1. Ng’uyu
Yezu az’iwacu, tushime Bakristu.
Aragomba kutwihereza, akund’abiteguye neza;
Twe turahiriwe. (2)
2. Ng’uyu
Yezu az’iwacu, ari mu kishusho.
Mwami, twese turakwemeye,
turagumy’ijamb’utubwira,
Uk’utayobeza (2)
3. Ng’uyu
Yezu az’iwacu, avuye mw’ijuru.
Agira ngo tubane neza, tugend’iwe
ng’atukomeze.
Arakahoraho. (2)
Aleluya, aleluya.
Umukama yavuze ati: «Natoye iki kibanza ndakigira ceranda,
kugira ngo izina ryanje rivyagiremwo imyaka n’imyaka.»
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (2, 13-22)
Yezu avuga igisengero c’umubiri wiwe
Ipasika y’Abayuda yari yegereje, Yezu rero aduga i Yeruzalemu. Araheza asanga mu Ngoro y’Imana abadandaza ibimasa, intama n’inuma, hamwe n’abavunja amahera bicaye. Araheza azingazinga imigozi, ayigira nk’ikimǒko, arabirukana bose abakura mu Ngoro y’Imana, co kimwe n’intama n’ibimasa vyabo. Asanzaza amahera y’abavunja, acuranguza n’amameza yabo. Abadandaza inuma na bo ababwira ati: «Kure ivyo ngaha, ingoro ya Data ntimuyigire inzu y’akaguriro.» Abigishwa biwe rero bibuka ko handitse ngo: «Umwitwarariko w’Ingoro yawe uzombagata.»
Abayuda rero
baramwishura bamubwira bati: «Ko ubigenjeje utyo, ikimenyetso utweretse ni
ikihe?» Yezu abishura ati: «Sambura iyi sengero, nanje nze ndayihagarike mu
misi itatu.» Abayuda rero baramwishura bati: «Iyi sengero bayimazeko imyaka
mirongo ine n’itandatu bayubaka, nawe ngo woyihagarika mu misi itatu?» We
yamara isengero yavuga, wari umubiri wiwe. Aho rero amariye kuzuka ava mu
bapfuye, abigishwa biwe bibuka ko yari yarabivuze, barahava bemera Ivyanditse,
bemera n’ijambo Yezu yari yaravuze.