1. Umutima
wanje, uraninahaza Mungu.
2. Umushaha
wanje wahimbajwe na Mungu We Mukiza Wanje.
3. Kuko yibutse
umuntu wiwe Muto muto, kuva ubu abantu bose bazonyita Muhigwe.
4. Kuko
Rugira Vyose yangiriye ibitangaro, izina ryiwe ni ritagatifu.
5. Agirira ikigongwe
abamwubaha bose, ba se n’abana.
6. Yerekanye
inganji yiwe, yasanzaje abikuririza
Mw’itunga ryabo.
7. Yakuye
ku ngoma abanini banini aninahaza abatagira uburyo.
8. Aboro
yabahaye ivyiza vyinshi, na bo abakungu abasiga bifumbereje.
9. Yahangaje
Israeli Umwana wiwe, yibuka ikigongwe ciwe.
10. Nkuko
yari yabiraganye na basokuruza, Iburahimu
N’abuzukuruza, ngo we azokwama
akibagirira.
11.
Haninahazwe Mungu Data na Mungu Mwana,
Na Mungu Mutagatifu.
12. Nkuko
vyamyeho na mbere hose, ni bibeko n’ubu
No mu myaka yose.
Aleluya, aleluya,
Nyumvisha amabwirizwa yawe, Mukama, maze ndayazigame,
ndayarangure n’umutima wanje wose.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (11, 27-28)
Muri irya misi ,Yezu yariko arayagira ishengero ry’abantu, hanyuma umugore ava muri rya shengero atereza akamo hejuru ati: «Irahiriwe inda yagutwaye, eka n’amabere wonse arahiriwe!» Yezu aramwishura ati: «Hahiriwe nyabuna abumviriza Ijambo ry’Imana kandi bakarirangura!»