona Fransisko w'i Sales nk'akarorero k'umutumwa yifata ruto kandi atekereje. Ni na vyo vyatumye Don Bosco amufatirako mu guha izina umuryango w'Abasaleziyano, bakamwitirira.
Na bwo ubutumwa bw'umuryango w'Abasaleziyano bushingiye ku rwaruka mu kurumenyesha Inkuru Nziza y'urukiza, bufise amamuko ku civugo c'uwo muryango,
«Da mihi animas, caetera tolle», bivuga ngo
«Mpa umushaha wawe, ushake ugumye ibisigaye», umweranda Don Bosco rero akaba yarazwa ishinga
«n'ukuninahaza Umukama mu kumuzanira imishaha y'abantu». Ubu bwa vuba na ho, mu basaleziyano bahavuye batumbereza gushasha insiguro y'ijambo
«Umushaha» mu kuwuroresha ku
«bumuntu bw'umuntu wese», buke buke bikaba vyaragiye vyerekezwa rero ku rwaruka, mu kuvuga bati
«Mpa ubumuntu bw'urwaruka».
Ng'aho ahavuye ukurazwa ishinga n'urwaruka ku Basaleziyano, ng'ico mbere n'icatumye ubutumwa bw'Abasaleziyano usanga muri iyi myaka bushimikira cane cane ku rwaruka. Ni na co gituma mbere uzosanga mu bigo vy'Abasaleziyano haba hari amashure atangirwamwo ivyigwa nka kurya kw'amashule ya leta nyene, kuko bashimikira ku ndero mu mashure, mu kibano no mu bukristu, hejuru y'ubutumwa rusangi abasaserdoti basanganywe bwo mu maparuwase. Ivyigwa batanga ahanini bikaba biba ari ivy'ubuhinga.
Nta nkeka rero ko ubwo ari na bwo butumwa burindiriye na Patiri Joseph Ngezahayo. Aho ahejeje kwatirwa mu busaserdoti akaba mbere yaciye anamenyeshwa ko aciye arungikwa kuburangurira mu gihugu c'Ubuganda, nk'uko vyatangajwe n'uwo ayoboye umuryango w'Abasaleziyano bo mu ntara y'ubutumwa ya Afrika yo mu karere k'ibiyaga binini.
Ku bandi basaserdoti b'Abasaleziyano na ho hakaba haranamenyeshejwe n'ihindagurirwa rikomeye mu kumenyesha ko bahinduriwe aho barungitswe mu butumwa. Aho twovuga nka Jean Paul Ndayikengurutse, agiye kuzosubirira Patiri Raphaël Katanga mu kuyobora ikirimba citiriwe Bikira Mariya umutabazi w'Abakristu co mu Buterere.
Mwomenya ko akanyamuneza k'uwo musi, turetse akerekanywe n'abasaserdoti b'Abasaleziyano, kari kanasangiwe kandi n'abakunzi batandukanye b'uwo muryango, guhera ku rwaruka rusanzwe rufashwe mu mugongo mu vy'indero n'Abasaleziyano bo mu kigo citiriwe Umweranda Don Bosco co Buterere baryoheje ibirori mu dukino, mu ntambo no mu guteramisha abatumire mu ndirimbo, gushika no ku bandi bari muri ivyo birori, ivyabonekeye mu gutambira uwo musaserdoti mushasha, na cane cane abavyeyi biwe.
Michel Nibitanga, CEDICOM