Icitabirizo:
Umvirize Murabe ingene Umukama ari mwiza
Â
1. Nzoninahaza Umukama ntanaryo,
   Nzoyihaya ntahengeshanya.
2. Nanje
nyene ninahajwe na Rugira,
   Abantu batobato ni bumve bahimbarwe.
3. Mushire
hamwe dushemeze Umukama,
   Duhwanire guhaya izina ryiwe.
4.
Nirukira Umukama akantabara,
    Akamara ubwoba bwose mfise.
5. Bane
uweza amaso Imana ntazoteterwa,
   Ntazokwigera araba nk’ikimangare.
6.
Hari umurushwa yatabaje Imana,
   Iramwumvira imukiza amagogwa yose afise.
7.
Umumalayika w’Umukama,
   Yama iruhande y’abasavyi biwe akabakingira
8. Umvirize
murabe ingen’Umukam’ari mwiza,
    Hahiriwe uwumuhungirako.
9. Ni
mwubahe Umukama mwa ntore ziwe,
   uwumwubaha ntaco akena.
10.
Umukurira w’igikoko urakena ugasonza,
     Uwirukira Umukama nta ciza abura.
11. Ni
haninahazwe Data na Mwana
     Na Mutima Mutagatifu.
Aleluya. Yezu Kristu, Wewe cabona c’intahemuka, ari Wewe mfura y’abazuka mu bapfuye, uradukunda ukadukiza ibicumuro mu maraso yawe. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 60-69)
Muri irya misi,
Bumvise aya majambo Yezu yavuze ati: «Uwurya umubiri wanje akanywa
n’amaraso yanje arafise ubuzima budahera.», benshi mu bigishwa biwe bavuga
bati: «lyo mvugo iratugumiye, ni nde yoyemera?» Yezu yamara aca aramenya mu
mutima wiwe ko abigishwa biwe bavyidogera, arababwira ati: «Ivyo
birabatirimutsa? Hari akantu nimwabona Umwana w’umuntu aduze iyo ahora… Umutima
ni wo ubeshaho, umubiri nta co umara. Amajambo nababwiye ni umutima n’ubuzima.
Yamara muri mwebwe, harimwo bamwe batemera.» Na none Yezu kuva mu ntango yari
azi abatemera n’uwari kumugusrisha. Arongera ati: «Ni co gituma ndababwiye ko
ata woza iwanje, Data atabimuhaye.» Kuva ubwo, benshi mu bigishwa biwe baciye
biyonjorora, ntibaba bakimugendanira.
Yezu rero abwira bamwe cumi na babiri ati: «Namwe, mushaka kwigira?» Simoni
Petero aramwishura ati: «Mukama, turi bwirukire nde wundi? Ko ari wewe ufise
amajambo y’ubuzima budahera. Tweho twaremeye kandi turazi ko uri Umweranda
w’Imana.»
Â