1. Umutima
wanje, uraninahaza Mungu.
2. Umushaha
wanje wahimbajwe na Mungu We Mukiza Wanje.
3. Kuko yibutse
umuntu wiwe Muto muto, kuva ubu abantu bose bazonyita Muhigwe.
4. Kuko
Rugira Vyose yangiriye ibitangaro, izina ryiwe ni ritagatifu.
5. Agirira ikigongwe
abamwubaha bose, ba se n’abana.
6. Yerekanye
inganji yiwe, yasanzaje abikuririza
Mw’itunga ryabo.
7. Yakuye
ku ngoma abanini banini aninahaza abatagira uburyo.
8. Aboro
yabahaye ivyiza vyinshi, na bo abakungu abasiga bifumbereje.
9. Yahangaje
Israeli Umwana wiwe, yibuka ikigongwe ciwe.
10. Nkuko
yari yabiraganye na basokuruza, Iburahimu
N’abuzukuruza, ngo we azokwama
akibagirira.
11.
Haninahazwe Mungu Data na Mungu Mwana,
Na Mungu Mutagatifu.
12. Nkuko
vyamyeho na mbere hose, ni bibeko n’ubu
No mu myaka yose.
Aleluya, aleluya. Ijambo rya Kristu niribashike ku nyota Ku bwa Kristu, nimukengurukire Imana Umuvyeyi wacu. Aleluya.
Ivyo du soma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk'uko yashikirijwe na Matayo (18, 1-5.10.12-14)
Muri irya misi, abigishwa begereye Yezu bamubarira bati: «Umukuru mu Bwami bw'ijuru ni nde?» Yezu yakuye akana agashira hagati yabo ati: «Ndababwiye, ni ivy'ukuri: mudahindutse ngo mube nk'abana batoyi, ntimuzokwinjira mu Bwami bw'ijuru. Uwuzokwicisha bugufi akamera nk'aka kana, ni we asumba abandi mu Bwami bw'ijuru. Uwufata neza ku bwanje akana nk'aka, ni jewe aba afashe neza. Murazi umuziro, ntihagire na kamwe mukengera muri utu twana, kuko, ndabibabariye, abamarayika babo bama imbere ya Data wo mw'ijuru bamwihweza.
Mbwire namwe: nk'umuntu afise intama ijana, imwe muri zo igatakara, ntaca arekera ku musozi zimwe mirongo icenda n'icenda akaja kurondera iyatakaye? Agize imana akayitora, ni ivy'ukuri ndababariye, izomutera akanyamuneza karuta zimwe mirongo icenda n'icenda zitari zatakaye. Uko ni ko bidakundwa na So wanyu wo mw'ijuru, ko kamwe muri utwo twana gatakara.»