Ibirori vy'uyo munsi vyabereye mu nkuka y'imisa yabereye kuri Katederare Regina Mundi iherejwe na Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura akikijwe n'icegera ciwe Musenyeri Anatole Ruberinyange, ivyariho vya Musenyri mu ntara zose z'ubutumwa zigize Diyoseze.
Muntango y'inkuka ya Misa yabanje kumenyesha abari aho ko iyugururwa ry'umwaka w'ubutumwa rihuriranye n'isabukuru yiwe mw'ibanga ry'ubwepisikopi.Buri mwaka akaba ahimbaza uyo munsi kw'italiki ya 16 Nyakanga. Umwepisikopi mukuru yarakengurutse kandi ko iyo sabukuru yayihimbaje ariko atanga ubwahuro bw'umwaka w'ubutumwa,akaba yari akwije imyaka 21 mw'ibanga ry'ubwepisikopi kuko yatewe iryo teka mu mwaka w'2000. Umwepiskopi yabandanije agakengurukira abakristu bagumye bamusabira mu myaka yose 40 amaze asangijwe ubusaserdoti na Kristu,hanyuma abasaba ko bobandanya bamusabira kugira aronke amagara y'umutima n'umubiri no kubandanya anonokewe mw'ibanga.Natwo udusalaba ngo yikoreye mw 'iyo myaka twari tujanye n'ubutumwa yatorewe kandi uwo yakurikiye yikoreye imisalaba y'isi yose.
Kubijanye n'umwaka w'ubutumwa yavuze ko ari umwaka udasanzwe kuko uzoba umwaka wisobanuye mu yindi myaka kuko uzoba umwaka wo gushira mu ngiro umugambi mukuru w'ubutumwa uzomara imyaka itanu. Yabandanije avuga ko ihangiro ry'uwu mwaka rivuga riti "Tumurikiw n'ijambo ry'Imana ni muze twubake Ekleziya Muryango nk'abakristu ba mbere".
Ico uwo mugambi ugamije gushikako,Umwepisikopi Mukuru yavuze ko ari ukuba Ekleziya umuryango w'Imana wahujwe na kristu , Ekleziya nayo igafasha abantu kwumva ko bose bagize umuryango umwe, umuryango w'abantu bose baremwe mu gashusho k'Imana kandi babwirijwe kwubahwa mw'iteka ryabo. Ekleziya kandi ihimiriza abantu ngo bashire imbere ukuri, ubutungane, urukundo n'amahoro kandi bitwararike iterambere ry'umuntu wese ryuzuye ry'umutima n'umubiri ariko ryubahirije ibidukikije.
Mukubishimikako yasavye ko iryo hangiro ryokwama risubirwamwo n'abakristu kenshi kandi rikamanikwa nk'akarangabwami aho bishoboka. Yaramenyesheje ko hari umurwi uzoza urakurikirana ishirwa mu ngiro y'ivyo bikorwa. Ihangiro ryose rya buri mwaka rikazoza ririshura ku mpande indwi nazo zikaba ari : ukwemera kudakomeye kubwirizwa gukomera ;abatumwa n'abakozi b'Imana bakeneye kwigishwa bikwiye no kwinagura; ingo n'imiryango bikenewe kuramirwa no kwitwararikwa gusumba;ubuyobozi bwiza buzi ico bujejewe kandi bugatunganiriza bose buhereye muri Ekleziya n'abadutwara mu zindi mpande; iterambere rirama kandi ryuzuye; umugambi w'amahoro no gusubiza hmwe bishingiye k'ukuri,ubutungane n'ikigongwe.
Yarasavye kandi abari aho ko batotakaza umwanya na mutoyi abipfuriza gutangurana ingoga mu gukutsa neza ikivi nakare ngo ikivi ni ica kare. Kwitwararika kuraba muri kazoza abana n'urwaruka;gukurikirana amashure mukuyaha indero nziza ishimikiye kw'ijambo ry'Imana.Mu kurangura neza iryo hangiro Umwepisikopi Mukuru yasavye kwirukira ubukandizi bwa Bikira Mariya umukandizi wa Doyoseze Nkuru ya Bujumbura.
Yasozereye asaba abasaserdoti ivyariho vyiwe mu ntara z'ubutumwa kwegera ngo bagire imigirwa yo kwimika ijambo ry'Imana muri Diyoseze Nkuru ya Bujumbura kugira nabo bazoyibandanirize mu ntara z'ubutumwa barongoye,aca abamenyeha ko kugira baronke umwimbu mwiza muri uyu mwaka w'ubutumwa ko bisaba kuba abigishwa ba Yezu Kristu mu gusoma no mu kuzirikana Inkuru Nziza ya Yezu Kristu yabazaniye, gurtyo bakaba abatumwa nyabwo.