Bose: Ndagusenga Mukama we mwiza
1. Ndagusenga Mukama, Yezu Mukama, Yezu Mukama.
Yezu
mu karistiya urah’uratubona, Mukama mwiza.
2. Ndagunda, Mukama, (3)
Yezu
mu karistiya, wewe rugira mpuhwe Mukama mwiza.
3. Ndakwihaye, Mukama (3)
Yezu
mu Karistiya, Mwami w’ijuru n’isi Mukama mwiza.
4. Ndagukengurukiye, Mukama (3)
Yezu
mu Karistiya ku vyiza wangirye Mukama mwiza.
5. Ndagusavye Mukama (3)
Yezu
mu Karistiya, n’ungaburir’ivyawe Mukama mwiza.
Aleluya.
Nimugende, mwigishe abantu bose!
Nanje nzokwamana namwe imisi yose
gushika ku muhero w’isi.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (16, 29-33)
Muri irya misi,
Abigishwa babwiye Yezu bati: «Ugiye rero wabirangura kandi nturinze guca imigani. Ubu ni ho tukibona ko uzi vyose, ata wurinze kukubaza. Ni co gituma twemeye ko waje uva mu nda y’Imana.» Yezu abishura ati: «Mbega noneho muremeye? Ng’ico igihe kirageze, kiramaze mbere gushika, aho muza gushwiragira umwe umwe, munsige ndi umwe. Nako sindi jenyene, Data ari kumwe nanje. Nababwiye ivyo, ngo muri jewe mugire amahoro. Kw’isi muzobona amagorwa, yamara mugumye umutima! Natsinze isi.»