1. Uduhezagire, we Nyina wa Mungu,
Bikira Mariya, we rembo ry’ijuru. (2)
2. Turakuramutsa, nk’Umumalayika,
Dutunge dukize, duhe n’amahoro. (2)
3. Bohora ababoshwe, bonesha abahumye,
Kiza
abarushwa, duhe ivyiza vyose. (2)
4. Tubere umuvyeyi, saba n’Umukama,
Yezu
mwana wawe, we yaducunguye.
5. Bikira Mweranda, we Nyina w’Imana,
Tsinda ingeso mbi, mu mitima yacu.
(2)
6. Tugire beranda, tujane mw’ijuru.
Tuboneho Yezu, tunezerwe nawe. (2)
7. Ni tuninahaze, hose Mungu, Data
Mwana
Mungu nka we, na Mungu Mutima. (2)
Aleluya, aleluya.
Yeruzalemu, igine Umukama,
ni we arungikira isi ijambo ryiwe.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (17, 11-19)
Muri irya misi, Yezu yariko aragenda i Yeruzalemu, aca ku rubibe rwa Samariya n’Ubugalile. Ariko araca mu mihana yaho, hakaba abantu cumi barwaye imibembe baza bagana iyo yari ari. Bashira ijwi hejuru bakiri kure, bati: «Yezu, Mwigisha, tugirire ikigongwe!» Na we ngo ababone, arababwira ati: Nimugende mwiyereke abaherezankuka.»  Na bo bashitse mu nzira, babona bakize.
Umwe muri bo rero ngo abone yakize, aca asubira inyuma, aza arishongora aninahaza Imana; ashitse imbere ya Yezu; akubita ibipfukamiro hasi amukurira ubwatsi. Kandi uno yari Umunyasamariya. Yezu rero arabaza ati: «Mbega, ntibakize bose uko bari icumi? Nta wundi yoboneka ngo agaruke aninahaze Imana, atari uwo munyankiko! Araheza amubarira ati: «Va hasi, ugende; ukwemera kwawe kuragukijije.»