Bose: Mukama turagukomey’amashi.
1. Yezu mukama ny’en’ijuru n’isi
turagukomey’amashi.
2. Yezu Mukama wadutey’iteka mu kudutumir’iwawe.
3. Waradukunze, uraducungura
turagukomey’amashi
4. Turakwitavye tuj’imbere yawe,
turagukomey’amashi.
5. Turakwituye turagushengerera,
turagukomey’amashi.
6. Turakwemeye, turagukengurukiye,
turagukomey’amashi.
7. Turagukunda, tuzogukundisha,
turagukomey’amashi
8. Yezu mukama turakuririmbiye,
turagukomey’amashi.
Â
Aleluya, aleluya. Mpumura, Mukama, niho nzokwihweza ivyiza vy’agatangaza vy’amategeko yawe. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (17, 14-20)
Muri irya misi, Yezu n’abigishwa biwe bari bashikiriye ishengero ry’abantu, haza umwe apfukama imbere yiwe asaba ati: «MuKama, girira imbabazi umwananje, yafashwe n’amashetani kandi arasinzikaye, uri aho yisutse mu ziko, uri aho yitaye mu mazi. Namushiriye abigishwa bawe, ntibashoboyekumukiza.» Yezu yishura ati: «Ewe bwoko bw’intemera, nzogumana namwe gushika ryari? Nzobarinda gushika ryari? Munzanire hano.» Yezu arayibwiriza, iraheza shetani iva muri nya mwana, ubwo nyene aca arakira.
Hanyuma rero, abigishwa bihereranya Yezu, bamubwira bati: «Igituma tutashoboye
kuyirukana ni iki?» Yezu arabishura ati: «Ni uko mwemera buhoro. Ndababwiye
ivy’ukuri, iyo muba mufise ukwemera kungana agatete ka sinapi, mwobariye uwo
musozi muti: Va aha, genda hariya, wogiyeyo. Nta na kimwe cobananiye.»