Turafise ibintu bibiri twozirikana mu vyo ibisomwa iyi nyigisho yisunga bidusaba kurwanya mu buzima bwacu: ishari n'ugutirimutsa abantu bato bato (Mariko 9,42).
Indwi ya mbere y'ukwezi kwa Gitugutu itangura kw'igenekerezo rya 30 Nyakanga ikarangira kw'igenekerezo rya 06 Gitugutu 2018. Ni indwi ihariwe kumenyesha igikorwa ca Papa c'ugukwiza hose Inkuru Nziza ya Yezu Kristu. Nk'uko twabibemereye, ikigo CEDICOM ca Diyoseze Nkuru ya Bujumbura kijejwe kubatororokaniriza no kubashikiriza inkuru za Ekleziya muri Diyoseze kirabashikiriza inyigisho ya Papa itegekanyijwe kuri iyi ndwi, nk'uko iri muri ka gatabu kitwa «Agatabu ko kuremesha ubutumwa bw'igikorwa ca Papa co gukwiza kw'isi yose Inkuru Nziza ya Yezu Kristu? Ukwezi kwa Gitugutu 2018», kuva ku rupapuro rwa 20 gushika kuri 24.
INYIGISHO ITEGEKANIJWE KURI IYO NDWI
Ibisomwa vy'amasabamana vyisungwa ni ivyo kw'idominika ya 26, umwaka-B (Iharura 11,25-29; Zabuli 18(19)8,1012-13.14; Yakobo 5,1-6/ Mariko 9,38-43.45.47-48). Ijambo ry'Imana twumva muri ivyo bisomwa ririmwo imvugo ikomeye. Yezu ati: «Uwuzobera inyanduruko y'igicumuro umwe wo muri aba bato bato bemera, vyomubera vyo bamuboheye kw'izosi urusyo ruhindukizwa n'indogobwe, bakamuterera mu kiyaga» (Mariko 9,42).
Ariko, ntitwibagire ko iryo jambo ari iry'umuvyeyi, kandi umuvyeyi arangwa n'ikigongwe n'ubwitonzi. Rero ntidutinye, tuzirikane ico Imana ishaka ko twirinda, twemere impanuro zayo, dushime kuzirangura. Turafise ibintu bibiri twozirikana muri ibi bisomwa, ivyo ridusaba kurwanya mu buzima bwacu; na vyo ni ibi: ishari n'ugutirimutsa abantu bato bato.
INYIGISHO YA MBERE: KURWANYA ISHARI
Mu gihe tugezemwo, abantu benshi baratwarwa n'ishari; kenshi ishari rirafata ikibanza mu migenzo yacu no mu buzima bwacu bwa misi yose. Nimurabe ibishika hirya no hino mu kibano, mu migambwe, mu mashirahamwe, eka mbere no muri Ekleziya. Birashika umuntu w'ingingo kandi akora ineza akabura ikibanza n'ijambo, kuko abamukumira bavuga ngo «Uriya ntagendana natwe».
Bavukanyi, na twebwe abakristu, iyo nyifato y'ugukumirana irashobora kudufata kubera ishari, maze ntitunezerwe n'igikorwa ciza gikozwe n'abo tudasangiye umubano, umuhari, umuryango, idini n'ibindi. Mu rugo rukristu, hagati y'abubakanye, birashika hakaba ishari risambura ubumwe bwabo. Mu mihari, canke mu mibano mito mito, turasangamwo abatwarwa n'iyo nyifato mbi.
INYIGISHO YA KABIRI: KUDATIRIMUTSA ABANTU BATO BATO
Twese biradushikira tugacumura, ariko Yezu arashimika ku kutadoma urutoke ku bicumuro bitsitaza abandi, cane cane antu bato bato: «Uwuzobera inyanduruko y'igicumuro umwe wo muri aba bato bato bemera, vyomubera vyo bamuboheye kw'izosi urusyo ruhindukizwa n'indogobwe, bakamuterera mu kiyaga».
Yezu ntashaka ko tuba abantu b'ishari. Twagure imitima yacu, abantu bose bayironkemwo ikibanza. Abo tutari mu kagwi kamwe, abo tudasangiye ivyiyumviro, umugambwe, ishirahamwe, umuhari, ubwoko, ukwemera n'ibindi, ntitubacire imanza, kuko Imana ishobora kurangura ivyiza iciye ku muntu uwo ari we wese yitoreye, mbere no ku wo tutokwibaza. Ikindi, twese duhamagariwe guhitamwo ubuzima mu guheba ingeso zose zikomoka kuri sekibi, kugira ngo umusi uri izina tuzotorane ubuzima budahera.
Bavukanyi, muri uku kwezi kw'icumi dutanguye, dusabwa kuba abashikiriza b'Inkuru Nziza, duhereye aho tuba, mu mirimo yacu ya misi yose. Umwe wese asabwa kwitanga ukwo ashobora kwose kugira ngo akanyamuneza gakomoka kuri Yezu Kristu gakwire mu bantu bose.
Bakristu, beza b'Umukama, mu kugendera ubu butumwa bw'iyi ndwi, vyoba vyiza tuyiranguyemwo ibikorwa bikurikira:
1. Gutunganya inyigisho ku bakristu bose, zerekeye igikorwa ca Papa c'ugukwiza hose Inkuru Nziza ya Yezu Kristu n'akamaro kaco muri Ekleziya;
2. Guhimiriza urwaruka ruri mu mihari y'ubutumwa bwa Ekleziya Katolika ngo rwitange, muri uku kwezi kw'icumi, mu kwegeranya imfashanyo yo gushigikira Abamisiyonari;
3. Gukundisha no kwigisha abakristu gusenga bakoresheje ishapule y'Abamisiyonari.
Ngivyo bimwe bimwe mu vyo dusanga mu gatabu ko kuremesha ubutumwa bw'igikorwa ca Papa co gukwiza kw'isi yose Inkuru Nziza ya Yezu Kristu ? Ukwezi kwa Gitugutu 2018. Ni agatabu dukesha ibiro Ndemeshabutumwa bw'ibikorwa vya papa vyo kumenyesha Inkuru Nziza ya Yezu Kristu mu Burundi. Kasubiwemwo mu kirundi n'abagize ivyo biro, i Bujumbura, ngo gafashe abakristu mu misa, mu masabamana, mu manama y'imibano mito mito, no mu mihari, mu kiringo c'uku kwezi kwa Gitugutu.
Patiri Salvator NGENDABANYIKWA, Umuyobozi Ndemeshabutumwa bw'ibikorwa vya Papa vyo kumenyesha Inkuru Nziza ya Yezu Kristu mu Burundi (O.P.M/Burundi), kumwe na Nyenubweranda Papa Fransisko, yipfuza ko uwabatijwe wese yovuga nka Paulo Mweranda ati: «Noba ndarwiciriye ntamenyesheje Inkuru Nziza» (1Kor.9,16). Abashikiriza izi nyigisho abipfuriza kuzohimbaza neza wa musi mpuzamakungu w'ugukwiza hose Inkuru Nziza ya Yezu Kristu.
Inyigisho y'iyi ndwi ya mbere isomwe ku bwanyu n'umufashabutumwa wa Ekleziya mu kigo CEDICOM. Inyigisho y'indwi ya kabiri muzoyishikirizwa imbere y'uko iyo ndwi y'ubutumwa bwa Papa itangura.