Bose: Hangama Mwami Yezu Hangama (Hangama
hangama
Mu Burundi bwacu ganz’ugab’Abarundi
bose
Sabwa n’abarundi Bose)
1. Twogukenguruka gute ga Mukama, kur’ubwo
buryo
Waduhaye bw’ugukwiza hose iyo ngoma yawe.Iyo ngoma yawe.
2. Izina ryawe rirakaninahazwa Ubwami bwawe ni
bukwire mu
Burundi bwose no k umuntu wese. No k’umuntu wese.
3. Ngiz’imisiyoni z’uburundi bwacu
zirakwiyegetseko
Mwami
turazisabiye umuhezagiro umuhezagiro.
Aleluya. Kristu yarazutse; umuco wiwe waratuboneshereje, twebwe yacunguje atnaraso yiwe. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 52-59)
Muri irya misi,
Abayuda baja mu gaharira, bavuga bati: «Uwo ashobora ate kuduha umubiri
wiwe ngo tuwufungure?» Yezu arababwira rero ati: «Ni ukuri ni ukuri
ndabibabwiye: mudafunguye umubiri w’Umwana w’umuntu, ntimunywe n’amaraso yiwe,
nta buzima muzogira. Uwufungura umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje, arafise
ubuzima budahera. Nanje rero nzomuzura ku musi w’imperuka. Na none umubiri
wanje ni imfungurwa y’ukuri, amaraso yanje na yo ni inyobwa y’ukuri. Uwufungura
umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje, aba muri jewe, nanje nkaba muri we.
Nk’uko Data Nyenubuzima yantumye ari we ambeshaho, ni ko n’uwumfunguye ndamuha
ubuzima. Uyo rero ni wo mukate wamanutse uva mw’ijuru. Ntumeze nk’umwe basokuru
banyu bafunguye, hanyuma bagapfa. Uwuzofungura uyo mukate azoramba mu myaka
yose.»
Ivyo Yezu yabivuze yigishiriza mw’isinagoga i Kafaranawumi. Â