Bose: Nd’uwawe Yezu wanje, ngenz’ukushaka.
1.Uwushaka
kungendanira ni wihebe wikorer’umusaraba wiwe ankurikire.
2.Na
none uwuzorondera kurokora ubuzima bwiwe, buzomuvuka.
3. Kandi
nawe uwuzobuheba, kubw’urukund’amfitiye nzobumusubiza.
4.Mbeg’umuntu
vyomumarir’iki?gutung’ivy’isi vyose arusha umutima wiwe.
5.Aho
rero Umukam’azoza mu buninahazwa bwa se akikijwe n’abamalayika biwe ahez’ahembe
umuntu wese ku bikorwa vyiwe.
Aleluya. Kristu yarazutse; umuco wiwe waratuboneshereje, twebwe yacunguje atnaraso yiwe. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 52-59)
Muri irya misi,
Abayuda baja mu gaharira, bavuga bati: «Uwo ashobora ate kuduha umubiri
wiwe ngo tuwufungure?» Yezu arababwira rero ati: «Ni ukuri ni ukuri
ndabibabwiye: mudafunguye umubiri w’Umwana w’umuntu, ntimunywe n’amaraso yiwe,
nta buzima muzogira. Uwufungura umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje, arafise
ubuzima budahera. Nanje rero nzomuzura ku musi w’imperuka. Na none umubiri
wanje ni imfungurwa y’ukuri, amaraso yanje na yo ni inyobwa y’ukuri. Uwufungura
umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje, aba muri jewe, nanje nkaba muri we.
Nk’uko Data Nyenubuzima yantumye ari we ambeshaho, ni ko n’uwumfunguye ndamuha
ubuzima. Uyo rero ni wo mukate wamanutse uva mw’ijuru. Ntumeze nk’umwe basokuru
banyu bafunguye, hanyuma bagapfa. Uwuzofungura uyo mukate azoramba mu myaka
yose.»
Ivyo Yezu yabivuze yigishiriza mw’isinagoga i Kafaranawumi. Â