Bose: Yezu
yagize Ukaristiya, ngo adufungurire umukate,
Adukomeze imisi yose, dukure mu
rukundo rwiwe.
1. Egome
yaradupfiriye, ariko ntaho yadutaye,
Yaragomvye kubana na twebwe,
mw’Isakramentu ry’urukundo.
2. Abagowe
ni bamwegere, abakize ubukene bwabo,
Abahe ingeso bakeneye, n’ivyiza vyose
banyotewe.
3. Urukundo
Yeze adukunda, rumutuma kurinda irungu,
Ntaho aheba itabernakulo n’iyo
tutamuteramiye.
4. Urya nawe amwirengagiza,
aragowe kandi akiriko,
Kuko ahunge isoko ry’itunga, ridahitanwa
n’umuyaga.
5. Mwami wa twese tuje imbere, twikorere wa musalaba,
Uducire impera y’ijuru, waraganiye abana
bawe.
6.
Mugabekazi w’imitima, tegurira ikibondo cawe,
Imitima y’abana bawe, ngo dusangire
dushajije.
Aleluya, aleluya.
Umukiza wacu Yezu Kristu yaratsinze urupfu;
yarabonesheje ubuzima n’umuco,
mu kudushikiriza Inkuru nziza.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (11, 15-26)
Muri irya misi, Yezu yari yirukanye ishetani ngo ive mu muntu w’ikiragi. Mugabo bamwe mu bari aho bagira bati: «Yirukana amashetani kubwa Belizebuli, umwami w’amashetani.» Abandi na bo, kugira ngo bamugeze, bamubwira bati: «Twereke ikimenyetso kivuye mw’ijuru.»
We rero yari azi ico biyumvira, ababwira ati: «Ubwami bwose budashira hamwe
buzohona, amazu na yo agwaneko. Ko mugize ngo nirukana amashetani kubwa
Belizebuli, none shetani niyaba iriko irirwanya, ubwami bwayo buzorama bute?
Ngasangwa nanje nirukana amashetani kubwa Belizebuli, abana banyu bayirukanisha
iki? Ni co gituma bazobabera bo nyene abacamanza. Yamara ngasangwa nirukana
amashetani ku bubasha bw’Imana, Ubwami bw’Imana bwabashikiriye.
Iyo umugabo akomeye, ari n’umuheto, akararira urugo rwiwe, ivyiwe
ntakibikakaza. Ariko haramutse haje uwumurusha inguvu akamutsinda, aca amwaka
wa muheto yari yishimiye, kandi ivyo amwambuye agaca abitanga.
Uwo tudashize hamwe aranyaka, uwo twimburira kubiri arasesagura.
Iyo shetani y’ibiterasoni ivuye mu muntu, irayerera mu bunoge, irondera aho yoruhukira, ariko ntihabone. Iraheza rero ikavuga iti: Nza kwisubirira mu nzu yanje navuyemwo. Igarutse, isanga ata nkomakomyi, isukuye kandi isikuye. Ikagenda noneho kuzana ibindi bishetani indwi biyisumwa ububi; vyinjiye bikayigumanamwo, maze bikunyuka, ububi wa muntu bukaruta ubwa mbere.»