1. Uri petro nukuvuga ikinja nitoreye.
Ndaryubatseko, ndaryubatseko, ndaryubatseko, Ekleziya,
Ekleziya
yanje, ndabikubwiye uri ikinja nitoreye.
2. Ni wewe Mwungere n’undagirire utwagazi,
Ngusigaranye, ngusigaranye, ngusigaranye, Ekleziya,
Ekleziya yanje, Ndabikubwiy’uri ikinja
nitoreye.
Aleluya, aleluya.
Amajambo yawe, Mukama, aduha umutima n'ubuzima,
kuko ari Wewe ufise amajambo y'ubuzima budahera.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk'uko yashikirijwe na Luka (7, 31-35)
Muri irya misi, Yezu yabariye ishengero ry'Abayuda ati: «Mbe abantu ba none nobagereranya na nde? Basa na nde? Basa n'abantu bicaye ku nama bagahamagarana bakabwirana bati: Twabavugirije umwironge ntimwatamba; twakomye induru ntimwarira. Raba, Yohani Batista yaje ata mukate arya, ata mvinyu anywa; none muvuga muti: arimwo ishetani. Umwana w'umuntu yaje arya, anywa; none muvuga muti: Ni umuryi wa cane, ni umunywi w'imvinyu, ni umukunzi w'abatozakori n'abanyabicumuro. Ariko, Ubwitonzi bwerekanywe n'abana babwo bose.»