Bose: Ng’iki ikizobaranga.
Y’uko muri’abigishwa banje: n’ugukundana
nk’uko nanje nabakunze.
Urukundo mufitaniye ni rwo ruzomenyesha
bose ko
Mur’abigishwa banje. Ng’ik’ikizobaranga…….
MANEANT IN VOBIS
Bose: Muraman’ukwemera ukwizigira be n’ugukunda:
Ariko
Igokuru
muri ivyo bitatu, n’urukundo.
Ubu lero
har’ukwemwera, ukwizigira n’ugukunda ariko igikuru mur’ivyo
Bitatu
n’urukundo. Muraman’………..
Bose: Baragabanganye ivyambarwa vyanje,
Barapfindaniye ku mutamana wanje.
1. Mukama Mukama ni kuki wampevye/kw’ijambo
mvuga
Ridasa
n’irinkiza.
2. Mukama, ku murango ndatakamba sinishurwe /
Mw’ijoro
ntagacerere ndonka.
3. Ico bikoze ni Wewe mweranda/Uba mu ngoro
y’israeli.
4. Abatuvyaye barakwiziye/barakwizigiye utako
urabarokora.
5. Barakwirukira bagakira/barakwizigira
ntibiziguruke.
6. Jeho nd’ikinyogomba sind’umuntu/ nd’igitorwa
mu bandi.
7. Abambona bose barantwenga/barampfunira
bakazunguz’umutwe.
8. Ngo: «Hamwe yizera Imana n’imukize»/
Usangwa ari yo mugenziafise n’imugarukireko.
9. Rugira ni wewe wankuye mu nda /
Unshira kw’ibere rya Mama.
10. Naravutse negukira wewe/kuva munda ya Mama
ni wewe Mana yanje.
11. Ntuje kure amaruswa aranyegereje /singir’ikintabara.
12. Ibipfizi indiri birankikiza/Ibinyamaswa
amahanga
Vyo
muri bashani bikanc’irya n’ino.
13. Ibinwa vyavyo biranyasamiye/ni nk’intambwe
zizirika
Zikznkamwa.
14. Meze nk’amazi atemba, amagufa yanje yose
yareganutse+
Umushaha wanje ushonga nk’ishashara/ushongera mu mara.
15. Numye amagage nk’ubw’ugusya/ururimi narwo
rwanyumiye
Mu
kanwa
16. Imbwa isinzi zirankikiza+umugwi w’ubuntu
bw’imburakimazi
Wanteye/Bwamboshe amaguru n’amaboko, bundyamika
Mu
nkungugu napfuye.
17. Noshobora n’uguharura amagufa
yanje/baranyitegereza banderetse.
18. Bakagabangana ivyambarwa
vyanje/Bgapfindanira ku mutamana
Wanje.
19 .Ariko wewe
Mukama ntunje kure/wewe nzeyeko
amagara
Tebuk’untabare.
20 .Nkiz’inkota nkiz’imbwa igira ngo
imponyore/ni wewe musa mfise.
21. Nkura mu menyo y’intambwe/nkiz’ihembe
ry’imbogo.
22. NZoheza nirahire izina ryawe mu
mavukano/nkuyage mu makungu.
23. Mwebwe mwubah’Imana yihaye+wa muryango wa
Yakobo yininahaze/wa muryango wa Israeli tiny’Imana.
24. Kuko Imana itagaye umurushwa mu barushwa
/ntiyamwinyushije
Ariko yarayitakambiye iramwumvira.
25. Ni wewe mukama mvuga mu kagani/nzorangura
indagano zanje
Imbere y’abamwubaha.
26. Aboro bazorya bahage+Abaronder’Imana
bazoyihaga /barakaramba.
27. Intara zose zizokwikugua’Imanaziyigarukeko
/zizokwegukir’Imana
Imiryango yose y’ibihugu ipfukam’isenge.
28. Ingoma niy’Imana/we Mwami w’inarazose.
29. Imana izofukamirwa n’abagab’isi
+Impukamirwe n’abatobato/
Nanje nzoyigura.
30. Umuryango wanje/Uzoyiyagir’urwaruka.
31. Ubwir’intara zo hanyuma uti/Rab’ivyiza
yagize.
Urakaninahazwa, Kristu,
wewe Bwitonzi bwamaho bw’Imana nzima.
Â
Mana yanje, n’umpe umutima mweranda,
unsubize akanyamuneza k’urukiza rwawe.
Â
Urakaninahazwa, Kristu,
wewe Bwitonzi bwamaho bw’Imana nzima.
Â
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza
ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (5, 1-3a. 5-16)
Â
Ku musi mukuru w’Abayuda,
Yezu aduga i Yeruzalemu. Hagasangwa rero i Yeruzalemu, iruhande y’Irembo
ry’Intama, hari iriba ryitwa mu gihebreyi Betsata, rikagira ubwugamo butanu.
Muri bwo, hama haryamye isinzi ry’abarwaye, impumyi, abacumbagira n’abamugaye.
Hagasangwa aho hari umuntu yari amaze imyaka mirongo itatu n’umunani ari
ikimuga. Yezu amubonye aho arambaraye, amenye kandi ko yari ameze atyo kuva
kera, amubwira ati: «Ushaka gukira?» Nya kimuga kimwishura kiti: «Mbe Mukama,
ko ntafise uwunterera mw’iriba ikivi amazi asebuye; ndamuka ngiye, ngasanga
uwundi yahantanze!» Yezu amubwira ati: «Haguruka, tora uburiri bwawe, utambuke.»
Maze ubwo nyene, nya muntu arakira, atwara uburiri bwiwe kandi agendagenda.
Hagasangwa uwo musi wari isabato.
Abayuda niko kubwira uwari yakize bati: «Ni isabato, ntushobora gutwara uburiri bwawe.» Arabishura ati: «Uwankijije ni we yambwiye ngo: Tora uburiri bwawe ugende.» Baramubaza bati: «Ni nde uyo muntu yakubwiye ngo: Tora uburiri bwawe ugende?» Uwari yakize ntiyari azi uwo ari we kuko Yezu yari yizimanganije kubera ishengero ryariho. Hanyuma Yezu amusanga mu gisengero amubwira ati: «Ntubona ko wakize, genda ntube ugicumura, woye gushikirwa n’akabi karuta.» Nya muntu aja kubwira Abayuda ko Yezu ari we yamukijije. Ni co catumye Abayuda bahama Yezu kuko yakoze atyo kw’isabato. Â