Bose: Ni
mwamize agatima,
Ku vyiza vy’ijuru Allelua.
1. Ko
mwazutse hamwe na Kristu, rondera ivyiza vy’ijuru.
Aho Kristu avyagiye, iburyo bwa Data.
2. Ni
yaseruka we buzima bwanyu, tera impundu mumuhaye,
Muzorenguka hamwe na we,
mwuzuye ubuninahazwa.
3. Ko
yaberetse urukundo ntangere, niko namwe mwobigira,
Inyigisho y’Umukama, irondoke muyigumye.
4. Ko
mwarokotse kubwa Kristu Mukama, ni mumukengurukire,
Mumushemeze mumwigine, ku vyiza yabagiriye.
5. Mwe mwa
ntore mwashimwe na Kristu, yabashubije bazima,
Akabi mwakoze, mumuyobokere hose.
Aleluya.
Nimugende, mwigishe abantu bose!
Nanje nzokwamana namwe imisi yose
gushika ku muhero w’isi.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (16, 29-33)
Muri irya misi,
Abigishwa babwiye Yezu bati: «Ugiye rero wabirangura kandi nturinze guca imigani. Ubu ni ho tukibona ko uzi vyose, ata wurinze kukubaza. Ni co gituma twemeye ko waje uva mu nda y’Imana.» Yezu abishura ati: «Mbega noneho muremeye? Ng’ico igihe kirageze, kiramaze mbere gushika, aho muza gushwiragira umwe umwe, munsige ndi umwe. Nako sindi jenyene, Data ari kumwe nanje. Nababwiye ivyo, ngo muri jewe mugire amahoro. Kw’isi muzobona amagorwa, yamara mugumye umutima! Natsinze isi.»