Bose:
Nzobaha Umutima mushasha,
Mbashiremwo umuzirikanyi mushasha.
1.
Nzobakuramwo umutima w’agatimatare
Ndabahe umutima woroshe.
2.
Nzobashiramwo umuzirikanyi wanje,
Mpeze ndabahe kugendera amategeko yanje
No gusonera no kurangura amabwirizwa yanje.
Aleluya, aleluya,
Nyumvisha amabwirizwa yawe, Mukama, maze ndayazigame,
ndayarangure n’umutima wanje wose.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (11, 27-28)
Muri irya misi ,Yezu yariko arayagira ishengero ry’abantu, hanyuma umugore ava muri rya shengero atereza akamo hejuru ati: «Irahiriwe inda yagutwaye, eka n’amabere wonse arahiriwe!» Yezu aramwishura ati: «Hahiriwe nyabuna abumviriza Ijambo ry’Imana kandi bakarirangura!»