1. Yezu wamye ur’Umwami w’ibihugu n’imishaha,
Vyose bigenda ku bwawe, nta nganji itar’iyawe.
2. Ababisha baragize ngo: twamwanse ntatugabe,
Yamara twebw’abasavyi, nta wundi Mwami twemeye.
3. Yezu Mwami w’amahoro gomor’abagome banka,
Garura
n’abazimiye, bajane m’uruhongore.
4. Ni co gituma wapfuye, Ubambwa ku Musaraba,
Nico
nyene wasogoswe wa Mushaha wadukunze.
5. N’ico kandi kigutuma, kwihisha mu Karistiya,
Uhembuz’abana bawe, Amaraso abakiza.
6. Hose barakwita Mwami, abakuru n’abasuku,
Bose
bakuninahaza, mu ngoro no mu gasago.
7. Ni ko Yezu ganza bose, ganz’Abami
nganz’ingabo
Ibihugu bikwemere, menyekana ganza sabwa.
8. Yezu Kristu niyubahwe, we aganz’abami bose,
Imyaka na Mana Data, kumwe na Mana Mutima.
Aleluya.
Nimugende, mwigishe abantu bose!
Nanje nzokwamana namwe imisi yose
gushika ku muhero w’isi.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (16, 29-33)
Muri irya misi,
Abigishwa babwiye Yezu bati: «Ugiye rero wabirangura kandi nturinze guca imigani. Ubu ni ho tukibona ko uzi vyose, ata wurinze kukubaza. Ni co gituma twemeye ko waje uva mu nda y’Imana.» Yezu abishura ati: «Mbega noneho muremeye? Ng’ico igihe kirageze, kiramaze mbere gushika, aho muza gushwiragira umwe umwe, munsige ndi umwe. Nako sindi jenyene, Data ari kumwe nanje. Nababwiye ivyo, ngo muri jewe mugire amahoro. Kw’isi muzobona amagorwa, yamara mugumye umutima! Natsinze isi.»