Bose: Ahari abakundana,
ni ho usanga Mungu avyagiye.
1.-Urwo Kristu adukunda
rwaratwungiye ubumwe.
2.-Nitwigine tunezerwe na Kristu.
3.-Nitwubahe Mungu Muzima twongere
tumukunde.
4.-Natwe nyene dukundane urutari
urw’agahemo.
5.-Iyo turamutse rero dukoraniye hamwe Ntidushire
imitima kubiri.
6.-Ntureke imitongano n’imanza
7.-aheze Kristu abe hagati yacu.
8.-Ese twese twokwibonera mu buninahazwa
bwawe wewe Kristu
Mana nzima.
9.-Kinezero gishitse kitagir’agahonzi
c’imyaka idahera.
Aleluya, aleluya.
Ese Imana, Yo Muvyeyi w’Umukama wacu Yezu Kristu
yomurikira imishaha
yacu,
kugira ngo
turimbure ukwizigira kumwe rudende
yaduhamagariye.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (18, 15-20)
Muri irya misi, Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: «Mugenzawe agucumuyeko, genda umuhanure muri umwe n’umwe: agukundiye, uzoba umurokoye. Akwankiye, jana n’uwundi umwe canke babiri, kugira ngo ijambo rivugirwe imbere y’ivyabona bibiri canke bitatu. Akaramuka atabumviye naho, ubibwire umuryango. Niyanka kwumvira umuryango, uramuraba nk’umupagani canke nk’umutozakori.
Ni ivy’ukuri ndabibabwiye:
ico muzoboha kw’isi cose kizoba
kiboshwe no mw’ijuru, ico muzobohora kw’isi cose kizoba
kibohowe no mw’ijuru.
Ndabibabwiye kandi:
abantu babiri hano kw’isi bashize hamwe bagasaba, ico basavye cose Dawe wo
mw’ijuru azokibaha. Kuko aho babiri canke batatu bakoraniye ku bw’izina ryanje,
mba ndi hagati yabo.»