Bose: Ikizotumara inyota dufitiye Ubwami bwawe,
         Â
N’Abasaseredoti beza wirungikiye mu Burundi.
Â
 1. Turavyemeye mukama, turi aba Ekleziya yawe,
  Â
Ushaka ko irema iwacu, ugomba ko ishinga imizi.
Â
 2. Mbega ivyo bizoshoboka, utitoreye imvukira,
   Imvukira
nyishi cane, ng’uzigirir’abakozi.
Â
 3. Abana i burundi ng’abo, wama uhiremera benshi,
  Â
Toramw’abo wigomewe, Ubagir’intumwa zawe.
Â
 4. Ubwenge ntibabubuze, n'ubuhumure bubone,
   Â
Buboneshe ukuri nyakwo, ukuri kwavuy’iwawe.
Â
Aleluya, aleluya.
Yeruzalemu, igine Umukama,
ni we arungikira isi ijambo ryiwe.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (17, 11-19)
Muri irya misi, Yezu yariko aragenda i Yeruzalemu, aca ku rubibe rwa Samariya n’Ubugalile. Ariko araca mu mihana yaho, hakaba abantu cumi barwaye imibembe baza bagana iyo yari ari. Bashira ijwi hejuru bakiri kure, bati: «Yezu, Mwigisha, tugirire ikigongwe!» Na we ngo ababone, arababwira ati: Nimugende mwiyereke abaherezankuka.»  Na bo bashitse mu nzira, babona bakize.
Umwe muri bo rero ngo abone yakize, aca asubira inyuma, aza arishongora aninahaza Imana; ashitse imbere ya Yezu; akubita ibipfukamiro hasi amukurira ubwatsi. Kandi uno yari Umunyasamariya. Yezu rero arabaza ati: «Mbega, ntibakize bose uko bari icumi? Nta wundi yoboneka ngo agaruke aninahaze Imana, atari uwo munyankiko! Araheza amubarira ati: «Va hasi, ugende; ukwemera kwawe kuragukijije.»