Ku musi wa gatanu igenekerezo rya 19 Munyonyo, abakristu barenga amajana atatu ba Paruwase Kinindo bari kumwe n'abasaserdoti batatu barangurira ubutumwa mw'iyo Paruwase baragize urugendo rweranda rwagana kukirimba citiriwe Umushaha Mweranda wa Yezu kiri muri Paruwase Muyaga mu ntumbero yo kwitegurira neza Yubile ya Paruwase Kinindo
Patiri
mukuru wa Paruwase Kinindo amaze kumenyesha umuryango w'abakristu ibijanye
n'urwo rugendo rweranda, abatari bake baritavye ako kamo mu kwiyandikisha kugira
bazoje kugabana ivyiza n'inema Umukama atanga kubagira ingendo nyeranda
mubibanza vyeranda.
Ikiringo co kwiyandikisha kimaze kurangira, abiyandikishije barahamagariwe gukurikirana inyigisho n'ibisabwa mu rugendo. Muvyo basabwa harimwo  ukwitunganya ku Mutima, hamwe n'u gutegekanya impuzu z'imbeho n'impamba y'urugendo.
Ku musi wo gufata urwo rugendo rweranda, abagira urwo rugendo bakaba barakoraniye mu ngoro y'Imana aho baronkejwe umuhezagiro w'Imana na Patiri mukuru imbere yo guhamagarwa ngo binjire mu miduga ibarerura.
 Bamaze guhaguruka, baciye batangura igisabisho c'irozari baza baracishamwo imvyino n'indirimbo kugira bagume mu ntumbero y'urugendo.Kubera ko urugendo rwari rurerure cane, baza baracishamwo bava mu miduga kugira baruhuke.Ubwa mbere baruhukiye mw'iseminari nkuru y'igitega, ubwa kabiri baruhukira ku kirimba c'umwungere wa Diyoseze ya Ruyigi.
Â
Bamaze
gushika kw'ico kirimba citiriwe umushaha mweranda wa Yezu kiri i buruhukiro muri Paruwase mvyeyi ya Muyaga , uwurongoye ico kirimba Patiri Aloys Cambara yaciye abakira arabaha ikaze aca
atangura kubasigurira ibijanye n'ico kibanza ceranda n'igituma ciswe ceranda mu nyuma arabashikiriza inyigisho ijanye n'ukwihindura kwa Yezu mu maso y'abatumwa.
Tubajije Patiri Agapit Nindorera intumbero y'urwo rugendo n'igituma bahisemwo i Muyaga, yatumenyesheje ko bashatse kugira akigoro mu kugira urugendo ruruhishije bisunga uburuhe Yezu yagize kugira kandi basabire cane Yubile yimirije ya Paruwase, basabire Diyoseze Nkuru ya Bujumbura , basabire kandi igihugu n'imiryango ihanzwe n'ibibazo bitandukanye muri iki gihe.Kabaye n’akaryo ko gusozera Igisabisho c’Iminsi icenda bari bamazemwo iminsi mu kwitegurira Umunsi mukuru cane wa Kristu UmwamiÂ
Iyindi ntumbero y'urwo rugendo rweranda kuri ico kirimba rwari urwo kuzirikana umuruho n'ingorane aba misiyonari ba mbere bagize kugira bamenyeshe Inkuru Nziza, gutyo bihe inkomezi abakristu ba Paruwase Kinindo mu kumenyesha Inkuru Nziza ya Yezu Kristu.Ni mw’iyo ntumbero nyene, mu ndinganizo y’urwo rugendo, bagize inzira y’umusalaba y’urugendo runini ku kibanza c’ iburuhukiro ahasanzwe hari ibimenyetso vyerekana ukubabara n’ ugupfa kwa Yezu Kristu.
