Bose: Ni muhimbagwe, Umukama ari mukuza.
1. Ndabivuze, ndabisubira: Ni
muhimbarwe n’Umukama.
2. Abantu bose babon’akanyamuneza kanyu.
3. Ntihagir’ico mwinona, mu bukene murimwo, Ni
mumusabe,
Mumutakambire.
4. Mumuzirikanishe mu gukenguruka ivyo
mumuzamba
N’ih’amahoro y’Imana yobazigamir’imishaha.
N’ivyiyumviro muri Kristu Umukama wacu.
Aleluya, aleluya,
Nyumvisha amabwirizwa yawe, Mukama, maze ndayazigame,
ndayarangure n’umutima wanje wose.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (11, 27-28)
Muri irya misi ,Yezu yariko arayagira ishengero ry’abantu, hanyuma umugore ava muri rya shengero atereza akamo hejuru ati: «Irahiriwe inda yagutwaye, eka n’amabere wonse arahiriwe!» Yezu aramwishura ati: «Hahiriwe nyabuna abumviriza Ijambo ry’Imana kandi bakarirangura!»