Bose: Yezu
turagukunda, ubu tiurakuzi ntakizokunanira,
Yezu turagukunda, waneshej’abansi
biwawe,
Bari bavuze ni uba uri Mungu,
ubitwereke
Gir’utuve mu minwe, wabahinyuje
unesh’urupfu,
Ukigarura mu bapfuye.
1. Shetan’umwansi wacu
Yari yatuboshe,
Yezu arayiganza,
Shetan’umwansi wacu.
Ntikibasha kumar’abantu,
Umusalaba,
Wa Yezu Kristu, watukijije,
Watukuye mu kabi,
Tuzowukunda, tuzowusenga,
Ni w’uzotujana mw’ijuru.
2. Yez’urumwami wanje,
Sinkigukengera,
Ntiwari watubeshe,
Ur’umwana WA Mungu.
Ndakusenga, ndakwishimira,
N’ibicumuro, ndabihakanye,
N’ivyo vyakwishe,
Bitwankisha na wewe
Ni nde yobasha,
Kumera nkawe
Apfe yisubize muzima.
3. Yezu azogaruka.
Azoc’urubanza,
Wa musi w’umuhero,
Yezu azogaruka.
Azoza ku bicu vy’ijuru,
Umusalaba ni wo uzoba,
Urumenyetso
Rw’aho aganza vyose,
Abamwankiye, babe bavumwe,
N’abana biwe banezerwe.
Aleluya.
Nimugende, mwigishe abantu bose!
Nanje nzokwamana namwe imisi yose
gushika ku muhero w’isi.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (16, 29-33)
Muri irya misi,
Abigishwa babwiye Yezu bati: «Ugiye rero wabirangura kandi nturinze guca imigani. Ubu ni ho tukibona ko uzi vyose, ata wurinze kukubaza. Ni co gituma twemeye ko waje uva mu nda y’Imana.» Yezu abishura ati: «Mbega noneho muremeye? Ng’ico igihe kirageze, kiramaze mbere gushika, aho muza gushwiragira umwe umwe, munsige ndi umwe. Nako sindi jenyene, Data ari kumwe nanje. Nababwiye ivyo, ngo muri jewe mugire amahoro. Kw’isi muzobona amagorwa, yamara mugumye umutima! Natsinze isi.»