Bose: Sabwa sabwa sabwa Mariya. (2)
1.Bikira Mariya udutabare,
We rutungaboro, ntuduhebuze.
2. Wibuke
Mariya ba bana bawe,
Ni twebwe barushwa, turatakamvye.
3.Yezu Kristu nyene, wa Mwana
wawe, yarakuduhaye ngo udutunge.
4.
Niko turi babi, tugambarara,
Yamara umuvyeyi, aribagira.
5.Kenshi amashetani, araduhenda,
Niho
tugusavye, we mawe
Mwiza.
6.Ingo utugwanire, ingo udukize,
Tubashe gukunda, Yezu
Na
wewe.
7.Umwana atabaza, uwamuvyaye
Na twe mu magorwa,
Tuzoza iwawe.
8.Tuhangaze, Mawe,
Imisi yose, tuze tukwigane
Tujane
nawe
Aleluya, aleluya.
Yeruzalemu, igine Umukama,
ni we arungikira isi ijambo ryiwe.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (17, 11-19)
Muri irya misi, Yezu yariko aragenda i Yeruzalemu, aca ku rubibe rwa Samariya n’Ubugalile. Ariko araca mu mihana yaho, hakaba abantu cumi barwaye imibembe baza bagana iyo yari ari. Bashira ijwi hejuru bakiri kure, bati: «Yezu, Mwigisha, tugirire ikigongwe!» Na we ngo ababone, arababwira ati: Nimugende mwiyereke abaherezankuka.»  Na bo bashitse mu nzira, babona bakize.
Umwe muri bo rero ngo abone yakize, aca asubira inyuma, aza arishongora aninahaza Imana; ashitse imbere ya Yezu; akubita ibipfukamiro hasi amukurira ubwatsi. Kandi uno yari Umunyasamariya. Yezu rero arabaza ati: «Mbega, ntibakize bose uko bari icumi? Nta wundi yoboneka ngo agaruke aninahaze Imana, atari uwo munyankiko! Araheza amubarira ati: «Va hasi, ugende; ukwemera kwawe kuragukijije.»