Bose: Ni
mwamize agatima,
Ku vyiza vy’ijuru Allelua.
1. Ko
mwazutse hamwe na Kristu, rondera ivyiza vy’ijuru.
Aho Kristu avyagiye, iburyo bwa Data.
2. Ni
yaseruka we buzima bwanyu, tera impundu mumuhaye,
Muzorenguka hamwe na we,
mwuzuye ubuninahazwa.
3. Ko
yaberetse urukundo ntangere, niko namwe mwobigira,
Inyigisho y’Umukama, irondoke muyigumye.
4. Ko
mwarokotse kubwa Kristu Mukama, ni mumukengurukire,
Mumushemeze mumwigine, ku vyiza yabagiriye.
5. Mwe mwa
ntore mwashimwe na Kristu, yabashubije bazima,
Akabi mwakoze, mumuyobokere hose.
Aleluya. Kristu yarazutse, ntagishobora gupfa; urupfu ntirukimushobora. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 35-40)
Muri irya misi,
Yezu yabariye Abayuda ati: «Jewe ndi wa mukate w’ubuzima: uwunyegereye
ntazoba agisonza, kandi uwunyemeye ntazoba akinyoterwa. Ariko ndabibabwiye:
mwambonye yamara ntimwemera. Ico Data yampaye cose kizonyegera, vyongeye uwunyegereye
wese sinzomuta hanze; kuko ntavuye mw’ijuru ngo nkore ico nishakiye, navuyeyo
ngo nkore ico uwantumye ashaka: ni uko ntogira uwo ntakaza mu bo yampaye bose,
ndabazure nyabuna ku musi w’imperuka. Kuko ico Data ashaka ari uko uwubonye
Mwana akamwemera yoronka ubuzima budahera, nanje nyene nkazomuzura ku musi
w’imperuka.»