Bose: Wewe Yezu Mukama wa Mukiza wacu
Uri Mukaristiya, turagusenga.
1. Ur’Umucunguzi
Watukikije,
WA
mwana wa Mungu
Ntakikunanira.
2.Waratubariye,
Ukitwigisha,
Ngo:
Ma bana banje,
Nzohora mbatunga.
3. Musanzwe
mugowe
Ni muz’iwanje,
Har’ico mushaka,
Munsabe murone.
4. Twibutse
Mukama,
Ivyo wavuze,
niho twese tuje,
Kund’udutabara.
5. Turi mu magorw,
Uratuhoza,
Tuneshe
kiranga,
Uratukomeza.
6. Wa Rugira vyose,
Turakusavye,
Twes’imisi yose,
Tub’abana bawe.
7. Yezu
tumenyeshe,
Amabwirizwa,
Tuhe
n’amagara,
Y’ukukukorera.
Aleluya, aleluya.
Yeruzalemu, igine Umukama,
ni we arungikira isi ijambo ryiwe.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (17, 11-19)
Muri irya misi, Yezu yariko aragenda i Yeruzalemu, aca ku rubibe rwa Samariya n’Ubugalile. Ariko araca mu mihana yaho, hakaba abantu cumi barwaye imibembe baza bagana iyo yari ari. Bashira ijwi hejuru bakiri kure, bati: «Yezu, Mwigisha, tugirire ikigongwe!» Na we ngo ababone, arababwira ati: Nimugende mwiyereke abaherezankuka.»  Na bo bashitse mu nzira, babona bakize.
Umwe muri bo rero ngo abone yakize, aca asubira inyuma, aza arishongora aninahaza Imana; ashitse imbere ya Yezu; akubita ibipfukamiro hasi amukurira ubwatsi. Kandi uno yari Umunyasamariya. Yezu rero arabaza ati: «Mbega, ntibakize bose uko bari icumi? Nta wundi yoboneka ngo agaruke aninahaze Imana, atari uwo munyankiko! Araheza amubarira ati: «Va hasi, ugende; ukwemera kwawe kuragukijije.»