Patiri Agapit aca ashima ingene abakristu
bitavyo ako kamo, ndetse akavuga ko n’abakristu bashimye ivyiza bagabanye mu kwibonera
neza ikimenyetso ca mbere c’umusalaba , aho aba misiyonari baciye n’ingene uwo
musalaba washinzwe, agashima ukugene abari mw’urwo rugendo rweranda bagumye mu
bumwe n’urukundo kuko baraye barasenga ijoro ryose bari kumwe, barasangirira
hamwe n’inkuka ya misa mu bucagu cagu baraheza barangiriza ku nzira y’umusalaba yarangiye igihe c’isaha imwe n’igice z’agatondo.
Uwo musaserdoti
yarangije asaba abakristu ko bokwitegurira cane ku mutima Yubile kugira
imigisha ya Yubile izoshike biteguye neza na none ngo yubile atari ukurya n’ukunywa
ariko ari ico izobasigira ku mutima na cane cane mu gukorera Imana.Yarasavye
kandi abakristu kwitanga cane mu bikorwa vyose bitegekanijwe muri iyi minsi
isigaye ngo bahimbaze Yubile.
Twobamenyesha ko urwo rugendo rweranda rwari rugize kabiri abakristu ba Paruwase Kinindo bagize kuva umwaka wa Yubile wuguruwe.Urwa mbere rukaba rwabaye mu kwezi kwa gatanu rugana kukirimba "Umutabazi w'abakristu"kiri ku buterere,urwo rugendo rukaba rwabaye mu ntumbero yo gusozera ukwezi kwahariwe Bikira Mariya bamuragiza na Yubile ya Paruwase.
Gratia Ntahe Dushime,Paruwase KinindoÂ
Â
Â
Urakaninahazwa, Kristu, wewe Muco wamaho w’Imana nzima. Umukama yavuze ati: «Ndabahaye itegeko rishasha: nk’uko ndabakunda, nimukundane namwe.» Urakaninahazwa, Kristu, wewe Muco wamaho w’Imana nzima.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (13, 1-15)
Yezu yarabakunze urutiziganya
Imbere y’umusi mukuru wa Pasika, Yezu kuko yari azi ko ubutigu bwiwe bwo kuva kuri iyi si ngo asubire kwa Se bwashitse, kandi kuko yari yakunze abiwe bo kuri iyi si, yarabakunze urutiziganya.
Uwo musi bariko barafungura, Shetani yari imaze gushira mu mutima wa
Yuda Isikariyoti mwene Simoni imigambi yo kumugurisha, Yezu na We yari azi ko
Se yamugabiye ibintu vyose, ko yakomotse ku Mana kandi agira ngo asubire ku
Mana.
Mu gihe bariko barafungura rero, Yezu yavuye ku meza, akūra umutamana wiwe, yakira igitambara, aragikanyera. Hanyuma asuka amazi
mu mubehe, atangura kwoza ibirenge vy’abigishwa biwe no kubihanaguza nya
gitambara akenyeye.
Ashikiriye Simoni Patero, Patero amubwira ati: «Mukama, ari Wewe unyoza
ibirenge!» Yezu aramwishura ati: «Ico ngira nturi bugitegere ubu, uzogitegera
hanyuma.» Petero aramubwira ati: «Ntirikabe, ntuzokwigera unyoza ibirenge!»
Yezu asubizayo ati: «Nintakwoza, nta co uzoba ugisangiye nanje.» Simoni Petero
amubwira ati: «Mukama, nivyaba ari ivyo, ntunyoze ibirenge bisa, nyoza n’umutwe
n’iminwe!» Yezu amubwira ati: «Uwamaze kwiyuhagira ntaba agikeneye kwozwa, kuko
ata mwanda aba afise; namwe nyene muri beranda ariko si mwese.» Na none yari
azi uwuza kumugurisha; ni ko kuvuga ati: «Ntimuri beranda mwese.»
Ahejeje kuboza ibirenge, yambara umutamana wiwe, asubira ku meza, ababwira
ati: «Mwategereye ico nabagiriye? Munyita Mwigisha na Mukama, kandi muvuga
ukuri, kuko ndi we. Ko rero jewe Mukama Mwigisha nabogeje ibirenge, mubwirizwa
namwe kwozanya ibirenge. Nabahaye akarorero, ngo namwe mwigenze nk’uko
nabagiriye.»