Bose: Tukunde, tukunde, tukund’Umukama.
(3)
1. Uyu musi Yezu Kristu
Akinjira Yeruzalemu
N’abantu bo mugihugu
Baza
kumusanganira.
2. Yezu rero akatuma,
Abantu biwe babiri
Kumuzanir’ikitwazi
Akana
keza k’impunda.
3. Abatumwa bakiruka,
Bakamuzanir’impunda
N’abantu bose babona.
Bamusenga nk’Umukama
4. Bakamijira mu nzira
Amashurwe n’ibisanda,
Bakasasa n’ivyambarwa,
Mu nzira ya Yezu Kristu.
6.Bakongera bakavuga,
Ngo:
Gira Yezu we Mwami
Niwe yaje kudukiza,
Ni
we wa Mwana wa Mungu.
7.Ni
we Yezu Mucunguzi
W’agira
ivyiza vyose.
Akakiza
abarwaye.
Anesha n’urupfu nyene.
8.Ni we yaganje
shetani
Yari
yadufashe twese.
Ni we yaje
kutwigisha,
Amabwirizwa ya
Mungu.
9.Abansi rero ba Yezu,
Bavyumvise bakaraka
Yezu
nawe akashima,
Akahezagir’abana.
5. Abana nyene batoyi,
Bakaronder’amashurwe,
Bakayahereza Yezu,
Bakayambik’ikitwazi.
10.Twese rero twe bakristu
Uyu musi tunezerwe
Ni twigane bano bantu
Turirimbe:
Gira Yezu.
11.
Nitugendanire Yezu, Tumuninahaze twese,
Azotujana mw’ijuru, Tumubon’imyaka yose.
Aleluya.
Nimugende, mwigishe abantu bose!
Nanje nzokwamana namwe imisi yose
gushika ku muhero w’isi.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (16, 29-33)
Muri irya misi,
Abigishwa babwiye Yezu bati: «Ugiye rero wabirangura kandi nturinze guca imigani. Ubu ni ho tukibona ko uzi vyose, ata wurinze kukubaza. Ni co gituma twemeye ko waje uva mu nda y’Imana.» Yezu abishura ati: «Mbega noneho muremeye? Ng’ico igihe kirageze, kiramaze mbere gushika, aho muza gushwiragira umwe umwe, munsige ndi umwe. Nako sindi jenyene, Data ari kumwe nanje. Nababwiye ivyo, ngo muri jewe mugire amahoro. Kw’isi muzobona amagorwa, yamara mugumye umutima! Natsinze isi.»