Ku w'Imana igenekerezo ryaÂ
21 Munyonyo, muri Paruwase Munanira harahimbajwe umusi mukuru wa Kristu
Umwami. Ibirori vyatanguriye ku rugendo rwabereye Aho bita ku musaraba, ari
naho hashinjwe umusaraba wa Yezu Kristu Bagana kuri Paruwase, aho abihebeye
Imana, abanyamihari n'imigwi y'ubutumwa, hamwe n'abandi Bakristu bari
basidukanye n'iyonka muri uwo musi mukuru, barangwa n'indirimbo, imvyino
n'intabo.
Inkuka ya misa yabereyemwo ivyo birori yaherejwe na
patiri Jean Marie Vyukusenge,
umwibutsamana w'imihari n'imigwi y'ubutumwa muri iyo Paruwase, ari kumwe Patiri
Jean Christophe Ndabarambanye, ajejwe ubutunzi muri Paruwase Munanira.
Mu nsiguro yatanze, Patiri Vyukusenge yaravuze inkomoko y'uwo
musi mukuru. Yagize ati: «Uwushaka kuba umurongozi mwiza aha kw'isi, yisunga
Umwami w'Abami, Yezu Kristu».
Inyuma y'inkuka ya misa, amajambo yarashikirijwe n'abitavye
ivyo birori, harimwo n'umukenguzamateka yatowe mu ntara ya Muramvya, Imelde
Ntibagirirwa. Mw'ijambo ryiwe, yarasavye abari aho kwirinda inzigo. Yagize ati:
«Umwami w'Abami ni umunyakigongwe, dutegerezwa rero gutegura ubuzima buzokurikira
tumaze kuva aha kw'isi».
Eka na Musitanteri wa komine Rutegama, Stany Niyimbona, na we
nyene yari yitavye ivyo birori. Yavuze ko ku ruhande rw'intwaro bakengurukira
Ekleziya Katolika, kuko ngo inyigisho batanga, ha mbavu yo kwubaka Imitima,
zubaka n'ikibano, bigatuma abantu babana mu mahoro n'umutekano.
Ibirori vyaciye bibandanyiriza ku kibuga c'inkino ca
Paruwase, aho abanyamihari berekanye utugenegene bateguye, bongera basubiramwo
ivyivugo vyabo imbere y'abasaseredoti n'abandi bubahwa bateye iteka ivyo
birori.
Patiri mukuru wa paruwase Munanira, Patiri Deogratias
Nitunga, yaramenyeshe abari aho akamaro k'ukuja mu mihari n'imigwi y'ubutumwa.
Yamenyesheje ko umwana akuriye mu mihari agira indero nziza. Aca asaba abavyeyi
ko barungika abana babo mu mihari, kandi ko bokwijukira n'ibikorwa
vy'iterambere.
Inyuma yaho, ibirori vyabandanirije mu gatutu, mu nyubakwa
y'amanama ya Paruwase Munanira, aho basangiriye hamwe inzimano bateguye,
babandanya biginana, bongera baratamba, batazira Imana
Ezéchiel Nimbona, Paruwase Munanira
Aleluya. Yezu Kristu, Wewe cabona c’intahemuka, ari Wewe mfura y’abazuka mu bapfuye, uradukunda ukadukiza ibicumuro mu maraso yawe. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 60-69)
Muri irya misi,
Bumvise aya majambo Yezu yavuze ati: «Uwurya umubiri wanje akanywa
n’amaraso yanje arafise ubuzima budahera.», benshi mu bigishwa biwe bavuga
bati: «lyo mvugo iratugumiye, ni nde yoyemera?» Yezu yamara aca aramenya mu
mutima wiwe ko abigishwa biwe bavyidogera, arababwira ati: «Ivyo
birabatirimutsa? Hari akantu nimwabona Umwana w’umuntu aduze iyo ahora… Umutima
ni wo ubeshaho, umubiri nta co umara. Amajambo nababwiye ni umutima n’ubuzima.
Yamara muri mwebwe, harimwo bamwe batemera.» Na none Yezu kuva mu ntango yari
azi abatemera n’uwari kumugusrisha. Arongera ati: «Ni co gituma ndababwiye ko
ata woza iwanje, Data atabimuhaye.» Kuva ubwo, benshi mu bigishwa biwe baciye
biyonjorora, ntibaba bakimugendanira.
Yezu rero abwira bamwe cumi na babiri ati: «Namwe, mushaka kwigira?» Simoni
Petero aramwishura ati: «Mukama, turi bwirukire nde wundi? Ko ari wewe ufise
amajambo y’ubuzima budahera. Tweho twaremeye kandi turazi ko uri Umweranda
w’Imana.»
Â