Bose: Yezu yaje kubana natwe ngo atwihebere
gose,
         Â
Ari hano tumwishimire, tumwemere niwe Mungu
Â
  1. Ndabon’ikisa n’umukate,
   Yamara
si wo ni wewe, wabivuze, ni wewe nyene
   Ndemer’iryo jambo ryawe.
  2. Ntitugir’ubwiza n’intete, ntitufise
n’amagara
   Ntitumenya kukora neza, Tuhora tugukengera.
 3. Yezu Kristu wa Mwami wacu, ni twe bawe
tukuzamba.
   Udutunge uduh’inema, udufashe tugukunde.
 4. Ino turi hafi ya Yezutumweger’uko dushaka
   Tuze
rero tuteramire, Umwami wac’adukunda.
 5. Garur’abacumuye nabi, bagirire n’ikigogwe
   Â
Ntutwihore, ntutwim’inema tubon’ikituruhura.
 6. Nta n’uwo dukunda nka wewe, ntitwoba
rer’ibigaba,
   Tuza
guheb’ibigutuka, ntitwibagir’utuhaye.
Aleluya.
Kristu yavuye mu cobo,
We bari babamvye ku musaraba.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (16, 12-15)
Muri irya misi,
Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: «Ndacari n’ibindi vyinshi nobabwiye,
ariko ubu ntimwoshobora kuvvakira. Aho Mutima w’ukuri azozira, azobahishuka
ukuri kwose; nkako ntazovuga ivyiwe, azobabwira ivyo azoba yumvise, agireko
ababarire ibizoza. Aho nyene ni Jewe azoninahaza, kuko azobabwira ivyo akuye
iwanje. Ivyo Data afise vyose ni ivyanje. Ni co gituma navuze nti: Ivyo azoba
akuye iwanje ni vyo azobamenyesha.»