Bose: Ni
mugume mu Rukundo rwanje.
1.Yezu wavuze uti: Uko dawe yankunze niko nanje nyene
Nabakunze.
2. Yezu wavuze uti: ni mwagumya amabwirizwa yanje muzoguma
Murukundo rwanje.
3. Nkuko nanje nagumije amabwirizwa ya Data none nama mu
Rukundo rwiwe.
4. Ng´iri bwirizwa n´uko mwokundana
Nk´uko nanje nyene nabakunze.
5.Yezu wavuze uti: Ntawushobora kurush´urukundo
Uwiguze abagenzi biwe.
6. Simwe mwantoye oya ni jewe nabatoye
Nabashinze kugendamukama kand´icamwa gihoraho.
7. Kugira ngo Data abahe ico muzomusaba
Ico muzomusaba cose kw´izina ryanje.
8.
Ndababwiy´ivyo kugira ngo akanyamuneza kanje
Kabe muri mwebwe maze akanyamuneza kanyu
kakaba kose.
Aleluya. Kristu yarazutse; umuco wiwe waratuboneshereje, twebwe yacunguje atnaraso yiwe. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 52-59)
Muri irya misi,
Abayuda baja mu gaharira, bavuga bati: «Uwo ashobora ate kuduha umubiri
wiwe ngo tuwufungure?» Yezu arababwira rero ati: «Ni ukuri ni ukuri
ndabibabwiye: mudafunguye umubiri w’Umwana w’umuntu, ntimunywe n’amaraso yiwe,
nta buzima muzogira. Uwufungura umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje, arafise
ubuzima budahera. Nanje rero nzomuzura ku musi w’imperuka. Na none umubiri
wanje ni imfungurwa y’ukuri, amaraso yanje na yo ni inyobwa y’ukuri. Uwufungura
umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje, aba muri jewe, nanje nkaba muri we.
Nk’uko Data Nyenubuzima yantumye ari we ambeshaho, ni ko n’uwumfunguye ndamuha
ubuzima. Uyo rero ni wo mukate wamanutse uva mw’ijuru. Ntumeze nk’umwe basokuru
banyu bafunguye, hanyuma bagapfa. Uwuzofungura uyo mukate azoramba mu myaka
yose.»
Ivyo Yezu yabivuze yigishiriza mw’isinagoga i Kafaranawumi. Â