Umugwi w’abaririmbiramana witiriwe «Sisiliya mweranda» wo muri Paruwase Umuryango mweranda yo mu Kinama, ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 20 Munyonyo 2021 warahimbaje yubile y’imyaka mirongo itanu (50) uwo mugwi umaze uri mu butumwa bwo kuririmbira Imana.
Iyo yubile yahimbajwe ku civugo kigira
kiti: «Ku vyiza twagabanye mu myaka 50 mu mugwi
Sisiliya mweranda, Mukama dufashe dukomeze kuba abatumwa b’Inkuru Nziza, maze
ishaka ryawe riranguke!»
Ibirori vy’uwo musi mukuru vyatangujwe n’inkuka ya misa yaherejwe na Patiri Isaïe Ntakirutimana, umwibutsamana w’imihari n’imigwi y’ubutumwa muri iyo Paruwase. Yatanguye avuga insiguro ya yubile.
Yagize ati: «Yubile ni ijwi ry’akanyamuneza abanya Islaeli
bavuza, batangarira igikorwa Umukama yabagiriye, na cane cane co kubarekurira
ibicumuro. Umusi mukuru wa yubile rero ngo ukaba wari umusi wo gusamiriza
akanyamuneza no gukengurukira Umukama.»
Uwo musaserdoti yaciye ashimira abo baririmbimbiramana ku kugene bitangira
ubutumwa, ndetse no ku bikorwa vy’urukundo vyabaranze mu kwitegurira iyo yubile
mu kiringo c’umwaka wose. Araheza rero abatera intege ko boguma ku kivi, kandi
ko ngo borushirizaho kwitangira ubutumwa, na rirya ikindi kiringo gishasha
inyuma y’iyo myaka 50 gitanguye.
Inkuka y’imisa iheze, ivyo birori vyabandanyirije mu nyubakwa y'amanama yitwa
«Madio caribu». Aho ni na ho havugiwe amajambo atandukanye y’uwo musi mukuru.
Rimwe muri ayo majambo ni iryashikirijwe na Nestor Nyandwi arongoye uwo mugwi.
Mw’ijambo yashikirije, yaragaragaje akanyamuneza. Yavuze ati: «Turanzerejwe no kubona duhimbaje imyaka 50 uyu mugwi wacu umaze urangura ubutumwa bw’ukuririmbira Imana.»
Yaranavuze n’ivyaranguwe mu mwaka wo kwitegurira yubile. Ngo bararonse
inyigisho zijanye no kwitegurira uwo musi, baritaho abatishoboye bo mu mugwi wabo,
ndetse n’abandi boro bari mu mibano iwabo. Akaba yaramenyesheje ko bagiye
kwongera ishaka ryo kurangura ubutumwa mu murwi wabo.
Eka n’abandi bose bafashe amajabo, uhereye ku bakunzi b’uwo mugwi, be n’uwujejwe
imihari n’imigwi y’ubutumwa muri paruwase, barashimye ubutumwa burangurwa n’uwo
mugwi, ndetse baranatera intege abaririmbiramana bawo ku kuntu bitanga mu
butumwa bwabo.
Mwomenya ko uwo mugwi w’abaririmbiramana witiriwe «Sisiliya mweranda» wo muri Paruwase Umuryango mweranda yo mu Kinama washinzwe mu mwaka w’1968, inyuma y’imyaka itatu iyo paruwase ivutse. Ariko ikaba yatanguye ubutumwa nyezina bwo kurimbira Imana mu mwaka w’1971.
Ibirori vy’ihimbazwa ry’iyo yubile bikaba vyarangiye
hatanzwe urupapuro rw’iteka ku bitanze kurusha abandi muri uwo mugwi.
 Janvier Ishimwe, Paruwasi Kinama
Urakaninahazwa, Kristu, wewe Muco wamaho w’Imana nzima. Umukama yavuze ati: «Ndabahaye itegeko rishasha: nk’uko ndabakunda, nimukundane namwe.» Urakaninahazwa, Kristu, wewe Muco wamaho w’Imana nzima.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (13, 1-15)
Yezu yarabakunze urutiziganya
Imbere y’umusi mukuru wa Pasika, Yezu kuko yari azi ko ubutigu bwiwe bwo kuva kuri iyi si ngo asubire kwa Se bwashitse, kandi kuko yari yakunze abiwe bo kuri iyi si, yarabakunze urutiziganya.
Uwo musi bariko barafungura, Shetani yari imaze gushira mu mutima wa
Yuda Isikariyoti mwene Simoni imigambi yo kumugurisha, Yezu na We yari azi ko
Se yamugabiye ibintu vyose, ko yakomotse ku Mana kandi agira ngo asubire ku
Mana.
Mu gihe bariko barafungura rero, Yezu yavuye ku meza, akūra umutamana wiwe, yakira igitambara, aragikanyera. Hanyuma asuka amazi
mu mubehe, atangura kwoza ibirenge vy’abigishwa biwe no kubihanaguza nya
gitambara akenyeye.
Ashikiriye Simoni Patero, Patero amubwira ati: «Mukama, ari Wewe unyoza
ibirenge!» Yezu aramwishura ati: «Ico ngira nturi bugitegere ubu, uzogitegera
hanyuma.» Petero aramubwira ati: «Ntirikabe, ntuzokwigera unyoza ibirenge!»
Yezu asubizayo ati: «Nintakwoza, nta co uzoba ugisangiye nanje.» Simoni Petero
amubwira ati: «Mukama, nivyaba ari ivyo, ntunyoze ibirenge bisa, nyoza n’umutwe
n’iminwe!» Yezu amubwira ati: «Uwamaze kwiyuhagira ntaba agikeneye kwozwa, kuko
ata mwanda aba afise; namwe nyene muri beranda ariko si mwese.» Na none yari
azi uwuza kumugurisha; ni ko kuvuga ati: «Ntimuri beranda mwese.»
Ahejeje kuboza ibirenge, yambara umutamana wiwe, asubira ku meza, ababwira
ati: «Mwategereye ico nabagiriye? Munyita Mwigisha na Mukama, kandi muvuga
ukuri, kuko ndi we. Ko rero jewe Mukama Mwigisha nabogeje ibirenge, mubwirizwa
namwe kwozanya ibirenge. Nabahaye akarorero, ngo namwe mwigenze nk’uko
nabagiriye.»