Bose: Tuhimbarwe twe bakristu,
twibuk’ikitangar,
Twagiriwe n’Umukama Yezu Mwami wa bose
Yarihevye yatwihaye, kw’impamba itazopfa.
1. Twamuhawe akivyarwa, na Bikira Mariya,
ahavuye yigishije
WA
mus’agomba gupfa, akahemba abakunda
N’impamba
itazopfa.
2. Bari kurya bose hamwe.n’abatumwa batoni
bahejeje ibwirizwa
Wa
Mwami akabaha utunyobwa n’indya nzima
Aritanga we nyene.
3. Jambo muntu n’akajambo, yihindura mu mukte,
Mu
muvinyu n’amaraso, y’umwana wa Rugira,
Mwishimire nah’utumva, ni wa Mwami
atabesha.
4. NI twemere Yezu-Kristu, muriri Sakramentu,
urukundo rwabonetse
Ivyakera vyashize tuvyemere dushimitse, tutagikekereza.
5. Ba Batatu babay’umwe, ni tubaninahaze, Mungu
Data,
Mungu
Mwana, na Mutima Mweranda, ni tubakengurukire,
Ubu n’imyaka
yose.
Aleluya, aleluya,
Nyumvisha amabwirizwa yawe, Mukama, maze ndayazigame,
ndayarangure n’umutima wanje wose.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (11, 27-28)
Muri irya misi ,Yezu yariko arayagira ishengero ry’abantu, hanyuma umugore ava muri rya shengero atereza akamo hejuru ati: «Irahiriwe inda yagutwaye, eka n’amabere wonse arahiriwe!» Yezu aramwishura ati: «Hahiriwe nyabuna abumviriza Ijambo ry’Imana kandi bakarirangura!»