Bose:
Tukunde tukunde twizigire Yezu. (2)
1.Umukama
Yezu Kristu, umusi baramufata,
Kuko yadukunze cane, yatgiriy´Ukaristiya.
2.Abigishwa
biwe bose ,bari bakoranye hamwe,
N´umutumwa mubi nyene, yuda nawe barikumwe.
3.Yezu
rero akavuga,ati: bana banje mwese,
Urupfu gwabaye hafi, nza kwicwa n´abansi
banje.
4.Ati:
mureke kurira,mpfuye niho muzokira,
Vyongeye sinzobaheba, nzokwam´iwanyu
imyaka.
5.Akira
rer´umukate iki n´umubiri wanje,
Murye muronk´amagara,yogutsind´amashetani.
6.Yakira
naho umuvinyu,ati: N´amaraso yanje,
N´ayo
nyen´azobakiza, munywe mubon´Umutima.
7 .Wa
Mukama urakoze,twar´abantu babi cane.
Yamar´uratucunguye,na ku bwac´urababaye.
8.Vyongey´uratukomeza,utubera
ivyo kurya.
N´amaraso yawe tumywa ntaco twoba
tugitinya.
9.Uti:
mwese mwa bakristu,ni mugogwa muz´iwanje.
Amagara muyabuze nzoba nd´aho mbakomeza
10.Amagorwa
nzoyakura ni jewe rugirá vyose.
Amagara nzoyabaha, ni jewe Mungu Mukama.
11.None
rero twe bakristu,twumv´amajambo y´uMwami.
Nitwemer´Ukaristiya, ko ni Yezu Kristu Mungu.
12. Yezu
Kistu aba wese m ruhande mukimanyu.
Nkuko nyene aba wese, muri ca gishusho
cose.
13. Uhaw´ikishusho
cose, ab´ahawe Yezu wese.
Uwakiriy´ikimanyu, aronka kwa kundi
nyene.
14.
uwiteguy´asangira, arahabwa Yezu kritu.
Ac´aronka mu mutima, ikimubesha rwose.
15. Uje
ataritegura, arahabwa Yezu nawe.
Yamara n´urupfu rubi, rumufashe
rumutwaye.
16. Ni
twimenye twitegure tuhung´ibikorwa bibi.
Tushim´ibikorwa vyiza, tuhobore
gusangira.
17. Tuze
gusangira kenshi, nico Yezu nyen´ashaka.
Tuze no kumuramutsa, mu ngoro yiw´ekleziya.
18.
ararorera ngo tuze, kumusab´inema zose.
Ni washaka kudukiza, ntari bwanke
kuzinduka.
19.
Umukama tumukunde, tumuninahaze cane.
Tub´abana biwe beza, tub´abakristu
veranda.
20. Ni
twama tumwizigira, tuzopfa rwiza dukire.
Tuzogenda kunezerwa, na we nyen´imyaka
yose.
Aleluya.
Nimugende, mwigishe abantu bose!
Nanje nzokwamana namwe imisi yose
gushika ku muhero w’isi.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (16, 29-33)
Muri irya misi,
Abigishwa babwiye Yezu bati: «Ugiye rero wabirangura kandi nturinze guca imigani. Ubu ni ho tukibona ko uzi vyose, ata wurinze kukubaza. Ni co gituma twemeye ko waje uva mu nda y’Imana.» Yezu abishura ati: «Mbega noneho muremeye? Ng’ico igihe kirageze, kiramaze mbere gushika, aho muza gushwiragira umwe umwe, munsige ndi umwe. Nako sindi jenyene, Data ari kumwe nanje. Nababwiye ivyo, ngo muri jewe mugire amahoro. Kw’isi muzobona amagorwa, yamara mugumye umutima! Natsinze isi.»