
Bavukanyi, uko umwaka utashe, iyo turi mu guhimbaza umusi
mukuru wa Noeli, turinjira mu gihe c’ubushikiro, igihe ceranda kiduha
kwitegurira neza amibukiro y’ivuka ry’Umucunguzi wacu.
Muri ico gihe c’ubushikio rero, ibisomwa vyeranda Ekleziya
idutegekaniriza biraduha kubona ibizoba ku musi wa nyuma, ku muhero w’isi. Ese
rero iki gihe coduha na cane cane kurimbura amaherezo yacu.
Abantu turavuka, buke buke tugatahura ico twaremewe: ukubana
n’Umuremyi. Kuko Imana iradukunda, ntishaka ko hoba n’umwe atakara.
Kora rero ibishoboka, kugira ngo ugume wanditswe muri ca
gitabu c’ubuzima. Waremewe ubuzima buhoraho. Irinde gutimbira mu kabi uko kari
kose. Jambo w’Imana turiko turitegurira kwakira, nagufashe.
Patiri Olivier Ndayisaba
Aleluya,
aleluya.
Imana ni Yo yatumye abantu b’isi buzura na Yo muri Kristu,
ikongera
ikadushiramwo ijambo ry’ubwo bwuzure.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na na Matayo (18, 15-20)
Mugenzawe agukundiye, uzoba umurokoye
Muri irya misi,
Yezu
yabwiye abigishwa biwe ati: «Mugenzawe agucumuyeko, genda umuhanure muri umwe
n’umwe; agukundiye, uzoba umurokoye. Akwankiye, jana n’uwundi umwe canke
babiri, kugira ngo ijambo rivugwe imbere y’ivyabona bibiri canke bitatu.
Akaramuka atabumviye na ho, ubibwire umuryango. Niyanka kwumvira umuryango,
uramuraba nk’umupagani canke umutozakori.
Ni ivy’ukuri ndabibabwiye: ico muzoboha kw’isi cose kizoba kiboshwe no mw’ijuru, ico muzobohora kw’isi cose kizoba kibohowe no mw’ijuru. Ndabibabwiye kandi: abantu babiri hano kw’isi bashize hamwe bagasaba, ico basavye cose, Dawe wo mw’ijuru azokibaha. Kuko aho babiri canke batatu bakoraniye kw’izina ryanje, mba ndi hagati yabo.»