1.
Turakuririmbiye, we Mariya
Wewe nyene Imana, wewe nyen´Imana
Mariya we ndanga wavyaye nyen´inganji
Turakuririmbiye we Mariya.
2.
Turakuririmbiye we Mariya,
Wewe nyen´iteka, wewe nyen´iteke
Mariya munywanyi, winywaniye n´Imana
Turakuririmbiye we Mariya.
3.
Turakuririmbiye we Mariya
Wew´inarukundo, wew´inarukundo,
Mariya muvyeyi, wavyay´abantu bose
Turakuririmbiye we Mariya
4.
tiurakuririrmbiye we Mariya,
Wewe inakigongwe wewe inakigongwe,
Mariya we ntwari utsind´amashetani,
Turakuririmbiye we Mariya.
5.
Turakuririrmbiye we Mariya,
Wewe ntagahonzi, wewe ntagahonzi.
Mariya we nyange itigez´inyagirwa.
Turakuririmbiye, we Mariya.
Aleluya.
Kristu yavuye mu cobo,
We bari babamvye ku musaraba.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (16, 12-15)
Muri irya misi,
Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: «Ndacari n’ibindi vyinshi nobabwiye,
ariko ubu ntimwoshobora kuvvakira. Aho Mutima w’ukuri azozira, azobahishuka
ukuri kwose; nkako ntazovuga ivyiwe, azobabwira ivyo azoba yumvise, agireko
ababarire ibizoza. Aho nyene ni Jewe azoninahaza, kuko azobabwira ivyo akuye
iwanje. Ivyo Data afise vyose ni ivyanje. Ni co gituma navuze nti: Ivyo azoba
akuye iwanje ni vyo azobamenyesha.»