1. Nguyu Yezu aj’iwacu,
Dushime
ba kritsu.
Aragomba kutwihereza,
Akund’abiteguye neza,
Twe
turahiriwe, twe turahiriwe.
2.Ng’uyu Yezu aj’iwacu,
Ari mu gishusho.
Niko twese turamwemeye,
Turashimy’ijamb’atubwira,
Kuk’atayobeza, kuk’atayobeza.
3. Nguyo Yezu aj’iwacu,
Yigize umwandu.
W’abantu
bose yapfiriye,
None
arabagaburiye.
Umubiri wiwe, umubiri wiwe.
4. Ng’uyu Yezu aj’iwacu,
Yavuye mw’ijuru
Agira
ngo tubane na we.
Aduhembur’adukomeze,
Aragahoraho, aragahoraho
5.Ng’uyo Yezu aj’iwacu,
N’Umukama wacu,
Yezu
n’uduh’inema zawe,
Dutabaz’ukwemwra kwawe,
N’urukundo rwinshi (2)
6. Ng’uyo Yezu aj’iwacu,
Aratwihebera,
Mwami
wacu turagusenga,
Tuguhay’imiyima yacu,
N’uyigabe rwose (2)
7.Ng’uyo Yezu aj’iwacu,
Twes’aradukunda,
Mwami
natwe turagukunda,
Tuzogukundisha mu bandi,
Mwami
w’urukundo (2)
8.
Ng’uyo Yezu aj’iwacu,
N’umukiza wacu,
Mwami twese turakuzamvye,
Duh’inema y’ugupfa neza,
Mucunguzi wacu, Mucunguzi wacu,
Aleluya.
Kristu yavuye mu cobo,
We bari babamvye ku musaraba.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (16, 12-15)
Muri irya misi,
Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: «Ndacari n’ibindi vyinshi nobabwiye,
ariko ubu ntimwoshobora kuvvakira. Aho Mutima w’ukuri azozira, azobahishuka
ukuri kwose; nkako ntazovuga ivyiwe, azobabwira ivyo azoba yumvise, agireko
ababarire ibizoza. Aho nyene ni Jewe azoninahaza, kuko azobabwira ivyo akuye
iwanje. Ivyo Data afise vyose ni ivyanje. Ni co gituma navuze nti: Ivyo azoba
akuye iwanje ni vyo azobamenyesha.»