1. Ndagusenga we Yezu we Mungu wanje,
Ur’aho mu zima naho wihisha; n’ik’ubwenge bwanje
Burayoberwa, yamara ndabuguhebera rwose.
2. Amas’arahendwa n’umunwa nyene,
Yamara
mpfa kwumva ijambo ryawe,
Noba
mbona neza ntivyosumbaho, ntakirut’ijambo ryavuze wewe.
3. Kera ku musalaba wapfda nk’umuntu
Ham’ubuntu nabwo urabuhisha, yamara nkwemere
nka ca gisuma
Uri Mungu Muntu nkusaba nka co.
4. Sinkubona nka Thomas n’inguma zawe, nkemera
yamara wa Mungu
Wanje, untabare Yezu nze nkwishimire, nze nkukunde rwose
Nze
nkwihebere.
5. Wa mukate muzima udukomeza,
Utwibutsa n’ugupfa kw’Umucunguzi, uhor’umbeshaho imisi yose
Ub’unezerez’umutima wanje.
6. N’amaraso y’iwawe Yezu Mukama ungire
mweranda
Unyuhagirire, n’amaraso yawe, akama kasa, koshoboye
Kukiz’abantu bose.
7. Yez’ubu nkubona mu bikuhishayamara nkuzamba
nkashishikara
Ntabara nkubone nkuk’usa nyene nze nk’uhang’iwawe imyaka yose.
Aleluya.
Nimugende, mwigishe abantu bose!
Nanje nzokwamana namwe imisi yose
gushika ku muhero w’isi.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (16, 29-33)
Muri irya misi,
Abigishwa babwiye Yezu bati: «Ugiye rero wabirangura kandi nturinze guca imigani. Ubu ni ho tukibona ko uzi vyose, ata wurinze kukubaza. Ni co gituma twemeye ko waje uva mu nda y’Imana.» Yezu abishura ati: «Mbega noneho muremeye? Ng’ico igihe kirageze, kiramaze mbere gushika, aho muza gushwiragira umwe umwe, munsige ndi umwe. Nako sindi jenyene, Data ari kumwe nanje. Nababwiye ivyo, ngo muri jewe mugire amahoro. Kw’isi muzobona amagorwa, yamara mugumye umutima! Natsinze isi.»