Bose:
Tukunde tukunde twizigire Yezu. (2)
1.Umukama
Yezu Kristu, umusi baramufata,
Kuko yadukunze cane, yatgiriy´Ukaristiya.
2.Abigishwa
biwe bose ,bari bakoranye hamwe,
N´umutumwa mubi nyene, yuda nawe barikumwe.
3.Yezu
rero akavuga,ati: bana banje mwese,
Urupfu gwabaye hafi, nza kwicwa n´abansi
banje.
4.Ati:
mureke kurira,mpfuye niho muzokira,
Vyongeye sinzobaheba, nzokwam´iwanyu
imyaka.
5.Akira
rer´umukate iki n´umubiri wanje,
Murye muronk´amagara,yogutsind´amashetani.
6.Yakira
naho umuvinyu,ati: N´amaraso yanje,
N´ayo
nyen´azobakiza, munywe mubon´Umutima.
7 .Wa
Mukama urakoze,twar´abantu babi cane.
Yamar´uratucunguye,na ku bwac´urababaye.
8.Vyongey´uratukomeza,utubera
ivyo kurya.
N´amaraso yawe tumywa ntaco twoba
tugitinya.
9.Uti:
mwese mwa bakristu,ni mugogwa muz´iwanje.
Amagara muyabuze nzoba nd´aho mbakomeza
10.Amagorwa
nzoyakura ni jewe rugirá vyose.
Amagara nzoyabaha, ni jewe Mungu Mukama.
11.None
rero twe bakristu,twumv´amajambo y´uMwami.
Nitwemer´Ukaristiya, ko ni Yezu Kristu Mungu.
12. Yezu
Kistu aba wese m ruhande mukimanyu.
Nkuko nyene aba wese, muri ca gishusho
cose.
13. Uhaw´ikishusho
cose, ab´ahawe Yezu wese.
Uwakiriy´ikimanyu, aronka kwa kundi
nyene.
14.
uwiteguy´asangira, arahabwa Yezu kritu.
Ac´aronka mu mutima, ikimubesha rwose.
15. Uje
ataritegura, arahabwa Yezu nawe.
Yamara n´urupfu rubi, rumufashe
rumutwaye.
16. Ni
twimenye twitegure tuhung´ibikorwa bibi.
Tushim´ibikorwa vyiza, tuhobore
gusangira.
17. Tuze
gusangira kenshi, nico Yezu nyen´ashaka.
Tuze no kumuramutsa, mu ngoro yiw´ekleziya.
18.
ararorera ngo tuze, kumusab´inema zose.
Ni washaka kudukiza, ntari bwanke
kuzinduka.
19.
Umukama tumukunde, tumuninahaze cane.
Tub´abana biwe beza, tub´abakristu
veranda.
20. Ni
twama tumwizigira, tuzopfa rwiza dukire.
Tuzogenda kunezerwa, na we nyen´imyaka
yose.
Aleluya. Yezu Kristu, Wewe cabona c’intahemuka, ari Wewe mfura y’abazuka mu bapfuye, uradukunda ukadukiza ibicumuro mu maraso yawe. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 60-69)
Muri irya misi,
Bumvise aya majambo Yezu yavuze ati: «Uwurya umubiri wanje akanywa
n’amaraso yanje arafise ubuzima budahera.», benshi mu bigishwa biwe bavuga
bati: «lyo mvugo iratugumiye, ni nde yoyemera?» Yezu yamara aca aramenya mu
mutima wiwe ko abigishwa biwe bavyidogera, arababwira ati: «Ivyo
birabatirimutsa? Hari akantu nimwabona Umwana w’umuntu aduze iyo ahora… Umutima
ni wo ubeshaho, umubiri nta co umara. Amajambo nababwiye ni umutima n’ubuzima.
Yamara muri mwebwe, harimwo bamwe batemera.» Na none Yezu kuva mu ntango yari
azi abatemera n’uwari kumugusrisha. Arongera ati: «Ni co gituma ndababwiye ko
ata woza iwanje, Data atabimuhaye.» Kuva ubwo, benshi mu bigishwa biwe baciye
biyonjorora, ntibaba bakimugendanira.
Yezu rero abwira bamwe cumi na babiri ati: «Namwe, mushaka kwigira?» Simoni
Petero aramwishura ati: «Mukama, turi bwirukire nde wundi? Ko ari wewe ufise
amajambo y’ubuzima budahera. Tweho twaremeye kandi turazi ko uri Umweranda
w’Imana.»
Â