Bose: Sabwe dawe ndaje, sabwe Mwami
wanje, sabwe
Dawe ndaje.
1.Ndagusenga
Mwami mwiza m’ukaristiya.
Mwami nyen’inganji Nyagusengwa gose.
2.Mbega
Mwami
Nyen’inganji, mbeg’uh’uranzi?
Nd’imburakimazi n’ah’umpamagaye.
3. Ng’iryo jamb’uhor’umbwira ngo:
Mwana wanje,
N’uz’ino tubane: nkunezereze.
4. Kunda KO ndakwishimira, Mwami
mwiza we
Washimye kuntora nam’imbere yawe.
5. Ego urampamagaye ng’ungaburire,
Mbon’urw’umfitiye
kw’ar’ikirenga.
6. Yamara ndamaramazwa n’ivyo
nakoze,
Mbe nokwishur’iki? nokwank’iry’Umwami.
7. Oya nanzi Mwami mwiza,
mbogor’ariho,
Eka nd’umurushwa ariko nd’uwawe.
8. Raba ndagufukamiye ngutez’amashi,
Ndishwe n’uburuhe, n’urwuya rwandenze.
9. Ump’urukundo rwa rwose,
ump’ukwemera,
Ntsinde ikimbuza kuvyagir’iwawe.
10. Ntabara nguteramire, nkiriho
kw’isi,
Nze mpeze nkw’iboner’amaso
Aleluya, aleluya,
Nyumvisha amabwirizwa yawe, Mukama, maze ndayazigame,
ndayarangure n’umutima wanje wose.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (11, 27-28)
Muri irya misi ,Yezu yariko arayagira ishengero ry’abantu, hanyuma umugore ava muri rya shengero atereza akamo hejuru ati: «Irahiriwe inda yagutwaye, eka n’amabere wonse arahiriwe!» Yezu aramwishura ati: «Hahiriwe nyabuna abumviriza Ijambo ry’Imana kandi bakarirangura!»