1. Mukunzi wa Kristu, akira urugori,
umunywanyi
wawe yaguteguriye utararemwa.
Shemeza
Umukama kuk’ari mwiza
Nkako
Ubuntu bwiwe bwamaho imyaka yose.
2. Eka mbere inzu ya Israeli n’ibivuge iti: /
Ego cane ubuntu bwiwe bwamaho imyaka yose.
3. Kandi n’umuryango wa Aroni n’ubivuge uti /
Ubuntu bwiwe bwamaho imyaka yose.
4. Maze n’abatinya Umukama bose nibabivuge
bati:
Ego
cane Ubuntu bwiwe bwamaho imyaka yose.
5. Mu makuba natabaje umukama /
Ataknyumvira anshira mu nzira nziza.
6.Hakwitur’abantu / Worondera amahungiro ku
Mana.
7. Hako wishimira bene ingoma,
Worondera amahungiro ku Mana.
8. Umukama niwe magara yanje nanje nzomuyaga
Kanatsinda niwe yankijije.
9. Impundu zo gutabaruka abansi zirahaniranwa
Mu
nzu z’Aberanda/.
Ukuboko kw’Umukama kwaragize ibitangaro
10. Ukuboko kw’Umukama kwaratsinze/
Ukuboko kw’Umukama kwarakoze ibitangaza.
11.Sinzopfa nzohoraho/Kandi nzohayagiza
ibikorwa vy’Umukama.
12. Nyugururira inzugi z’ubutungane,
Mpave ninjira ngo ninahaze Umukama.
13. Ng’iryo irembo ry’Umukama/
Aberanda nibo bashobora kwinjira.
14.Nzogushemeza/ kuko wanyumviye ukankiza.
15. Rya buye abubaka batora bagashibura
Ni
ryo ryabaye iremezo
16. Ivyo bitangaza twabonye/ vyabonetse kubwo Umukama.
17. Nguyo umusi Umukama yagize/Turanezerewe,
turahimbawe.
18. Aragahezagirwa uwuje kw’izina ry’Umukama/
Turakuninahaza mu ngoro y’Imana.
19. Umukama ni we Mana ni we aduha umuco gira umusi
mukuru
Mushaze iwe gushika mu masonga ya Altari.
20. Ewe Mukama wanje nzogushimagiza, Mukama
wanje/
Nzogushemeza waranyumviye urandokora.
21. Shemeza Umukama kuko ari mwiza/kukaba nkako
Ubuntu
bwiwe bwamaho imyaka yose.
22. Haninahazwe Data na Mwana/na Mutima
Mutagatifu.
23. Nk’uko vyamye hambere hose/Nibibeko n’ubu
n’imyaka yose
Aleluya. Yezu Kristu, Wewe cabona c’intahemuka, ari Wewe mfura y’abazuka mu bapfuye, uradukunda ukadukiza ibicumuro mu maraso yawe. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 60-69)
Muri irya misi,
Bumvise aya majambo Yezu yavuze ati: «Uwurya umubiri wanje akanywa
n’amaraso yanje arafise ubuzima budahera.», benshi mu bigishwa biwe bavuga
bati: «lyo mvugo iratugumiye, ni nde yoyemera?» Yezu yamara aca aramenya mu
mutima wiwe ko abigishwa biwe bavyidogera, arababwira ati: «Ivyo
birabatirimutsa? Hari akantu nimwabona Umwana w’umuntu aduze iyo ahora… Umutima
ni wo ubeshaho, umubiri nta co umara. Amajambo nababwiye ni umutima n’ubuzima.
Yamara muri mwebwe, harimwo bamwe batemera.» Na none Yezu kuva mu ntango yari
azi abatemera n’uwari kumugusrisha. Arongera ati: «Ni co gituma ndababwiye ko
ata woza iwanje, Data atabimuhaye.» Kuva ubwo, benshi mu bigishwa biwe baciye
biyonjorora, ntibaba bakimugendanira.
Yezu rero abwira bamwe cumi na babiri ati: «Namwe, mushaka kwigira?» Simoni
Petero aramwishura ati: «Mukama, turi bwirukire nde wundi? Ko ari wewe ufise
amajambo y’ubuzima budahera. Tweho twaremeye kandi turazi ko uri Umweranda
w’Imana.»
Â