Bose: Ng’iki ikizobaranga.
Y’uko muri’abigishwa banje: n’ugukundana
nk’uko nanje nabakunze.
Urukundo mufitaniye ni rwo ruzomenyesha
bose ko
Mur’abigishwa banje. Ng’ik’ikizobaranga…….
MANEANT IN VOBIS
Bose: Muraman’ukwemera ukwizigira be n’ugukunda:
Ariko
Igokuru
muri ivyo bitatu, n’urukundo.
Ubu lero
har’ukwemwera, ukwizigira n’ugukunda ariko igikuru mur’ivyo
Bitatu
n’urukundo. Muraman’………..
Bose: Baragabanganye ivyambarwa vyanje,
Barapfindaniye ku mutamana wanje.
1. Mukama Mukama ni kuki wampevye/kw’ijambo
mvuga
Ridasa
n’irinkiza.
2. Mukama, ku murango ndatakamba sinishurwe /
Mw’ijoro
ntagacerere ndonka.
3. Ico bikoze ni Wewe mweranda/Uba mu ngoro
y’israeli.
4. Abatuvyaye barakwiziye/barakwizigiye utako
urabarokora.
5. Barakwirukira bagakira/barakwizigira
ntibiziguruke.
6. Jeho nd’ikinyogomba sind’umuntu/ nd’igitorwa
mu bandi.
7. Abambona bose barantwenga/barampfunira
bakazunguz’umutwe.
8. Ngo: «Hamwe yizera Imana n’imukize»/
Usangwa ari yo mugenziafise n’imugarukireko.
9. Rugira ni wewe wankuye mu nda /
Unshira kw’ibere rya Mama.
10. Naravutse negukira wewe/kuva munda ya Mama
ni wewe Mana yanje.
11. Ntuje kure amaruswa aranyegereje /singir’ikintabara.
12. Ibipfizi indiri birankikiza/Ibinyamaswa
amahanga
Vyo
muri bashani bikanc’irya n’ino.
13. Ibinwa vyavyo biranyasamiye/ni nk’intambwe
zizirika
Zikznkamwa.
14. Meze nk’amazi atemba, amagufa yanje yose
yareganutse+
Umushaha wanje ushonga nk’ishashara/ushongera mu mara.
15. Numye amagage nk’ubw’ugusya/ururimi narwo
rwanyumiye
Mu
kanwa
16. Imbwa isinzi zirankikiza+umugwi w’ubuntu
bw’imburakimazi
Wanteye/Bwamboshe amaguru n’amaboko, bundyamika
Mu
nkungugu napfuye.
17. Noshobora n’uguharura amagufa
yanje/baranyitegereza banderetse.
18. Bakagabangana ivyambarwa
vyanje/Bgapfindanira ku mutamana
Wanje.
19 .Ariko wewe
Mukama ntunje kure/wewe nzeyeko
amagara
Tebuk’untabare.
20 .Nkiz’inkota nkiz’imbwa igira ngo
imponyore/ni wewe musa mfise.
21. Nkura mu menyo y’intambwe/nkiz’ihembe
ry’imbogo.
22. NZoheza nirahire izina ryawe mu
mavukano/nkuyage mu makungu.
23. Mwebwe mwubah’Imana yihaye+wa muryango wa
Yakobo yininahaze/wa muryango wa Israeli tiny’Imana.
24. Kuko Imana itagaye umurushwa mu barushwa
/ntiyamwinyushije
Ariko yarayitakambiye iramwumvira.
25. Ni wewe mukama mvuga mu kagani/nzorangura
indagano zanje
Imbere y’abamwubaha.
26. Aboro bazorya bahage+Abaronder’Imana
bazoyihaga /barakaramba.
27. Intara zose zizokwikugua’Imanaziyigarukeko
/zizokwegukir’Imana
Imiryango yose y’ibihugu ipfukam’isenge.
28. Ingoma niy’Imana/we Mwami w’inarazose.
29. Imana izofukamirwa n’abagab’isi
+Impukamirwe n’abatobato/
Nanje nzoyigura.
30. Umuryango wanje/Uzoyiyagir’urwaruka.
31. Ubwir’intara zo hanyuma uti/Rab’ivyiza
yagize.
Aleluya, aleluya.
Umukiza wacu Yezu Kristu yaratsinze urupfu;
yarabonesheje ubuzima n’umuco,
mu kudushikiriza Inkuru nziza.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (11, 15-26)
Muri irya misi, Yezu yari yirukanye ishetani ngo ive mu muntu w’ikiragi. Mugabo bamwe mu bari aho bagira bati: «Yirukana amashetani kubwa Belizebuli, umwami w’amashetani.» Abandi na bo, kugira ngo bamugeze, bamubwira bati: «Twereke ikimenyetso kivuye mw’ijuru.»
We rero yari azi ico biyumvira, ababwira ati: «Ubwami bwose budashira hamwe
buzohona, amazu na yo agwaneko. Ko mugize ngo nirukana amashetani kubwa
Belizebuli, none shetani niyaba iriko irirwanya, ubwami bwayo buzorama bute?
Ngasangwa nanje nirukana amashetani kubwa Belizebuli, abana banyu bayirukanisha
iki? Ni co gituma bazobabera bo nyene abacamanza. Yamara ngasangwa nirukana
amashetani ku bubasha bw’Imana, Ubwami bw’Imana bwabashikiriye.
Iyo umugabo akomeye, ari n’umuheto, akararira urugo rwiwe, ivyiwe
ntakibikakaza. Ariko haramutse haje uwumurusha inguvu akamutsinda, aca amwaka
wa muheto yari yishimiye, kandi ivyo amwambuye agaca abitanga.
Uwo tudashize hamwe aranyaka, uwo twimburira kubiri arasesagura.
Iyo shetani y’ibiterasoni ivuye mu muntu, irayerera mu bunoge, irondera aho yoruhukira, ariko ntihabone. Iraheza rero ikavuga iti: Nza kwisubirira mu nzu yanje navuyemwo. Igarutse, isanga ata nkomakomyi, isukuye kandi isikuye. Ikagenda noneho kuzana ibindi bishetani indwi biyisumwa ububi; vyinjiye bikayigumanamwo, maze bikunyuka, ububi wa muntu bukaruta ubwa mbere.»