Abanyeshure 97 bahora biga kw'ishure ryitiriwe «Umubano Mwiza» ryo mu Kanyosha, rizwi cane kw'izina rya Lyceé de la Convivialité, ku w'Imana igenekerezo rya 27 Munyonyo 2021 bararonse impapuro z’umutsindo zerekana ko barangije ivyigwa vyo mu gice y'ivyuma y'ishure nshingiro. Abo baronse izo mpapuro z’imitsindo bakaba bari mu bisata bitatu, ari vyo: igisata c'ubuhinga n'ubushakashatsi, igisata c'indimi, be n'igisata c'imibano.
Ibirori vyatanguriye ku nkuka y'imisa yo gukengurukira Imana yaherejwe mu ngoro y'Imana ya Paruwase Kanyosha, irongowe na Patiri Mukuru wa Paruwase akaba n'icegera c'umugenduzi w'amashure akukira Ekleziya Katorika muri Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, Patiri Dieudonné Ntamavukiro, ku gihe c'isaha zine n'igice zo ku musase.
Abanyeshure bo kuri iryo shure n'abarezi babo, mu kugaragaza ubukengurutsi ku Mana yabarinze ikabaha kumara umwaka ari bazima, ikabashikana no ku musi w'aho imikangara 97 yo kuri iryo shure iterwa iteka ryo kuronka impamyabushobozi, bashimye kuragiza ibikorwa vyose Imana, ari na co gituma mu gutangura ico gikorwa babereye ku nkuka y'imisa yo gukengurukira Imana.
Muri iyo nkuka y'imisa, patiri mukuru wa Paruwase Kanyosha, akaba n'icegera c'umugenduzi w'amashure akukira Ekleziya Katorika muri Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, Patiri Dieudonné Ntamavukiro, yerekeza kuri iyo mikangara, yabahamagariye kwirinda ubunebwe, abatumirira riho gukunda ibikorwa vyose vyoshobora kubateza imbere, cane cane ivy’imyuga. Yagize ati: «Mu kurindira kuja muri za Kaminuza, rondere umwuga mwoba muriga, kugira ngo ube urabafasha kwikenura mu tuntu duto duto mukenera.»
Iruhande y'izo mpanuro bahawe n'umusaseredoti w’Umukama,n’ umuyobozi w'iryo shure, umupfasoni Dénise Karagira, na we nyene yarabahaye n’iziwe mpanuro, imbere yo kubaha izo mpapuro z’umutsindo, aho yabasavye kwubaha abantu bose, bahereye ku bavyeyi babo.
Uwo muyobozi ariko yarashimiye abo banyeshure ku mwimbu baronse mu kibazo ca Leta gitanga uburengazira bwo kuja muri za Kaminuza. Nk'uko yabivuze, abo banyeshure ngo baramenye ku rugero rurenga 90%.
Mw'ijambo ryiwe, Dénise Karagira yarakengurukiye cane, abarezi, abavyeyi, ubuyobozi bw'indero muri Komine Muha no mu gisagara ca Bujumbura, hamwe na Paruwase Kanyosha iryo shure ririmwo, ku nyigisho batanga. Mu vyo yabashimiyeko yaragarutse no ku nyigisho ndoramana batanga kuri iryo shure, kuko ku bwiwe ngo abarerwa baheza bakahungukira kabiri.
Ku buryo budasanzwe, wo muyobozi yifadikanije n'abarezi n'abavyeyi barereye kuri iryo shure, barashimiye uwahoze ari umuyobozi waryo, umushingantahe Eric Nkeshimana, ubu yagenywe kuyobora irindi shure riherereye mu karere ka Paruwase Mikaheli Mweranda y’i Bujumbura, ari ryo ishure ryisumbuye rya Rohero (Lycee Notre Dame de Rohero), risanzwe na ryo nyene rikukira Ekleziya Katorika. Mu kumushimira bakaba bamuhaye n'urupapuro rwiteka rwerekana ko yitangiye bimwe bishemeye iryo shure.
Ivyo birori kandi vyari vyatewe iteka n'umuyobozi w'indero muri Komine Muha, umushingantahe Claver Ndikuriyo. Uwo muyobozi na we nyene yarashikirije ijambo ry'ubukengurutsi ryerekeye iryo Shure, akaba yavuze ko iryo shure rifise umwimbu mwiza cane ugereranije n'ayandi mashure arongoye. Akaba yarasezeranye ko azobandanya ashigikira iryo shure, kugira ngo ubumenyi bugume butera imbere.
Twobamenyesha ko n'abo banyeshure, mu kugaragaza akanyamuneza kabo, bakengurukiye ishure ryabo mu kuriha akaganuke. Ikindi twobamenyesha ni uko vyagaragaye ko kuri iryo shure abanyeshure birukira igisata c'ubushakashatsi n'ubuhinga kurusha ibindi bisata, kuko ku banyeshure 97 baronse impapuro z'umutsindo, 62 bose ari abahora biga mu gisata c'ubushakashatsi. Ikindi tutogenda tutabamenyesheje ni uko iryo shure riheruka kubura umwe mu banyeshure, akaba mbere kuri uwo musi na we yari mu bategerezwa guhabwa urupapuro rw’umutsindo kumwe n'abandi.
Gonzalve Ntashimikiro, Paruwase Kanyosha
Aleluya. Yezu Kristu, Wewe cabona c’intahemuka, ari Wewe mfura y’abazuka mu bapfuye, uradukunda ukadukiza ibicumuro mu maraso yawe. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 60-69)
Muri irya misi,
Bumvise aya majambo Yezu yavuze ati: «Uwurya umubiri wanje akanywa
n’amaraso yanje arafise ubuzima budahera.», benshi mu bigishwa biwe bavuga
bati: «lyo mvugo iratugumiye, ni nde yoyemera?» Yezu yamara aca aramenya mu
mutima wiwe ko abigishwa biwe bavyidogera, arababwira ati: «Ivyo
birabatirimutsa? Hari akantu nimwabona Umwana w’umuntu aduze iyo ahora… Umutima
ni wo ubeshaho, umubiri nta co umara. Amajambo nababwiye ni umutima n’ubuzima.
Yamara muri mwebwe, harimwo bamwe batemera.» Na none Yezu kuva mu ntango yari
azi abatemera n’uwari kumugusrisha. Arongera ati: «Ni co gituma ndababwiye ko
ata woza iwanje, Data atabimuhaye.» Kuva ubwo, benshi mu bigishwa biwe baciye
biyonjorora, ntibaba bakimugendanira.
Yezu rero abwira bamwe cumi na babiri ati: «Namwe, mushaka kwigira?» Simoni
Petero aramwishura ati: «Mukama, turi bwirukire nde wundi? Ko ari wewe ufise
amajambo y’ubuzima budahera. Tweho twaremeye kandi turazi ko uri Umweranda
w’Imana.»
Â